{"id":6187,"date":"2021-03-06T11:15:49","date_gmt":"2021-03-06T10:15:49","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6187"},"modified":"2023-08-16T16:57:09","modified_gmt":"2023-08-16T14:57:09","slug":"pesticide-kurwiza-umwimbu-uburozi-mwisahani-uburimyi-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/pesticide-kurwiza-umwimbu-uburozi-mwisahani-uburimyi-burundi\/","title":{"rendered":"\u00ab Pesticide \u00bb: uburyo bwo kurwiza umwimbu canke uburozi mw\u2019isahani?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu gihe abarimyi baguma barondera kugwiza umwimbu, ntibatangwa no gukoresha imiti mvaruganda mu gufumbira canke mu gupompa ibiterwa vyabo (pesticide). Ariko naho biri ukwo, iyo miti ikoreshwa mu burimyi canke mu bitungwa abahinga bavuga ko harimwo iyigira ingaruka mbi ku magara y\u2019abantu, ku bikoko, ku bidukikije\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu Burundi ibice birenga 90% vy\u2019abantu bahaba ni abarimyi. Aba na bo batera biyongera, ibisagara bitera vyaguka, isi ndimwa itera iba nto gutyo n\u2019abantu bakarima hato umwimbu ugaca ugabanuka. Kubw\u2019ivyo abantu baca bikora ku buryo bwo gukoresha imiti mvaruganda mu gufumbira canke mu gupompa ibiterwa kugira barabe ko bashobora kwimbura vyinshi.<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko nubwo abarimyi bijukia kugura iyo imiti mvaruganda kandi izimvye, Marc Rwabahungu arongoye ishirahamwe Adisco (Appui de D\u00e9v\u00e9loppement Int\u00e9gral et \u00e0 la Solidarit\u00e9 sur les Collines), avuga ko iyo miti ari mibi cane ku magara y\u2019abantu, ku bikoko no ku bidukikije mu gihe ikoreshejwe nabi. Rwabahungu ati: <em>\u00ab<\/em><em> Mu bihugu bimwebimwe barakuye kw\u2019isoko imiti mvaruganda ikoreshwa mu burimyi kubera babonye ko ifise ingaruka mbi. Kandi no mu Burundi hariho iyo bakuye kw\u2019isoko, naho hakiri abayikoresha batabizi, ku mvo z\u2019uko urutonde rw\u2019imiti mvaruganda itabereye rudashirwa ahabona. <\/em><em>\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Pascal Ndayiragije umuhinga yigenga ati :<em>\u00ab<\/em><em> Ibice 80% vy\u2019imiti mvaruganda ikoreshwa mu biterwa iri mu migwi y\u2019imiti mibi cane. <\/em><em>\u00bb<\/em> Afatiye akarorero ku miti imwe imwe bapompa kw\u2019itomate kugira zihishire canke ntizishaye avuga ko irya miti iheza ikinjira mu rutomate. Iyo umurimyi arufunguye canke akarugurisha, uwurufunguye afungurana n\u2019iyo miti yarunyengetereyemwo iyo na yo ikaba ishobora kumugirira nabi muri kazoza kuko ibibi vyayo vyibonekeza gahorogahoro.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uburyo bwo gupima imiti iri mu vyimburwa?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Pascal Ndayiragije avuga ko mu Burundi, urutonde rw\u2019imiti mvaruganda yemewe ruriko rurakoreshwa muri iki gihe ari urwemejwe mu mwaka wa 2010-2011. Hari n\u2019iyakuwe kw\u2019isoko kubera ari mibi ariko abantu boba bakiyikoresha batabizi kuberako urwo rutonde rudakwiragizwa. Naho anavuga ko muri uwu mwaka wa 2021 hazoshirwa kandi ahabona urutonde rw\u2019iyo miti yemejwe, kandi ko hariko haranakorwa isuzumwa ry\u2019abayidandaza kuva hejuru gushika mu makomine. Uyo muhinga yigenga anavuga ko mu Burundi ata n\u2019ubuhinga buhari bwo gushobora gupima ubwoko bw\u2019ubumara bwoba buva muri iyo miti ija mu biterwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Marc Rwabahungu ati: <em>\u00ab<\/em><em> None uno munsi tugiye gufungura iki? Ivyimburwa birandura ntitubimenye. <\/em><em>Hari abashakashatsi bavuga ko hari ingwara za kanseri zoba ziterwa no gufungura ibiterwa vyanyengeterewemwo n&rsquo;imiti mvaruganda. Mbere anavuga kandi ko hari n&rsquo;ubushakashatsi buvuga ko ingwara yitwa \u00ab\u00a0Parkinson\u00a0\u00bb yoba iterwa no gufungura ibifungurwa birimwo iyo miti mvaruganda kandi abantu bakaba babandanya bavyihereza batabizi. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ku bijanye no gupima ibifungurwa bija kw\u2019isoko mpuzamakungu, Samson Musonerimana umuyobozi mu gisata co gushigikira ubushakashatsi muri Isabu, avuga ko ibanki y\u2019isi yemeye guha BBN(Bureau Burundais de Normalisation), \u201claboratoire\u201d yo muri Isabu, CNTA (Centre National de Technologie Alimentaire) ibikoresho bikenewe bikoreshwa mu gupima ubumara bw\u2019imiti mvaruganda iba yaranyengetereye mu vyimburwa gutyo bazoshobore kuraba ko mu vyimbuwe bigomba gushorwa mu mahanga ata miti itera ingwara irimwo ko bikwije amategeko asabwa kugira bije kw\u2019isoko mpuzamakungu.