{"id":6141,"date":"2021-02-14T12:24:19","date_gmt":"2021-02-14T11:24:19","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6141"},"modified":"2023-08-16T16:53:13","modified_gmt":"2023-08-16T14:53:13","slug":"yagurishije-impeta-zubugeni-kugira-yorore-dindons-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/yagurishije-impeta-zubugeni-kugira-yorore-dindons-burundi\/","title":{"rendered":"Yagurishije impeta z&rsquo;ubugeni kugira yorore ama dindons"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ardent Nshimirimana, ni umwe mu bakiri bato bihebeye uburimyi n&rsquo;ubworozi. Yashimye gushira imbere ubworozi bwa dindons, umugambi usaba ukwitanga n&rsquo;ukwihangana cane. Jimbere yaramugendeye.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Burya ntibikunze kuboneka cane,aho imisore canke inkumi bakuriye mu gisagara, bitaho cane ivy&rsquo;uburimyi n&rsquo;ubworozi. Ariko, Ardent Nshimirimana we si ukwo abibona. Ku myaka yiwe 33, Ardent yifitiye indoto zo kurima n&rsquo;ukworora, mbere kuva akiri na muto. Yamye yitungira inkoko, n&rsquo;utundi dutungwa. Ukwo yagenda arakura, nikwo yarushiriza ho kubikunda.<\/p>\n\n\n\n<p>Nukwo, bugingo ahejeje amashure yisumbuye, niho yatangura kwiyumvira kubishiramwo umwete urushirije. Araheza rero, mu duhera yagiye aregeranya abika, aragura ingurube y&rsquo;ingore, nayo iramwungukira cane. Mu kiringo kiri munsi y&rsquo;umwaka yarafise ingurube zirenga 12, gutyo ziguma zunguka.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku ruhande, Ardent yaracengetereye, yinjira mu burimyi, ataratariza hose. Nukwo, araheza akotesha itongo mu ntara ya Cibitoke ca Rugombo, yongera aratira ikibanza umuvyeyi wiwe, mu Nyabunyegeri (mu nzira ija i Bubanza).Yumva yorima itomati n&rsquo;imboga.<\/p>\n\n\n\n<p>Yemwe. N&rsquo;aho ingurube zamwereye, uburimyi bwo ntivyagenze ukwo.&nbsp; Mu gihe yiteze kwimbura, harateye imvura y&rsquo;isegenya, ya mirima yose ahomberamwo, asigara yifumbereje, gutyo aba arahomvye. Kandi aho, mu gukota amatongo no mu kurimisha, Ardent yari yasavye utudeni abagenzi, yategerezwa kubariha. Ntayandi mikoro yari afise, atari za ngurube ziwe. Nukwo, zose acisha kubuhomba, ariha ama deni y&rsquo;abandi.<\/p>\n\n\n\n<p>Nubwo vyamugendeye ukwo, Ardent ntiyahevye intumbero ziwe. Nkukwo avyivugira ngo <em>\u00abumugabo n&rsquo;ibibazo birajana\u00bb<\/em>, yaravyakiriye. Mu nyuma yaho yaragerageje gutunga inka, nazo nyene biranka, kuko aho yari azitungiye, mu Nyabunyegeri, hoba hari ubwoko bw&rsquo;insazi nyinshi zimerera nabi inka, mbere zigateba zigahwera. Ardent yaciye apfisha inka zibiri.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ntiyacitse intege, na gato<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo bibazo vyose yagize, n&rsquo;aho yahahombeye vyinshi, Ardent yarahigiye. Yaciye afata akanya, aritonda, aragira ubushakashatsi bwimbitse, arabaza irya n&rsquo;ino, ingene yokworora neza.<\/p>\n\n\n\n<p>Ahereye ku nkoko, Ardent yarize kuzigaburira ibikenewe, kuzivura, mbere araheba n&rsquo;icumba kimwe mu nzu, atungiramwo uduswi, aza arapimirako imiti, n&rsquo;imfungugwa zikwiye, akayikurikiranira ku mwanya ku mwanya.<\/p>\n\n\n\n<p>Amaze kumenya ibitari bike, mu mpera za 2019 ni ho yaciye asubira kuvyura neza na neza ubworozi bwiwe, aranatunganya ikibanza co mu Nyabunyegeri, ku buryo ubwoko bwose bw&rsquo;ibitungwa yoroye bigira ahavyo, kandi heza<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ama dindons yayashize imbere<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Naho atunze vyinshi, Ardent Nshimirimana arashira umwete n&rsquo;ubwira mu bworozi bw&rsquo;ama dindons.&nbsp; Kukaba nka kwo, nk&rsquo;ukwo avyivugira, ni ibitungwa bigoye gutunga.<\/p>\n\n\n\n<p>Inkomoko yo gukunda ayo ma dindons, Ardent amenyesha ko vyashitse ariko aratembera mu gisagara ca Bujumbura, mu Buyenzi, arazibona, ziramuhimbara. Ni kwo kubaza aho yozikura akazigura, ararondera hirya no hino arabura. Hafi bazimurangiye ni mu gihugu kibanyi ca Congo. Nawe yaciye azirondera, mugabo zikaba zari zisa n&rsquo;izizimvye kuri we.<\/p>\n\n\n\n<p>\u00ab<em>Imwe yagugwa ibihumbi 150, nanje nkaba nari nkeneye 3. Ayo mafaranga ntayo nari mfise, mugabo nategerezwa kuzigura, vyanka bikunda, kuko nari namaze gushira mu mutwe ko ngiye kuba umworozi ruhebwa w&rsquo;ama dindons<\/em>\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Ukwo yabigenjeje, vyogira bake. Nta wundi mutahe yarafise. Yaciye yegera umutambukanyi wiwe, amusaba ko bodandaza impeta z&rsquo;ubugeni. Uwo nawe yabanje kwanka, mugabo arateba aragondozwa, aremera. Nukwo, bazidandaje bakuramwo ibihumbi 370, baraheza barongereza, za dindons 3 ziragurwa.