{"id":6152,"date":"2021-02-17T14:55:57","date_gmt":"2021-02-17T13:55:57","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6152"},"modified":"2023-08-16T16:54:23","modified_gmt":"2023-08-16T14:54:23","slug":"umwingo-uravurwa-ugakira-umuntu-atarinze-kubarwa-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/umwingo-uravurwa-ugakira-umuntu-atarinze-kubarwa-burundi\/","title":{"rendered":"Umwingo\u00a0uravurwa ugakira umuntu atarinze kubarwa"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Benshi barawugendana, ukabamarako igihe kirekire kumbure bafise n\u2019udufaranga two kuwivuza, ariko ntibirirwe baritura abaganga kuko bibaza ko ata co boba bagisha bokora, bihweje uko ungana. Yamara uravurwa ugakira.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nta cigwa kirakorwa ku rwego rw\u2019igihugu cerekana igitigiri c\u2019abagwaye umwingo. Ariko, yishimikije icakorewe mu bitaro vyitiriwe umwami Khaled vyo mu Kamenge, mu mwaka wa 2017, ibice 11% vy\u2019ababagirwa mu gisata ca ORL bari abafise umwingo. Muri 2020, muri ico gisata nyene, kuri ivyo bitaro, bangana 9%. Icabereye kuri kira hospital mu mwaka wa 2020 nyene, cerekanye ko ibice 58,8% bari abafise umwingo. Abo ni ababa baje kwivuza.<\/p>\n\n\n\n<div class=\"wp-block-image\"><figure class=\"alignleft size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/02\/Bivahagumye.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-6154\" width=\"435\" height=\"290\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/02\/Bivahagumye.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/02\/Bivahagumye-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/02\/Bivahagumye-768x512.jpg 768w\" sizes=\"auto, (max-width: 435px) 100vw, 435px\" \/><\/figure><\/div>\n\n\n\n<p>Muganga L\u00e9onard Bivahagumye, umuhinga yanonosoye ingwara zifatira mu mihogo, mu mazuru no mu matwi, agira ati&nbsp;<em>: <\/em><em>\u00ab&nbsp;Ni agace k\u2019umubiri kari kw\u2019izosi kitwa \u00ab&nbsp;glande tyro\u00efde&nbsp;\u00bb kavyimba buhorobuhoro kagakura kagateba kakaba ikintu kimeze nk\u2019ikivyimba kinini \u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ntiwitiranywe n\u2019igihute. Wo uterwa ahanini n\u2019ukubura icunyunyu bita \u00ab&nbsp;iode&nbsp;\u00bb mu mubiri bivanye n\u2019uko uno muntu adafungura ibigize ingaburo yikwije irimwo n\u2019umunyu ukwiye. Ariko rero umwingo urashobora no kuva ku karonda k\u2019abavyeyi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ibimenyetso&nbsp;vyawo n\u2019abo ukarira<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Bivanye n\u2019igice co kw\u2019izosi umwingo uherereyemwo, umuntu aragira ikibazo c\u2019ukumira zaba imfungurwa canke ibinyobwa. Imvo nuko ka gace kavyimba gasanzwe gakikijwe n\u2019umuringoti wo kumira gaca kawufyonda.<\/p>\n\n\n\n<p>Igihe umuntu ahema nabi hari aho bivana n\u2019uko umuringoti w\u2019uguhema uzibirwa na ka gace kavyimvye ariko kataribonekeza, bigatuma impwemu zidasohoka neza. Ni nk\u2019uko kandi umuntu ashobora gusohora ijwi bikagorana canke na ho akavuga nk\u2019uwasaraye kubw\u2019imvo z\u2019uko udutsi nsozabwenge (nerfs) tuba twabanzwe, mu gihe ari two dutuma imirya y\u2019amajwi (cordes vocales) ikora neza.<\/p>\n\n\n\n<p>Muganga Bivahagumye amenyesha ko umwingo ukarira cane abakenyezi n\u2019abigeme bivanye n\u2019igihe baba bagezemwo, canecane igihe bari mu bihe vy\u2019ubutinyanka, kuko hari ikintu gihinduka mu nkabuzo zabo (estrog\u00e8nes na protesterons) agaca awubona nk\u2019igihe afise inda canke yibarutse. Hari n\u2019aho rero biva ku kibazo ca kanseri canke igihute.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uravurwa utabazwe&nbsp;\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umwingo uravurwa. Bivana n\u2019icawuteye. Iyo ari ka gahimba \u00ab&nbsp;glande tyro\u00efde&nbsp;\u00bb kavyimvye, ako karabagwa kagakurwayo kandi umuntu agakira neza. Umwingo ubaye utaravyimba ngo ube munini, ukaba watewe n\u2019uko ivyunyunyu vyabaye bike mu mubiri, uno mugwayi arahabwa umuti w\u2019ukwongereza vya vyunyunyu ingwara y\u2019umwingo ikazimangana.<\/p>\n\n\n\n<p>Uwo muhinga rero agahamagarira abantu bose bafise ivyo bimenyetso vyawo vyadondaguwe kudatinya kuja kuwipimisha kuko uwuwugwaye bikamenyekana hakiri kare avugwa atarinze kubagwa. Asaba kandi ikigo kijejwe gusuzuma ibidandazwa vyinjira mu Burundi, gusuzuma neza ko umunyu winjizwa uba urimwo icunyunyu ca \u00ab&nbsp;iode&nbsp;\u00bb gikwiye kuko abanyagihugu bawihereje atakirimwo bashobora kugwara iyo ngwara.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Benshi barawugendana, ukabamarako igihe kirekire kumbure bafise n\u2019udufaranga two kuwivuza, ariko ntibirirwe baritura abaganga kuko bibaza ko ata co boba bagisha bokora, bihweje uko ungana. Yamara uravurwa ugakira. Nta cigwa kirakorwa ku rwego rw\u2019igihugu cerekana igitigiri c\u2019abagwaye umwingo. Ariko, yishimikije icakorewe mu bitaro vyitiriwe umwami Khaled vyo mu Kamenge, mu mwaka wa 2017, ibice 11% [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":6153,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[391,494],"coauthors":[231],"class_list":["post-6152","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-amagara","tag-umwingo"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6152","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6152"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6152\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6155,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6152\/revisions\/6155"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6153"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6152"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6152"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6152"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6152"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}