{"id":6178,"date":"2021-03-02T08:29:32","date_gmt":"2021-03-02T07:29:32","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6178"},"modified":"2023-08-16T16:55:33","modified_gmt":"2023-08-16T14:55:33","slug":"abubaka-ku-nkengera-yikiyaga-tanganyika-ni-bo-nkwezi-yamarere-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/abubaka-ku-nkengera-yikiyaga-tanganyika-ni-bo-nkwezi-yamarere-burundi\/","title":{"rendered":"\u00ab\u00a0Abubaka ku nkengera y\u2019ikiyaga Tanganyika ni bo nkwezi y\u2019amarere\u00a0\u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>D\u00e9o Guide Rurema, umushikiranganji araba ibijanye n\u2019ibidukikije yabishikirije m\u2019uruganda rwo kurabira hamwe ivyo korwa mu gukingira inkengera z\u2019ico kiyaga, kuri uwu wa 26 Ruhuhuma 2021, mu nyubakwa za Club du Lac Tanganyika.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Atakurya umunwa, Deo Guide Rurema yagize ati: <em>\u00ab<\/em><em>Abubaka mu kajagari ni bo batuma amazi y\u2019ikiyaga Tanganyika aduga gutyo agahitana ivyo asanze mu nzira vyose, uri amazu, imirima, n\u2019ibindi vyinshi, akonona ibidukikije.<\/em><em> \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Kuva mu mwaka wa 2019 gushika ubu amazi y\u2019ikiyaga Tanganyika yaraduze gushika ku metero 776. Iryo duga ryamazi ryateye ubwoba abantu rikaba ryaheruka kuba mu mwaka wa 1964 aho yaduze gushika ku metero 778. Iryo duga ry\u2019amazi y\u2019ikiyaga Tanganyika yononona ibidukikije agasiga mu kangaratete ababa ku nkera zaco ngo ntiyizana agira inkorerezi.<\/p>\n\n\n\n<p>D\u00e9o Guide Rurema umushikiranganji ajejwe ibidukikije avuga ko bituruka ku bantu bavogereye ikiyaga Tanganyika, bakahubaka amazu mu kajagari badasize imetero 150 zitegekanijwe kugeza na ho amazu amwe amwe ashokera ku mazi. Ivyo rero bikaba bibwirizwa kurwanywa vyivuwe inyuma.<\/p>\n\n\n\n<p>D\u00e9o Guide Rurema avuga ko amazi aheruka kuduga yaje guca urubanza no kwerekana ivyihutirwa gukorwa. Yaciye atunganya umugwi w\u2019abahinga bo mu bushikiranganji arongoye kugira bategure igitabu cerekana neza ibintu vyorangurirwa ku nkengera z\u2019ikiyaga Tanganyika ata kintu na kimwe kihononekariye. Ni muri iyo ntumbero, basanze ko abantu bose bahubatse bidaciye mu mategeko, kandi inzu zabo zikaba ziciweko imisaraba itukura vyerakana ko bubatse mu kajagari babwirizwa kuvyibomorera bo nyene bakahava kandi ntihagire uwiyumvira no gusubirayo kugira harangurirwe imigambi izoba ari yo ku neza ya bose kandi idahungabanya ibidukikije.<\/p>\n\n\n\n<p>Consolateur Nitunga, buramatari w\u2019intara ya Rumonge we avuga ko mu ntara arongoye imiryango 1200 yataye imihana kubera Tanganyika. Akabona ko abantu bose bubatse kuri Tanganyika bokinjura naho bazoba bahomvye, ariko bakimuka batarinze gupfa kubera batewe n\u2019amazi.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere wp-block-embed-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"nxiuYdptVd\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-kibenga-amazu-arasoma-nturi-mu-kiyaga-tanganyika\/\">Mu Kibenga, vuba amazu arasoma nturi mu kiyaga Tanganyika<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Mu Kibenga, vuba amazu arasoma nturi mu kiyaga Tanganyika\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-kibenga-amazu-arasoma-nturi-mu-kiyaga-tanganyika\/embed\/#?secret=5ogjOyCmCO#?secret=nxiuYdptVd\" data-secret=\"nxiuYdptVd\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>&nbsp;Ubwo abubaka mu kajagari babigira nkana?