{"id":6162,"date":"2021-02-21T08:51:43","date_gmt":"2021-02-21T07:51:43","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6162"},"modified":"2023-08-16T17:20:50","modified_gmt":"2023-08-16T15:20:50","slug":"jean-gatabazi-yaricaranye-na-president-kubera-uburimyi-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/jean-gatabazi-yaricaranye-na-president-kubera-uburimyi-burundi\/","title":{"rendered":"Yaricaranye na \u201cPr\u00e9sident\u201d kubera uburimyi"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Si nyakwigendera umukuru w\u2019igihugu Pierre Nkurunziza, si Evariste Ndayishimiye, bose baramwemera. N\u2019ikimenyamenya ari mu barimyi bake bamaze kwicara mu kirimba kwa Ntare bagiye gushimirwa. Jean Gatabazi<\/strong> <strong>si umurimyi asanzwe kuko yaranatewe iteka ryo kwigisha abakozi bo mu mirima y\u2019umukuru w\u2019igihugu Pierre Nkurunziza ubuhinga bwo kurima no kworora kijambere.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Burya Jean Gatabazi ngo yamenyekanye mw\u2019ihiganwa ryo kwerekana umwimbu ryigeze kubera i Muyinga mu mwaka wa 2017. Gatabazi ati&nbsp;: <em>\u00ab<\/em><em> Muri iryo higanwa nazanye imisusa, ibitoke, ibijumbu bininibinini, ibisunzu binini, ibiharage n\u2019ibindi vyinshi. Nyakwigendera umukuru w\u2019igihugu Pierre Nkurunziza abibonye ingene ari vyiza biteye igomwe, ni ho yaca avuga ijambo asaba abo bari kumwe ko uwo mwimbu wanje bowugura wose kuburyo ata n\u2019abike bisubira inyuma. Baca barabigura vyose, nkuramwo imiriyoni 10. Mu mwaka wa kurikiye mu 2018 ni ho yongera kuntumako ku kirimba i Buye i Ngozi, turicarana, ampa akabahasha, yongera ansaba kwigisha abakozi bo mu mirima yiwe. <\/em><em>\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>No mu mwaka wa 2019, Pierre Nkurunziza yarahaye&nbsp;Jean Gatabazi urupapuro rw\u2019iteka n\u2019akabahasha k\u2019umurimyi wa mbere w\u2019akarorero mu Burundi. Si Nkurunziza gusa yamubonye, eka da. Na D\u00e9o Guide Rurema, umushikiranganji araba ibijanye n\u2019uburimyi n\u2019ubworozi yari yaramubonye, mbere mu mwaka wa 2018 ku munsi mukuru wahariwe ifungurwa kw\u2019isi amuha agashimwe n\u2019urupapuro rw\u2019iteka.<\/p>\n\n\n\n<p>Umwiza ararangwa, n\u2019umukuru w\u2019igihugu Evariste Ndayishimiye yaramumenye. Mu nama z\u2019abahinga mu burimyi n\u2019ubworozi, Jean Gatabazi ni yo abarizwa. N\u2019ikimenyamenya kuri uwu wa 8 Ruhuhuma 2021, mu kirimba kwa Ntare, yarakiriwe n\u2019umukuru w\u2019igihugu baricarana. Hambavu y\u2019agashimwe, Evariste Ndayishimeye ngo yamwemereye kumushigikira mu bijanye no kwigisha abarimyi ubuhinga bwo kurima no kworora kijambe. Kukabankako uyu murimyi w\u2019akarorero aramaze no gushira hamwe amakoperative 50 mu ntara ya Kirundo.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>None Jean Gatabazi ni nde&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nta mashure maremare yize kuko yahunze mu 1972 yiga mu mwaka w\u2019indwi.Yahavuye ashika muri Kenya aho yigiye kurima ibiharage n\u2019ibigori. Avuye aho ngo yaciye aja mu Buganda aho yize kurima ibisunzu, ibitoke n\u2019amatugu. Inyota yo gutsimbataza uburimyi ntiyaheze, kuko yahavuye ashika no muri Sudani aho yigiye ibijanye no kuvomera ibiterwa akoresheje amazi make akimbura vyinshi kandi haka izuba.