{"id":6098,"date":"2021-02-02T16:27:00","date_gmt":"2021-02-02T15:27:00","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6098"},"modified":"2023-08-15T11:50:45","modified_gmt":"2023-08-15T09:50:45","slug":"burundi-umwimbu-ibigori-intete-reta","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-umwimbu-ibigori-intete-reta\/","title":{"rendered":"Burundi: umwimbu w\u2019ibigori ugiye kuja mu minwe ya Reta"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu gihe umurimyi yahora arima ibigori akimbura ariko agatahira imvune, maze inyungu igataha mu bagwizatunga bavuna amaboko abarimyi, ubu umwimbu w\u2019ibigori mu Burundi ugiye kuja urakurikiranwa na Reta ishinga ibiciro vyo kugura intete z\u2019ibigori yongera ibigarukana kw\u2019isoko vyaheze, kugira abarimyi bahatorere akoyoko.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>D\u00e9o Guide Rurema, Umushikiranganji w\u2019Uburimyi, Ubworozi n\u2019Ibidukikije kuri uwu wa 01 Ruhuhuma 2021 mu nyubakwa y\u2019ubushikiranganji bw\u2019ikigega ca Reta yatangarije abarundi na canecane abarimyi ko, ikiro c\u2019intete z\u2019ibigori kigiye kugurwa amafaranga 680 Fbu mu Burundi bwose.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo rero bikaba vyatewe n\u2019uko umurimyi yahora arima, agakoresha inguvu nyinshi, ariko hagera kwimbura, abadandaza bakabapfukama mu nda babigura ku giciro bishakiye, kibavuna amaboko.<\/p>\n\n\n\n<p>Umushikiranganji D\u00e9o Guide Rurema avuga ko, bamaze kugira umwihwezo w\u2019inguvu abarimyi bagira kugira baronke ikiro kimwe c\u2019intete z\u2019ibigori, basanze umurimyi aba yakoresheje uburyo bwababa amafaranga y\u2019amarundi 560Fbu.<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko naho ikiro c\u2019intete kiboneka kibatwaye uburyo bwinshi, mu mwaka uheze ikiro c\u2019ibigori abadandaza bakigurira umurimyi ku mafaranga ari hagati ya 350 na 400 Fbu, canke bakabamena amaso babaha imigwazo ku mafaranga ari musi ya 350Fbu, ariko abadandaza bo bakazobigurisha ku mafaranga ari hejuru ya 1000Fbu inyuma y\u2019amezi make gusa.<\/p>\n\n\n\n<p>Umushikiranganji D\u00e9o Guide Rurema amenyesha ko ari muri iyo ntumbero yo guhesha agaciro umurimyi w\u2019ibigori, Reta yashimye kw\u2019ifatira mu minwe umwimbu w\u2019ibigori vyimburwa mu Burundi kugira abarimyi bazoze baragurirwa neza biyuhe agatuguta, kandi no mu gihe vyogaruka kw\u2019isoko ivyo babitse vyaheze, umurimyi ashobore kubigura bitazimvye cane.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Umwimbu w\u2019ibigori ugiye kuza uregeranirizwa hamwe<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Muri iki gihe bamwe bariko barasarura ibigori. Hari n\u2019abandi vyeze ariko biri mu mirima. Umushikiranganji D\u00e9o Guide Rurema amenyesha ko hagiye kujaho ibigega mpuzantara aho umurimyi wo mu ntara ahereyemwo azoronka aho ashorera ibigori vyiwe ku giciro cashinzwe na Reta. Amenyesha ko vy\u2019abigega rusangi abarimyi bahora babikamwo umwimbu ariho n\u2019abarimyi bashobora kuza barashorera umwimbu wabo kugira uzoce wegeranirizwa hamwe mu bigega mpuzantara imbere yuko bihakurwa bijannwa mu mahinguriro canke mu kigega c\u2019iyegeranirizo (stock strat\u00e9gique).