{"id":6213,"date":"2021-03-18T11:43:30","date_gmt":"2021-03-18T10:43:30","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6213"},"modified":"2023-08-16T17:18:32","modified_gmt":"2023-08-16T15:18:32","slug":"kirundo-vyinshi-mutazi-kuri-mitima-joseph-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kirundo-vyinshi-mutazi-kuri-mitima-joseph-burundi\/","title":{"rendered":"Kirundo: vyinshi mutazi kuri Mitima Joseph"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Uyu mugabo wo mu ntara ya Kirundo amaze iminsi avugwa ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye ku caha co kunyaga abantu agatako akabica akanabihambira aho abaye. None uyo Mitima ni nde? Azwi gute mu kibano? Twaratohoje \u2026<\/strong> <\/p>\n\n\n\n<p>Uyu mugabo Joseph Mitima afise imyaka 63. Azwi nk\u2019umuntu arinda kandi w\u2019icihebe. Yatanguye kuboneka muri komine Bugabira ku mutumba w\u2019i Kiri mu myaka yo hagati ya 1998 na 2000. Yari avuye mu ntara ya Ngozi. Yatumbereye mu Bugabira nk\u2019umuntu aje kuharondera indimiro zo kurima kuko yari aje afise amakuru yuko himbuka.<\/p>\n\n\n\n<p>Niko gutangura kugura indimiro z\u2019abantu zitandukanye. ahavuye yerekana ko ari umuntu akeneye indimiro yaguze mugabo agaca aza arakenera n\u2019iz\u2019abandi bahana imbibe mu kubarengera biboneka, uwugize aravuga agaca amushirako amakofe. Uyo mugabo aca atangura kumenyekana ukwo, kuko yama mu butungane.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uko yatanguye amangetengete \u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mitima yatanguye kwadukana ibintu vyo gufata udukoko twitwa utunyamasyo (tortue mu gifaransa). Ako kanyamasyo yaragafata akagashirako ibuji hejuru agaca atangura guswaganya abantu abereka ko ari ibitanganza ariko arakora. Atangura kwihamagarira abantu abagirisha ibiteramo vyo mw\u2019ijoro yerekana ko akora ubumaji budasanzwe. Ivyo yabikora afise n\u2019uwundi mwuga yakora wo kurangura ivyuma bishaje, amasuka yaheze ariyo mafuni, n\u2019ibindi vyaheze akaza arabishora i Ngozi n\u2019i Busoni mu kirundo.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu nyuma, Mitima yahavuye yinjira mu mugwi wabavuza imiti y\u2019ikirundi. Ni ho abantu barushIrije kumumenya. Hagati aho, yarafata inzoka ku mutwe wayo, canke akirirwa ayitemberana mw\u2019ikoti. Aciye aho abantu bakoraniye akayerekana, akabemeza ko ari igihangange. Ubona n\u2019ukuntu abantu batinya inzoka, ababona ukuntu Mitima yirirwa ayitemberana baca batangura kumutinya. Batangura kumufata nk\u2019uwudasanzwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Mitima muri co gihe c\u2019imiti y\u2019ikirundi, yaramenyekanye cane. Abanyarwanda babarizwa iwiwe baje kwivuza. Abanyatanzaniya barahabaririza bakamushikira, hari n\u2019abazungu bamwituye na yo abo mu kibano bo, ntibahasiba. Biza kurangira umugabo Mitima, abantu bamuyobotse ku bwinshi. Yari yaratunganije n\u2019ibibanza bimeze nk\u2019ibitaro mu nzu ziwe. Yahakirira abagwaye canke akarazamwo indembe zamwituye. Ntawashobora kwibaza ko Mitima yica abantu, naho vyikekwa ko, abaje kumwitura bafise inoti yoba yarazibambura.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Umugabo ahindagurika \u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mitima ni umuntu ahindagurika. Yarigeze kuba ari umusenzi akomeye cane. Ntiyasiba mu rusengero. Yarasengesha mbere agasengera n\u2019ishikanwa ryaba ryatanzwe. Amaze kubivamwo, umwanya umwe wabona ariko arashwana, agwana, uwundi mwanya wasanga ariko aregeranya abantu abasororera inzoga. Agakoranya abantu barenga ijana, mu mafaranga yakuye mu mangetengete yiwe, agasororera abantu ngo ni abavyeyi babimutegetse.<\/p>\n\n\n\n<p>Mitima yarakunda kandi gukora ikintu ahanirwa, ariko gituma amenyekana. Yarigeze gukora ikosha, aca afungirwa mu gasho k\u2019inyamiramabi ka komine Bugabira. Ico gihe yaciye akurako umuryango w\u2019agasho arawuta. Aca aja mu myanda abafungwa bitezuriramwo imisonga (umwanda mukuru na muto) arivayangamwo umubiri wose aca arasohoka aritahira.<\/p>\n\n\n\n<p>Abajejwe intwaro n\u2019abamubona bose bibaza ko yasaze. Ariko bahavuye bamutegeka gusubizako umuryango w\u2019agasho awugare. Yaciye akora ikidasanzwe. Yarondeye ibifunzofunzo (ivyatsi bimera mu rufunzo) arabijisha n\u2019imigozi, abiha imforo y\u2019urugi arajana yegeka ku muryango w\u2019agasho. Aca ahamagara musitanteri amwereka ko agasho yakugaye. Ni inkuru yatwengeje abantu benshi.<\/p>\n\n\n\n<p>Rero Mitima yagiye aramenyekana mu bintu vyinshi vyo guswaganya abantu, mbere hari n\u2019abamwitura babivye ngo abagarurize ibintu, abandi ngo abagombekere. Ubu naho akaba yafatanywe ibisigarira vy\u2019abantu bagiye baraburirwa irengero. Ivyo bikaba ari na vyo vyahavuye bimushira mu gasho ko gupfungwa ubuzima bwiwe bwose, akariha n\u2019indishi y\u2019akababaro ingana n\u2019imiriyoni 55 Fbu, agatako akariha n\u2019ihadabu ya 2 200 000Fbu azoja mu gasandugu ka Reta.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Uyu mugabo wo mu ntara ya Kirundo amaze iminsi avugwa ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye ku caha co kunyaga abantu agatako akabica akanabihambira aho abaye. None uyo Mitima ni nde? Azwi gute mu kibano? Twaratohoje \u2026 Uyu mugabo Joseph Mitima afise imyaka 63. Azwi nk\u2019umuntu arinda kandi w\u2019icihebe. Yatanguye kuboneka muri komine Bugabira ku mutumba w\u2019i [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6218,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[2],"tags":[630],"coauthors":[34],"class_list":["post-6213","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-opinions","tag-kirundi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6213","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6213"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6213\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6219,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6213\/revisions\/6219"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6218"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6213"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6213"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6213"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6213"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}