<\/p>\n\n\n\n<p>Iyo mvukira yo mu Kirundo, si yo yabonye iraronse ubumenyi buhagije bujanye no kurima, ngo yaruhukiye mu Burundi, hari mu 1987. Agira ati&nbsp;<em>: <\/em><em>\u00ab<\/em><em> Nashitse ndima nongera ndorora kijambere kuko nari mfise amahera make yo gutanguza umugambi, bica biranyitaba. Uwo mugambi ndawumazemwo imyaka 6, ubutegetsi bwarashimye ibikorwa vyanje bunyemerera agashimwe ko kunyubakira&nbsp;\u00ab&nbsp;gaz m\u00e9thane&nbsp;\u00bb yo gutekako naho bitakunze kuko mu mwaka wa 1993 naciye nongera guhunga, nigira mu barwanyi b&rsquo;ishamba ariko ngenda maze kugura itongo ry\u2019amahegitari 45. <\/em><em>\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Jean Gatabazi yavuye mw\u2019ishamba mu 2011, ashikira iwe i Bugorora ahari umuryango wiwe. Yashikiye mu migambi yiwe yari yagiye atanguje. Amaze imyaka mike avuye w&rsquo;ishamba, yaciye yongera kugura ayandi matongo angana n\u2019amahegitari 50. Ubu amatongo yiguriye angana n\u2019amahegitari 95 akoreramwo uburimyi n\u2019ubworozi. Ayo na yo akaba ari muri komine Bwambarangwe, Busoni, Gitobe, Kirundo no muri Butihinda iri mu ntara ya Muyinga.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Aho aviriye mw&rsquo;ishamba yaciye abandanya uburimyi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uyu mugwizambuto akorana n\u2019ikigo Isabu avuga koarima ubwoko bwose bw\u2019ibiterwa ariko ivyo ashima gushira imbere cane ari imyumbati, ibisunzu, amatugu, ibiharage, ibigori n\u2019ibijumbu aterera ibitungwa vyiwe, isogo, isogi, n\u2019ibindi biterwa vyinshi vyarimwa aho hambere. Yishimira umwimbu aronka mw\u2019isarura. Ku biharage y\u2019imbura amatoni arenga 120, ibigori amatoni arenga 100, \u2026 Mu bworozi, arorora impene, intama, idendo, ipanya, inka, ingurube, inkoko, imbata n\u2019ibindi vyinshi.<\/p>\n\n\n\n<p>N\u2019abo mu kibano no mu karere akoreramwo imigambi barashikirwa. Akoresha abakozi 250. Jean Gatabazi agira ati: <em>\u00ab<\/em><em> Narahaye akazi abagoronome, abaveterineri b\u2019ibitungwa, abajejwe ibigega, abo bose nk\u2019aba nabakuye muri ba ntahonikora badafise akazi. Muri bo, 60 bakoze neza narabaguriye ikarata yo kwivurizako ya \u201cmituelle\u201d. N\u2019amashure yaramfatiyeko akarorero. Ecofo Bugorora bararimye ibisunzu baragaburira abanyeshure, ecofo butihinda bararima imyumbati, kandi narababaye hafi. N\u2019abandi benshi narabigishije kandi bariko bariteza imbere, harimwo n\u2019abankorera mu mirima. <\/em><em>\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya rero ko Jean Gatabazi ubu ariko aragerageza uburyo yoshiraho ihinguriro rihingura ibisunzu bikavamwo ifu y\u2019ubugari, ubuyi n\u2019imikate afatiye ku buhinga yabonye muri Etats-Unis, kandi akironderera isoko yamaho y\u2019ivyo yimbura. Agahamagarira n\u2019abarimyi bose gukura amaboko mu mpuzu bakarima, mbere bagashira imitahe yabo mu kugura amatongo kuko ari ryo tunga ritabora.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Si nyakwigendera umukuru w\u2019igihugu Pierre Nkurunziza, si Evariste Ndayishimiye, bose baramwemera. N\u2019ikimenyamenya ari mu barimyi bake bamaze kwicara mu kirimba kwa Ntare bagiye gushimirwa. Jean Gatabazi si umurimyi asanzwe kuko yaranatewe iteka ryo kwigisha abakozi bo mu mirima y\u2019umukuru w\u2019igihugu Pierre Nkurunziza ubuhinga bwo kurima no kworora kijambere. Burya Jean Gatabazi ngo yamenyekanye mw\u2019ihiganwa ryo [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":0,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[209,215],"tags":[629],"coauthors":[189],"class_list":["post-6162","post","type-post","status-publish","format-standard","hentry","category-indanga","category-uburimyi","tag-muyinga"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6162","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6162"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6162\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6164,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6162\/revisions\/6164"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6162"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6162"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6162"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6162"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}