{"id":6106,"date":"2021-02-06T10:37:34","date_gmt":"2021-02-06T09:37:34","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6106"},"modified":"2023-08-15T11:51:08","modified_gmt":"2023-08-15T09:51:08","slug":"amagara-abana-bavuka-bafatanye-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amagara-abana-bavuka-bafatanye-burundi\/","title":{"rendered":"\u00ab Nta bana ndumva bavukiye mu Burundi bafatanye ngo bakure, nanje mfise akoba\u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Hamaze\u00a0 iminsi\u00a0 havuka\u00a0 abana bafatanye bavukira mu bitaro bitandukanye vyo mu Burundi. Hari abavukiye mu bitaro vyo muri komine Gisuru, abandi muri H\u00f4pital Roi Khaled. Uno munsi bamwe mu bakenyezi batekerwa n\u2019ubwoba kuva bagisama. Barakeneye ihumure, kuko bitari bimenyerewe mu Burundi.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>\u00ab&nbsp;<em>Ndanezerejwe n\u2019uko nibungenze, ariko nguma nibaza nimba bitazohava bishika nkavyara abana bafatanye nk\u2019uko bimaze iminsi biba. Nahoze ndabibona ku mbuga ngurukanabumenyi nkibaza ngo si vyo. Ariko kuva ntanguye kubona no mu Burundi &nbsp;hari abavyeyi bariko barabibaruka &nbsp;kandi nkaba numva ngo ntibikunda ko babamatanura birantera ubwoba.&nbsp; Ikigeretseko nuko ata na bamwe ndumva mu bamaze kuvuka bataciye bitaba Imana.<\/em>\u00bb, Remesha Oriette (izina ryahinduwe), umwe mu bapfasoni bibungenzi twahuye agenda aratuyagira.<\/p>\n\n\n\n<p>Girukwishaka Divine aba mu gisagara ca Bujumbura, aheruka kwubaka urwiwe ariko we ntarasama inda. Yamara, na we nyene ngo afise amazinda&nbsp;: Mbega ni hose bavutse bafatanye bidakunda ko babafatanura&nbsp;? Ni ubuhinga buke bw\u2019abaganga b\u2019i Burundi canke barashoboye ariko nta vyuma bihari vyobunganira&nbsp;? Mbe hoho iyo umukenyezi yibungenze agiye muri \u00ab&nbsp;\u00e9chographie&nbsp;\u00bb, barabibona&nbsp;? Baraheza bagakora iki muri ico gihe? (Abaganga b\u2019abarundi twarondeye batubwiye ko bafatiriwe cane igihe kirekire. Twaracukuye.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Abaganga barabibona muri \u00ab&nbsp;\u00e9cographie&nbsp;\u00bb&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko tubikesha ikinyamakuru co mu bufaransa <a href=\"https:\/\/information.tv5monde.com\/info\/enfants-siamois-5-questions-pour-tout-comprendre-341721\">TV5MONDE<\/a>, muri rusangi iyo umuvyeyi agiye gusuzumisha imbanyi kwa muganga ngo barabe ko umwana ameze neza mu nda biraboneka ko abana bafatanye canke badafatanye. Hari igihe rero bigaragara ko abo bana nubwo bovuka batobandanya babaho. Muri ico gihe, iyo bibonetse hakiri kare, umuganga abigiye inama n\u2019abavyeyi b\u2019umwana barashobora kuyikurayo kugira umuvyeyi ntazobandanye arushwa na yo kandi kumbure azoruhira ubusa. Ni no mu ntumbero yo gukingira amagara y\u2019umuvyeyi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Si iminsi yose bishoboka ko abo bana bamatanurwa&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>N\u2019ibi tubikesha ico kinyamakuru. Nk\u2019iyo vyashitse bakavuka imitwe ari yo &nbsp;imananye, haba hari impungenge ko bashobora kuba basangiye n\u2019ubwonko. Muri ico gihe ntibaba bagitandukanijwe kuko bohava baca basezera isi muri uwo mwanya nyene. Hari aho bano bana baba basangiye umutima canke igitsina. Na ho nyene, kubatandukanya ntibiba bigikunze.<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko rero, nk\u2019iyo basangiye ibindi bihimba, abaganga barashobora&nbsp; kubatandukanya umwe akabaho ukwiwe, uwundi ukwiwe. Ni nk\u2019uko hari aho abaganga bavyihweza bakabona ko umwe muri abo babiri bafatanye ari we ashobora gukura, bakababaga hakarokoka umwe muri bo.<\/p>\n\n\n\n<p>\u00a0Ariko rero n\u2019aho bakura bamatanye, ikibazo caduka iyo umwe apfuye uwundi agikomeye. Akenshi ngo ntibasigana umwanya munini. Nayo abavyeyi batekewe n\u2019ubwoba borema kuko atari kenshi abana bavuka bafatanye. Ivyigwa vyakozwe vyerekana ko kw\u2019isi yose, ku bana bari hagati y\u2019ibihumbi \u00a050 na 100 bavuka, umwe ari we avuka afatanye na mugenzi we. Abamaze gutandukanywa bigakunda mw\u2019isi yose bakaba bangana\u00a0 250.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Hamaze\u00a0 iminsi\u00a0 havuka\u00a0 abana bafatanye bavukira mu bitaro bitandukanye vyo mu Burundi. Hari abavukiye mu bitaro vyo muri komine Gisuru, abandi muri H\u00f4pital Roi Khaled. Uno munsi bamwe mu bakenyezi batekerwa n\u2019ubwoba kuva bagisama. Barakeneye ihumure, kuko bitari bimenyerewe mu Burundi. \u00ab&nbsp;Ndanezerejwe n\u2019uko nibungenze, ariko nguma nibaza nimba bitazohava bishika nkavyara abana bafatanye nk\u2019uko bimaze [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":6107,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[247],"coauthors":[231],"class_list":["post-6106","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-abana"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6106","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6106"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6106\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6108,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6106\/revisions\/6108"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6107"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6106"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6106"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6106"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6106"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}