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Atanga intererano mu ruganda rwo kurabira hamwe ivyokorwa ku nkengera z\u2019ikiyaga Tanganyika, Umukenguzamateka Victor Girukwishaka avuga ko gusamburira abamaze kuhubaka, atari co kintu cihutirwa, kuko bashobora kuba babigize mu kutamenya. Agira ati: <em>\u00ab Ibwirizwa <\/em><em>ry\u2019amazi ryashizweho ku wa 26 Ntwarante 2012 rishinga igitabu c\u2019amategeko agenga amazi mu Burundi. Ico gitabu kirerekana ko amatongo ya Reta agizwe n\u2019amazi akoreshwa ku neza y\u2019abantu. Kikerekana imetero uwufise itongo rishokera ku mazi yaba ay\u2019ibiyaga, inzuzi, ibitanga n\u2019ibidengeri abwirizwa gusiga. Rero nk\u2019abubatse iryo tegeko ritarabaho, biragoye kubabwira ngo basambure kandi ataryo bari bazi. <\/em><em>\u00bb<\/em><em><\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Uyo mukenguzamateka avuga kandi ko n\u2019abubatse inyuma y\u2019iryo tegeko bashobora kuba batarisiguriwe bikwiye, mbere bigatuma n\u2019abubaka bubaka ukwo bibajemwo, kuko bataba bazi igikwiye kwubakwa ku nkengera n\u2019ingene bo hubaka.<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko kandi Girukwishaka avuga ahubwo ko ubushikiranganji buraba ibijanye n\u2019ibidukikije bwokorana n&rsquo;ikigo gihuza ibihugu bine ari vyo Uburundi, Tanzaniya, Zambiya na RDC (Autorit\u00e9 du Lac Tanganyika) bakarabira hamwe intandaro y\u2019iyo myuzurira, bakiga ivyokorwa kugira bayigwanye kandi bakerekana n\u2019imigambi ikwiye gukorerwa ku nkengera z\u2019ikiyaga Tanganyika. Ikiyaga kigatunganywa gushasha gutyo kikareka kuba ingorane ahubwo kikaba inyishu y\u2019iterambere ry\u2019igihugu n\u2019abanyagihugu.<\/p>\n\n\n\n<p>\u00a0D\u00e9o Guide Rurema amenyesha ko ubushiranganji arongoye butokwemera ko ibintu vy\u2019uko inkengera z\u2019ikiyaga Tanganyika ziguma zivogerwa kubera inyungu z\u2019umuntu umwe, ahubwo nyabuna ko ba musitanteri na baburamatari bocunga kugira ahatarononekara hacungerwe neza. Na yo abafise inzu n\u2019ibihome vyamaze gucibwako imisaraba itukura yerekana ko bubatse ahatariho, ko bovyikurira kugira harangurirwe imigambi mininiminini ihabereye abahinga bariko bariga. Anahamagarira abagwizatunga canecane ab\u2019abarundi bazobona boshobora kuharangurira imigambi ihuye n\u2019iyizoba yagiye iratangwa ko boba baritegura kuyihakorera ariko bakurikije igicapo ngenderwako bazoba bahawe n\u2019abahinga bayiteguye.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>D\u00e9o Guide Rurema, umushikiranganji araba ibijanye n\u2019ibidukikije yabishikirije m\u2019uruganda rwo kurabira hamwe ivyo korwa mu gukingira inkengera z\u2019ico kiyaga, kuri uwu wa 26 Ruhuhuma 2021, mu nyubakwa za Club du Lac Tanganyika. Atakurya umunwa, Deo Guide Rurema yagize ati: \u00abAbubaka mu kajagari ni bo batuma amazi y\u2019ikiyaga Tanganyika aduga gutyo agahitana ivyo asanze mu nzira [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6179,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[212],"tags":[59],"coauthors":[34],"class_list":["post-6178","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ibidukikije","tag-lac-tanganyika"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6178","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6178"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6178\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6181,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6178\/revisions\/6181"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6179"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6178"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6178"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6178"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6178"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}