<\/p>\n\n\n\n<div class=\"fb-post\" data-href=\"https:\/\/www.facebook.com\/Jimbere.Magazine\/posts\/2825731367664651\" data-width=\"500\" data-show-text=\"true\"><blockquote cite=\"https:\/\/www.facebook.com\/Jimbere.Magazine\/posts\/2825731367664651\" class=\"fb-xfbml-parse-ignore\"><p>???? Ibice 80% vy&rsquo;imiti mvaruganda ikoreshwa mu gupompa ibiterwa canke ibitungwa ngo ni mibi&#8230;<\/p>Publi\u00e9e par <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/Jimbere.Magazine\/\">JimbereMagazine<\/a> sur&nbsp;<a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/Jimbere.Magazine\/posts\/2825731367664651\">Jeudi 4 mars 2021<\/a><\/blockquote><\/div>\n\n\n\n<p><strong>Uburyo bwo kurima butonona<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Bakanibona Th\u00e9ogene wo mu ntara ya Bubanza ari muri koperative y\u2019abarimyi ndangamuco. Barima ibiterwa mbumbarugo. Uyu avuga ko muri koerative yabo basanzwe bakora uburimyi butonona kandi banapompa imirima yabo bakoresheje imiti kama. Uyu yahevye gukoreresha imiti n\u2019ifumbire mvaruganda kuko yari amaze kubwirwa kenshi ko bifise ingaruka mbi naho umwimbu ugwira. kubera rero bama impande y\u2019abakurambere barababwira ko iyo miti itaraza hari imiti bakoresha haba mu kuvura abantu canke mu kuvura ibiterwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku bwivyo baciye batangura gukoresha imiti kama nk\u2019umubirizi bo bita uwa kongo, ntiruhunwa, ipiripiri ya bushara, amababi y\u2019ipapayi, ivyo vyose rero biteranye babisekura bakabishira mu mazi ashushe ngo barashoboye gupompa imirima y\u2019ibigori. Uwo murimyi akavuga ko uwo muti bakoze washoboye kuvura ku bice birenga 90%. Uretse kupompa ibigori, ngo basanze baba bariko baranabifumbirira kuko n\u2019ibiterwa vyaciye bitagata mbere n\u2019ivyatsi bitahora bihamera bica biramera neza.<\/p>\n\n\n\n<p>Eka na Cl\u00e9mence Nibaruta w\u2019i Bukirasizi mu ntara ya Gitega, aremeza ko uburimyi butonona bwa mufashije mu kugwiza umwimbu adahungabanije ibidukikije. Mbere mu gufumbira akoresha nyabarega. Mu gupompa, hampande y\u2019iyo miti Bakanibona akoresha, uwu mupfasoni avuga ko banakoresha itabi, intobotobo na mukobwandagowe. Abo bose bakamenyesha ko ubuhinga bw\u2019uburimyi butonona babwigiye muri Adisco. Lib\u00e8re Bukobero umunyamabanga mukuru muri Adisco avuga ko uburimyi butonona bukingira isi n\u2019ibinyabuzima kandi bugatanga umwimbu udahumanye kuko haba hakoreshejwe imiti kama mu gupompa ibiterwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Marie Jos\u00e9e Bigendako umwigisha kuri kaminuza ya Lumi\u00e8re i Bujumbura akaba n\u2019umushakashatsi akorana n\u2019ikigo ca kaminuza y\u2019Uburundi avuga ko imiti kama ibaho kandi ikora. Ku bijanye n\u2019iyo miti abarimyi bakoresha, avuga ko bagiye kwiha ihangira ryo kw\u2019isangira abo barimyi ku kivi, barabe iyo miti bakoresha, bige ibiyigize, hama bayihe amazina y\u2019ubuhinga (nom scientifique) gutyo izoshobore gukoreshwa no ku rwego rw\u2019igihugu ifise amazina yayo bwite.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo vyose bikaba ari vyavuzwe kuri uwu wa 04 Ruhuhuma 2021, mu nyubakwa zo kuri La D\u00e9tente i Bujumbura mu gihe hariko haraba ikiganiro co guhanahana ivyiyumviro ku miti ikoreshwa mu burimyi mu ntumbero yo kuraba icokorwa gihuye no gukingira amagara y&rsquo;abantu. Bikaba vyari vyatunganijwe na Adisco n\u2019abo bikorana ifashwe mu mugongo na Oxfam.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihe abarimyi baguma barondera kugwiza umwimbu, ntibatangwa no gukoresha imiti mvaruganda mu gufumbira canke mu gupompa ibiterwa vyabo (pesticide). Ariko naho biri ukwo, iyo miti ikoreshwa mu burimyi canke mu bitungwa abahinga bavuga ko harimwo iyigira ingaruka mbi ku magara y\u2019abantu, ku bikoko, ku bidukikije\u2026 Mu Burundi ibice birenga 90% vy\u2019abantu bahaba ni abarimyi. [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":6188,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203,215],"tags":[328],"coauthors":[189],"class_list":["post-6187","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","category-uburimyi","tag-uburimyi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6187","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6187"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6187\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6192,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6187\/revisions\/6192"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6188"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6187"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6187"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6187"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6187"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}