{"id":6147,"date":"2021-02-15T15:37:07","date_gmt":"2021-02-15T14:37:07","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6147"},"modified":"2023-08-16T16:54:18","modified_gmt":"2023-08-16T14:54:18","slug":"umuvumo-umuvyeyi-ishavu-umwana-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/umuvumo-umuvyeyi-ishavu-umwana-burundi\/","title":{"rendered":"Umuvumo w&rsquo;umuvyeyi ku mwana woba ufata ?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kugira bishike umuvyeyi avume umwana, biba vyageze kure, umwana yananiranye, impanuro zanse. Nk&rsquo;ukwo tubiyagigwa na Didace Ndayikengurukiye, yanonosoye ivyigwa vy&rsquo;inyifato n&rsquo;imibano, umwana avumwe bihera ataco avuyemwo, akaba nka Gahini wo muri Bibiriya.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uwo muhinga arabanza gusigura neza iyo mivumo ingene imeze, ico ivako, n&rsquo;ibiba mu nyuma. Agira ati&nbsp;: \u00ab&nbsp;<em>Kuvuma umwana wari nk&rsquo;umugirwa wogusabira ibihano umwana ku Mana, iyo yananiye abavyeyi, barahanuye kenshi ntiyumve, bagateba bakarengerwa n&rsquo;ivyo akora kandi akuze.<\/em> \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Nukwo rero, ngo abavyeyi barakoranya umuryango, n&rsquo;ukwenga inzoga bakenga, bakababwira ko hari ijambo bashaka kubabwira. Ico gihe nuwo baza kuvuma yaba ari aho kuko ataba azi ijambo ry&rsquo;urwo rubanza.<\/p>\n\n\n\n<p>Umuvyeyi rero yarabwira abaraho igituma agire avume umwana wiwe, kandi kenshi yaba yarahanuje. Hanyuma akavuga amajambo yokumuvuma ariyo bita imitongero. Kwari nko kumusabira imihezagiro mibi.<\/p>\n\n\n\n<p>Didace arongera akavuga ko imivumo itandukanye n&rsquo;amajambo y\u2019ibitutsi akoreshwa ku mvo yo kwimara ishavu, kuko kenshi uwuyavuga ataba yabanje gushishoza. Ariko ku mivumo, umuvyeyi aba yavyiyumviriye igihe kirekire, kuko ari ingingo ikomeye&nbsp;<em>: \u00ab&nbsp;Birafitaniye isano n&rsquo;umugenzo wo guca umuntu, aho bamufata nk&rsquo;uwutakiri uwabo mu muryango canke mu murwi yahora mwo iyo yabaye igihemu.<\/em><em><strong> \u00bb<\/strong><\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Didace amenyeshako umuvyeyi avuma umwana amaze kumenya ikibi n&rsquo;iciza, vyananiranye kwahanurwa ngo ahinduke ave mu makosa akomeye akora. Akenshi ngo bishika iyo yarenze ihaniro, agashirako urushi ku muvyeyi, nyina yamuvyaye, ico kikaba ari ikizira ca mbere umwana yokorera umuvyeyi.<\/p>\n\n\n\n<p>Abishingira intahe, Bertrand Ngingo, w&rsquo;imyaka 17, amenyesha ko afise mukuru we w&rsquo;umuhungu yavumwe na nyina, kuko, hambavu yo kuba umusuma, akanywa ibiyayura mutwe, yubahutse arakubita uwamwibarutse&nbsp;: <em>\u00ab Ubu turamuraba akadutera agahinda. Ameze nk&rsquo;uwasaze. Ntashobora kwegera muhira iwacu, yaromotse. Yarakora amakosa menshi tukihangana, mugabo amaze gukubita umuvyeyi yari yageze kw&rsquo;isunzu ry&rsquo;inuma, yarenze ihaniro. Uwo muvumo nibaza ko wamufashe, kuko vyaciye vyanka na gose, amera nk&rsquo;uwuyinze. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hari abatemera ko imivumo ifata<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Quintin Igiraneza, umusore wo muri karatiye ya Nyakabiga, avuga ko ivyo kuvuma umwana bidafata, ko aba ari uwusanzwe yarabaye nabi. Kubwa Quintin, nta muvyeyi afise umutima w&rsquo;ubuvyeyi, yovuma umwana yivyariye, ukwo yoba ameze kwose. Aba ari ishavu, kuko riheze nibaza ko asubira akagira ka kagongwe k&rsquo;umuvyeyi, nakare ngo igito gitabwa iwabo. Canke naho, kubwa Quintin, ngo ni uburyo abavyeyi ba kera boba baratoye kugira ngo batere ubwoba abana, bagire ico batinya.<\/p>\n\n\n\n<p>Kuri ivyo, umuhiga Didace Ndayishimiye amenyesha ko imivumo iri mu mayagwa y&rsquo;akaranga k\u2019abarundi, kandi ko ifata vyukuri. Agaheza agasaba urwaruka kugendera ubuntu, bakubaha abavyeyi, bakagira ikizira, kuko uwumaze gukurwako icizere n&rsquo;abavyeyi, kenshi ntakintu ashobora kwimarira. <\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-cyan-bluish-gray-background-color has-background\"><strong>Inkuru yatororokanijwe na&nbsp;<strong>Edmond Sabindemanyi<\/strong>, ariko arimenyereza mu&nbsp;<a rel=\"noreferrer noopener\" href=\"https:\/\/www.jimbere.org\/burundi-presse-unicef-jimbere-enfants-journalism\/\" target=\"_blank\">Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n\u2019agateka k\u2019abana mu Burundi<\/a>.<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kugira bishike umuvyeyi avume umwana, biba vyageze kure, umwana yananiranye, impanuro zanse. Nk&rsquo;ukwo tubiyagigwa na Didace Ndayikengurukiye, yanonosoye ivyigwa vy&rsquo;inyifato n&rsquo;imibano, umwana avumwe bihera ataco avuyemwo, akaba nka Gahini wo muri Bibiriya. Uwo muhinga arabanza gusigura neza iyo mivumo ingene imeze, ico ivako, n&rsquo;ibiba mu nyuma. Agira ati&nbsp;: \u00ab&nbsp;Kuvuma umwana wari nk&rsquo;umugirwa wogusabira ibihano umwana [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6148,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[486],"tags":[493],"coauthors":[34],"class_list":["post-6147","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ijwi-ryabana","tag-umuvumo"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6147","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6147"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6147\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6151,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6147\/revisions\/6151"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6148"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6147"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6147"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6147"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6147"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}