{"id":6222,"date":"2021-03-20T11:36:23","date_gmt":"2021-03-20T10:36:23","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6222"},"modified":"2023-08-16T17:18:40","modified_gmt":"2023-08-16T15:18:40","slug":"kwuzuza-no-gusinyisha-impampuro-zimitsindo-birahanze-abayobozi-bamashure-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kwuzuza-no-gusinyisha-impampuro-zimitsindo-birahanze-abayobozi-bamashure-burundi\/","title":{"rendered":"Kwuzuza no gusinyisha impampuro z\u2019imitsindo birahanze abayobozi b\u2019amashure"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abayobozi b\u2019amashure shingiro n\u2019ay\u2019inyuma y\u2019ishure shingiro mu Burundi barahanzwe n\u2019ikibazo kijanye no kwuzuza (compl\u00e9ter) no gusinyisha impapuro z\u2019imitsindo (ama certificats\/dipl\u00f4mes) z&rsquo;abanyeshure bahejeje kwiga. Mu bushikiranganji bw\u2019indero bati ico kibazo kirazwi.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uti none kwuzuza impapuro z\u2019imitsindo bibagorera he? Umwe mu bayobozi b\u2019ishure ry\u2019inyuma y\u2019ishure shingiro agira ati : <em>\u00ab<\/em><em> Tubanza kugura ico bita \u201cparchemin\u201d. Ubu rero kubera hajemwo ivyigwa bishasha turandikako ivyigwa abanyeshure bize ariko ugasanga umuntu bamusubirishijemwo incuro nka zibiri canke zirenga. Hari naho mu bushikiranganji bw\u2019indero bakwereka uko ubikora ariko wasubirayo wabikoze uko bakubwiye ukumva ngo vyahindutse. Ugasanga umuntu asubiyeyo incuro nyishi kandi n\u2019uburyo buca bukeha. <\/em><em>\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Bafatiye nko ku karorero k\u2019icigwa ca TICE nubwo atariho honyene, abo bayobozi ngo kirabadiridimbisha i Bujumbura n\u2019amaguru akuma. Ngo TICE umwe ashobora kwandika : Technologies d&rsquo;informations et de Communication pour l&rsquo;Education, uwundi akagira Technologie d&rsquo;Information et de communication pour l&rsquo;Education, uwundi ugasanga yiyandikiye Technologies de l&rsquo;Information et de la Communication pour l&rsquo;Education. Ivyo bintu vyose, bamwe mu bayobozi b\u2019amashure bavuga ko ari nka bimwe ariko uwanditse ico mu bushikiranganji bw\u2019indero badashaka baca bamusubirishwamwo kandi na bo n\u2019uko baba bakubwiye ubikora usubirayo usanga vyahindutse.<\/p>\n\n\n\n<p>Ikindi kibazo abayobozi b\u2019amashure kibahanze ngo ni ica \u2018certificat d&rsquo;admission \u00e0 l&rsquo;enseignement post fondamental\u2019. Iyo na yo, ni iyo mu mwaka w\u2019icenda. Umuyobozi umwe w\u2019amashure y\u2019inyuma y\u2019ishure shingiro agira ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Mu bushikiranganji bw\u2019indero batubwira ko iyo \u2018certificat d\u2019admission\u2026\u2019 isinyishwa ku muyobozi w\u2019indero mu ntara (DPE) ariko umuntu agiye gusinyisha \u2018dipl\u00f4me\u2019 y&rsquo;umwana mu bushikiranganji bw\u2019indero batubwira ngo iyo certificat yasinywe na DPE ni ukongera kuyisinyisha mu bushikiranganji bw\u2019indero. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Nta kindi basaba\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kubera ko bama basubirishwamwo kenshi, abayobozi b\u2019amashure ugasanga ntibanahuriza ku kwuzuza kumwe impapuro zimitsindo z\u2019abanyeshure, basaba ubushikiranganji bw\u2019indero ko izo \u2018certificats\u2019 canke \u2018dipl\u00f4mes\u2019 zikiri nshasha boza barazisohora mu ma \u2018imprimeries\u2019 ivyo vyigwa vyose vyanditseko. Hama abayobozi bagashirako izina ry&rsquo;umwana, umwaka yavukiyeko, aho yavukiye, ishure yigako hamwe n\u2019igisata yakurikiranye gusa.<\/p>\n\n\n\n<p>Barasaba kandi ko bomenya uwusinya kuri \u2018certificat d&rsquo;admission \u00e0 l&rsquo;enseignement post fondamental\u2019 uwo ari we. Ko isinyigwa mu buyobozi bw\u2019indero mu ntara canke ari mu bushikiranganji bw\u2019indero, gutyo ibikorwa babikore neza kandi boroherwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Umuyobozi mukuru w\u2019inyigisho z\u2019amashure shingiro n\u2019ay\u2019inyuma y\u2019ishure shingiro mu bushikiranganji bw\u2019indero Jeanine Ihorihoze, kuri terefone, avuga ko iyo abayobozi bagize ikibazo canke hari akangonongono bafise, ko bafise inzego zibakuriye bobicishamwo, bahereye ku muyobozi w\u2019indero muri komine (DCE), bidakunze, DCE akabishikana mu buyobozi bw\u2019indero mu ntara (DPE) mu gihe bidakunze naho, umu DPE agaheza akabishikana mu bushikiranganji bw\u2019indero.<\/p>\n\n\n\n<p>Jeanine Ihorihoze amenyesha ko ivyo vy\u2019ama dipl\u00f4mes n\u2019ama certificats ari ikibazo c\u2019ubuhinga, kandi abo bayobozi b\u2019amashure bazi aho babicisha, anavuga kandi ko hari n\u2019imigwi ya WhatsApp bahuriramwo bashikiririzamwo ibibazo bafise. Ko rero ivyo bibazo vyabo babizi.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abayobozi b\u2019amashure shingiro n\u2019ay\u2019inyuma y\u2019ishure shingiro mu Burundi barahanzwe n\u2019ikibazo kijanye no kwuzuza (compl\u00e9ter) no gusinyisha impapuro z\u2019imitsindo (ama certificats\/dipl\u00f4mes) z&rsquo;abanyeshure bahejeje kwiga. Mu bushikiranganji bw\u2019indero bati ico kibazo kirazwi. Uti none kwuzuza impapuro z\u2019imitsindo bibagorera he? Umwe mu bayobozi b\u2019ishure ry\u2019inyuma y\u2019ishure shingiro agira ati : \u00ab Tubanza kugura ico bita \u201cparchemin\u201d. Ubu rero [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":6223,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[631],"coauthors":[189],"class_list":["post-6222","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-amashure"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6222","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6222"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6222\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6225,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6222\/revisions\/6225"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6223"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6222"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6222"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6222"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6222"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}