{"id":6200,"date":"2021-03-12T16:19:18","date_gmt":"2021-03-12T15:19:18","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6200"},"modified":"2023-08-16T17:18:20","modified_gmt":"2023-08-16T15:18:20","slug":"urwego-nshingwakirundi-ikirundi-indero-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/urwego-nshingwakirundi-ikirundi-indero-burundi\/","title":{"rendered":"Urwego nshingwakirundi rwatanguye kumotera abarundi"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu 2014 harashizweho itegeko ry\u2019umukuru w\u2019igihugu rigena inagurwa ry\u2019urwego nshingwakirundi rwari rwashizweho n\u2019iteka ry\u2019umwami <\/strong><strong>Mwambutsa IV<\/strong><strong>n<\/strong><sup><strong>0&nbsp;<\/strong><\/sup><strong>01\/96 ryo ku wa 16 Nyakanga 1962 bivuye mu ciyumviro c\u2019umuhinga mu kirundi Jean Baptiste Ntahokaja<\/strong><strong>. None ibikorwa bigeze he?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Haraheze imyaka 59 abarundi barindiranye igishika ibikorwa vy\u2019urwego nshingwakirundi mu Burundi. Ubu ibimenyetso vy\u2019uko rushobora kuja ku kivi biratanguye kwibonekeza. Ikigo kizokoreramwo urwego nshingwakirundi ubu caratunganijwe. Kiri imbere y\u2019ubwinjiriro bukuru bwa kaminuza y\u2019Uburundi ku Mutanga, kw\u2019ibarabara ryitiriwe Mwezi Gisabo. Mbere kuri uwu wa 11 Ntwarante 2011, umushikiranganji w\u2019indero n\u2019ubushakashatsi, umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo imico kama hamwe n\u2019abandi bakaba bagendeye ico kigo. Ivyo rero bigatanga umwizero ko urwo rwego rwoba ruri mu kuja ku kivi.<\/p>\n\n\n\n<p>Yerekana intambwe bagezeko, Gaspard Banyankimbona, umushikiranganji w\u2019indero n\u2019ubushakashatsi agira ati: <em>\u00abUbwa mbere twama turiko turasigura ko ururimi rwokwitabwaho, dusigura akarusho urwego nshingwakirundi rwozana, aho twahimiriza ko kaminuza zo mu Burundi na canecane Rumuri, kaminuza y\u2019Uburundi zogira uruhara runini narirya ari zo zijejwe inyigisho zihanitse eka mbere n\u2019ubushakashatsi. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Uyo mushikiranganji avuga ko kaminuza y\u2019Uburundi yafashe iya mbere mu kwerekana ko yiteguriye kwakira ikigo nshingwa kirundi mbere n\u2019itegeko risubiramwo rigaha n\u2019intumbero ico kigo ubu ryamaze gushikanwa muri Reta kugirango iryemeze, yongere itange n\u2019abazokirongora kugira gice gitangura gukora ku mugaragaro.<\/p>\n\n\n\n<div class=\"fb-post\" data-href=\"https:\/\/www.facebook.com\/Jimbere.Magazine\/posts\/2830455213858933\" data-width=\"500\" data-show-text=\"true\"><blockquote cite=\"https:\/\/www.facebook.com\/Jimbere.Magazine\/posts\/2830455213858933\" class=\"fb-xfbml-parse-ignore\"><p>???? \u00ab\u00a0Uwutaye akaranga aba ataye akabanga\u00a0\u00bb\n&#8212;&#8212;&#8212;&#8212;&#8212;&#8212;&#8212;&#8212;&#8212;&#8212;&#8212;&#8212;&#8212;&#8212;&#8212;&#8212;&#8212;&#8212;&#8211;\n\n???? Kuri uwu wa 11&#8230;<\/p>Publi\u00e9e par <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/Jimbere.Magazine\/\">JimbereMagazine<\/a> sur&nbsp;<a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/Jimbere.Magazine\/posts\/2830455213858933\">Jeudi 11 mars 2021<\/a><\/blockquote><\/div>\n\n\n\n<p><strong>None urwo rwego ruzokora iki?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ferdinand Mberamihigo umushakashatsi mu kirundi akaba n\u2019umwigisha muri Rumuri mu gisata c\u2019imico n\u2019imigenzo nyafirika avuga ko yisunze amategeko agenga urwo rwego, ruzoba rujejwe kwihweza ikoreshwa ry\u2019ikirundi. Hama aho bikeneye kugororwa bikagororwa hafatiwe ku bisata ikirundi gitegerezwa gukoreshwamwo. Aho gikoreshwa hake, bakahongereza, hanyuma bakongera kandi bakihweza ukuntu ico kirundi gikoreshwa mu nyandiko.<\/p>\n\n\n\n<p>Uyo muhinga anavuga kandi ko urwo rwego ruzonarongora integuro yo gucura amajambo mashasha y\u2019ubuhinga mu kirundi, gutyo umuntu yisanzure mu kuvuga, kuko hazogenda haracugwa amajambo y\u2019ubuhinga hisunzwe amajambo abantu bakenera gukoresha cane ariko adahari mu kirundi. Ivyo rero bizotuma ikirundi gikoreshwa mu bisata vyinshi mbere n\u2019ivy\u2019ubuhinga nk\u2019uko biri no ku rurimi rw\u2019igiswahiri muri Tanzaniya. Ruzonatunganya kazinduzi mu kirundi, izo koreshwa mu mashure n\u2019ahandi, mbere urwo rurimi rwa basokuru runashirwe ku mbuga ngurukanabumenyi.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya rero ko nk\u2019uko abahinga babivuga, igihugu kugira gitere imbere, ngo ni uko ururimi kavukire rubanza gutezwa imbere, gutyo imigambi n\u2019ibikorwa vyose vy\u2019ubuhinga biganisha kw\u2019iterambere birangurwa mu rurimi umuntu atahura neza.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu 2014 harashizweho itegeko ry\u2019umukuru w\u2019igihugu rigena inagurwa ry\u2019urwego nshingwakirundi rwari rwashizweho n\u2019iteka ry\u2019umwami Mwambutsa IVn0&nbsp;01\/96 ryo ku wa 16 Nyakanga 1962 bivuye mu ciyumviro c\u2019umuhinga mu kirundi Jean Baptiste Ntahokaja. None ibikorwa bigeze he? Haraheze imyaka 59 abarundi barindiranye igishika ibikorwa vy\u2019urwego nshingwakirundi mu Burundi. Ubu ibimenyetso vy\u2019uko rushobora kuja ku kivi biratanguye kwibonekeza. [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":6201,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[211],"tags":[499],"coauthors":[189],"class_list":["post-6200","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-imicokama","tag-urwego-nshingwakirundi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6200","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6200"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6200\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6207,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6200\/revisions\/6207"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6201"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6200"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6200"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6200"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6200"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}