{"id":6102,"date":"2021-02-04T09:44:48","date_gmt":"2021-02-04T08:44:48","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6102"},"modified":"2023-08-15T11:50:57","modified_gmt":"2023-08-15T09:50:57","slug":"nubwo-inyama-yimbwa-itica-mu-burundi-kirazira","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/nubwo-inyama-yimbwa-itica-mu-burundi-kirazira\/","title":{"rendered":"Nubwo inyama y\u2019imbwa itica, mu Burundi kirazira"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Atari uwo inzoka yayibujije, ntawe akanyama katagwa neza. Ariko none ubwo inyama zose turya tuba tuzizi? Hoba hari inyama zo kurya no kutarya? Hirya no hino hari abaguma bafatwa babaze imbwa kandi bagahanwa, ubwo hoba hariho itegeko ribuza kurya inyama y\u2019imbwa?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uduze uri mu muduga werekeza i Bugarama, hari abantu baguma bananara ku madirisha y\u2019imiduga basanza inyama iyo abantu bicaye. Bamwe bakagura bakazihereza, abandi bagatinya kuko baba batazi ubwoko bw\u2019inyama bazanirwa. Kandi ni ibisanzwe kuko iyo muba muri mu muduga muri benshi ntihabura abagira amakenga. Hari n\u2019abadahisha inyiyumvo yabo. Bamwe bakagira bati<em>: <\/em><em>\u00ab<\/em><em> Murakunda ivyo murya. Izi nyama batembereza hashobora kuba harimwo n\u2019inyama z\u2019imbwa, ugasanga uziriye utabizi. <\/em><em>\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Murabizi burya iyo muri benshi nti mubona ibintu kumwe. Uza wumva uwundi yinamuye ati: <em>\u00abNone inyama y\u2019imbwa uyiriye ukagira Imana ntupfe hari ikibazo biteye? Si inyama nk\u2019izindi?&nbsp; Hoho ugira hari itegeko ryerekana inyama zo kuribwa no kutaribwa rihari? \u00bb<\/em> &nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Uvyumva, uwu avuga ko uyiriye ntikugaruke womenga ari mu kuri. Ariko wogwa ukagaruka ukibaza uti: <em>\u00abNone kuki uwufashwe yabaze imbwa ahanwa mbere n\u2019umunyororo uriko? \u00bb<\/em> Nta nkeka ko hari igituma.<\/p>\n\n\n\n<p>Minani (izina ryahinduwe) ni umuyangayanga mu gisagara ca Bujumbura. Ku bijanye n\u2019igituma vyoshika abantu bakiyumvira kubaga imbwa, yiyumvira ko vyoba biva ku bukene. Baba bariko bararondera amafaranga, bakemera guhemuka kugira baramuke. Araniyumvira kandi ko vyoba bivana nuko abazibaga boba baratemberereye nko mu bihugu bibamwo abantu bazirya, ugasanga baraziriyeko gutyo bagashaka kwinjija umuco w\u2019abandi mu gihugu babamwo.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>None mu vyukuri inyama y\u2019imbwa imeze gute?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Dr Autorine Bashikako, muganga w\u2019ibitungwa akora mu kigo Alpha Vet Clinics kiri i Bujumbura kuri avenue Muramvya n\u00ba26, afatiye ku kuntu imbwa imeze, avuga ko inyama y\u2019imbwa imeze nk\u2019izindi z\u2019ibindi bitungwa. Avuga ko mu bizigize, atacerekana ko uwo yirya yogira ikibazo. Agira ati<em>: \u00ab Inyama y\u2019imbwa isana nk\u2019inyama y\u2019ingurube kiretse ko yoyo imeze nk\u2019iyitukura cane kurusha iy\u2019ingurube. Inyama yayo irimwo ibinure vyinshi cane binyerera. Uyikozeko ifise agahumuro gakaze cane katava ku muntu. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Mbere uyu muganga w\u2019ibitungwa avuga ko abarya inyama z\u2019imbwa nko mu miryango imwe imwe yo muri RD Congo, Cameroun, n\u2019ahandi, bemeza ko ziryoshe nk\u2019izindi nyama.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>None ni kuki mu Burundi batarya imbwa&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Dr Autorine Bashikako, avuga ko ataworya imbwa kuko ari co gikoko ca mbere gishobora kwandukiza ingwara y\u2019ibisazi ku bantu canke ku bindi biciye mu mate, urukonda, amosozi, amaraso, \u2026 (s\u00e9cr\u00e9tion) bihuye n\u2019udukomere tw\u2019abariko barayibaga canke bayikorako. Imbwa kandi irananduza n\u2019izindi ngwara zikaze nk\u2019iyitwa echynococose iterwa na tenia echynococcus iyo ndwara ikaba ifatira mu mahaha, amafyigo, imitsi, ubwonko n\u2019ahandi hakiremeramwo udusaho (kyste hydratique) turimwo amagi ya tenia echynococcus zikuriramwo. Izo ngwara zikaba zica cane.<\/p>\n\n\n\n<p>Na we Innocent Niragira yize ibijanye n\u2019imico n\u2019imigenzo muri kaminuza y\u2019Uburundi, avuga ko mu Burundi, ataworya imbwa kuko ari igikoko cegereye umuntu. Ni umugenzi agendanira sebuja, ikamusangira urugo canke ikamusumira mu ruhigi. Mu Burundi imbwa yacitse igikoko kibana neza n\u2019abantu kuko bashobora kuyirera igakurana indero bayihaye. Ntihemukira sebuja. Ikora ico ayitumye. Ijanye n\u2019umuntu akagwarira ku nzira ntiyigera imuhemukira imuguma hafi. Uyo muntu naho yogwa ku nzira imuguma iruhande gushika anuke, kandi naho ikunda inyama ntigeza kumurya itasaze.<\/p>\n\n\n\n<p>Rero nka kurya umuntu atokwiyumvira kugirira nabi umugenzi wiwe w\u2019inkora mutima ni ko n\u2019imbwa atawoyihemukira ngo ayibage ayirye kuko yabaye umugenzi w\u2019abantu mu mico y\u2019abarundi.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Atari uwo inzoka yayibujije, ntawe akanyama katagwa neza. Ariko none ubwo inyama zose turya tuba tuzizi? Hoba hari inyama zo kurya no kutarya? Hirya no hino hari abaguma bafatwa babaze imbwa kandi bagahanwa, ubwo hoba hariho itegeko ribuza kurya inyama y\u2019imbwa? Uduze uri mu muduga werekeza i Bugarama, hari abantu baguma bananara ku madirisha y\u2019imiduga [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6103,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[626],"coauthors":[34],"class_list":["post-6102","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana","tag-ibitungwa"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6102","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6102"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6102\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6104,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6102\/revisions\/6104"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6103"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6102"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6102"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6102"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6102"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}