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ntizateye zimworohera<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ardent yari amenyereye kworora inkoko. Naho vyose ari ibiguruka, ngo kubitunga ntibisa. Ama dindons, na cane cane imiswi, asaba gukurikiranwa cane. \u00ab<em>Ntivyanyoroheye kukubera ko ata bavuzi bazo babinonosoye baboneka, kanatsinda n&rsquo;abazitunga si ikirenga. Mu ntango imiswi yarapfuye cane<\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Yarize kuzivura, birakunda, ziravyara ziragwira. Mu kiringo kingana n&rsquo;igice c&rsquo;umwaka, izo dindons zavuye kuri 3 zigera kuri 50, Ardent agaharura ko umwaka uzohera zigeze kuri 500.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/02\/Dindons-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-6144\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/02\/Dindons-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/02\/Dindons-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/02\/Dindons-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/02\/Dindons-1536x1024.jpg 1536w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/02\/Dindons-scaled.jpg 2048w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p>Icifuzo nyamukuru c&rsquo;iwe kikaba ari ukwo umurundi wese, canke umunyamahanga aba mu Burundi, yipfuza gufungura inyama ya Dindon yobariza iwe, mw&rsquo;ishirahamwe yise \u00abla ferme du paysan\u00bb, ibiciro na vyo, mu gihe zizoba zamaze kurwira, ingore ikaba izodandazwa 150.000, ingabo nayo ikagugwa 200.000, nayo umuswi ufise amezi 4 ukaja kuri 75.000<\/p>\n\n\n\n<p>Ha ruhande y&rsquo;ama dindons, ubworozi bw&rsquo;inkwavu, nabwo nyene buritaweho na Ardent, akaba yifuza kuzoba umworozi atanga inyama z&rsquo;inkwavu mu mazu y&rsquo;ubudandaji bw&rsquo;inyama, akaba azidandaza ku kiro, amafaranga 6.500<\/p>\n\n\n\n<p>Vyose hamwe, inzu \u00abla Ferme du Paysan\u00bbya Ardent igizwe n&rsquo;inka 12, ingurube 2, dindons 50, imkoko zirenga 60, inkwavu zirenga 50, hamwe n&rsquo;imirima y&rsquo;ibitegwa bitandukanye<\/p>\n\n\n\n<p>Ardent Nshimirimana arahamagarira urwaruka kwitaho uburimyi n&rsquo;ubworozi, ntirutinye inzitizi zoshobora kubamwo, rukiha amahangiro, rugashiramwo umwanya n&rsquo;umwete<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-cyan-bluish-gray-background-color has-background\"><strong>Uko vyifashe ubu<\/strong><br><br>Ardent aho duheruka kuvugana yatubwiye ko afise inasenge yagomwe ivyakora aho yabisoma ku mbuga ngurukanabumenyi, aca amuha itongo i Muramvya, i Rwasazi, yororeremwo kandi hari amatara n&rsquo;amazi.<br><br>I Bururi naho ngo bamwemereye aho yororera naho arima ibiraya akoresheje umwavu uvuye murivyo bitungwa. Akaba azogenda kubigerageza<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ardent Nshimirimana, ni umwe mu bakiri bato bihebeye uburimyi n&rsquo;ubworozi. Yashimye gushira imbere ubworozi bwa dindons, umugambi usaba ukwitanga n&rsquo;ukwihangana cane. Jimbere yaramugendeye. Burya ntibikunze kuboneka cane,aho imisore canke inkumi bakuriye mu gisagara, bitaho cane ivy&rsquo;uburimyi n&rsquo;ubworozi. Ariko, Ardent Nshimirimana we si ukwo abibona. Ku myaka yiwe 33, Ardent yifitiye indoto zo kurima n&rsquo;ukworora, mbere [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6142,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[209,216],"tags":[627],"coauthors":[34],"class_list":["post-6141","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indanga","category-ubworozi","tag-rugombo"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6141","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6141"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6141\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6146,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6141\/revisions\/6146"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6142"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6141"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6141"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6141"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6141"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}