<\/p>\n\n\n\n<p>Immacul\u00e9e Ndabanezwe, umushikiranganji w\u2019ubudandaji n\u2019amahinguriro amenyesha ko, uwo mugambi wo kwegeranya umwimbu w\u2019ibigori ugiye gutuma amashirahamwe akomeye ashiraho ihinguriro rinini rihingura ifu y\u2019ibigori kuko amashirahamwe yari asanzwe ahingura ibigori afise uburyo buke butoshobora guhingura umwimbu wokwegeranywa mu gihugu.<\/p>\n\n\n\n<p>Yagiriye ko anamenyesha yuko hari abo mu bihugu vyo hanze bamaze iminsi basaba kugura umwimbu w\u2019i Burundi. Reta ngo igiye kuraba ingene umwimbu bazoza baregeranya uzoba ungana barabe ko hozoboneka n\u2019uwushoka mu makungu gutyo ubutunzi bw\u2019igihugu bw\u2019iyongere, binongereze inguvu abarimyi.<\/p>\n\n\n\n<div class=\"fb-post\" data-href=\"https:\/\/www.facebook.com\/Jimbere.Magazine\/posts\/2804444766459978\" data-width=\"500\" data-show-text=\"true\"><blockquote cite=\"https:\/\/www.facebook.com\/Jimbere.Magazine\/posts\/2804444766459978\" class=\"fb-xfbml-parse-ignore\"><p>???????? Reta y&rsquo;Uburundi ibicishije mu Bushikiranganji bw&rsquo;Uburimyi, ihejeje gutangaza ko igiciro c&rsquo;ikiro c&rsquo;intete z&rsquo;ibigori&#8230;<\/p>Publi\u00e9e par <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/Jimbere.Magazine\/\">JimbereMagazine<\/a> sur&nbsp;<a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/Jimbere.Magazine\/posts\/2804444766459978\">Lundi 1 f\u00e9vrier 2021<\/a><\/blockquote><\/div>\n\n\n\n<p><strong>None ubwo umwimbu witezwe ungana gute?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umushikiranganji D\u00e9o Guide Rurema, amenyesha ko kuva hafashwe ingingo yo kugwiza umwimbu, abarimyi bayijukiye kuburyo umwimbu uguma wiyongera ukwo iyimbura riza ribisa irindi. Afatiye mu mwaka wa 2015, avuga ko hari habonetse umwimbu w\u2019intete z\u2019ibigori ungana n\u2019amatoni ibihumbi amajana atatu (300.000T), ariko kandi anamenyesha ko mu mwaka wa 2019, ubwigenge bwo kugwiza ibigori bwari bugeze ku bice 95%. Ariko ko ubu muri iri yimbura, uyo mushikiranganji amenyesha ko biteze umwimbu w\u2019umusesekara kuko hategekanijwe kuzimburwa umwimbu w\u2019intete z\u2019ibigori ungana n\u2019amatoni umuriyoni (1.000.000T).<\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko igiciro co kugura umwimbu mu barimyi catanzwe na Reta, ni na yo izotanga igiciro co kuwudandaza imaze kubona uwegeranijwe uko ungana nk\u2019uko bishikirizwa na D\u00e9o Guide Rurema. Ariko kandi ngo kubera ko intete z\u2019ibigori zitaruma neza, amenyesha ko ukugura ivyo bigori bizotangura vuba bitazorenga nko mu kwezi kwa Ntwarante. Akanagabisha ko abaguzi bazobigura ku mafaranga ari musi ya 680 Fbu ko bazohanwa hisunzwe amategeko.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihe umurimyi yahora arima ibigori akimbura ariko agatahira imvune, maze inyungu igataha mu bagwizatunga bavuna amaboko abarimyi, ubu umwimbu w\u2019ibigori mu Burundi ugiye kuja urakurikiranwa na Reta ishinga ibiciro vyo kugura intete z\u2019ibigori yongera ibigarukana kw\u2019isoko vyaheze, kugira abarimyi bahatorere akoyoko. D\u00e9o Guide Rurema, Umushikiranganji w\u2019Uburimyi, Ubworozi n\u2019Ibidukikije kuri uwu wa 01 Ruhuhuma 2021 [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":6099,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[215],"tags":[488],"coauthors":[189],"class_list":["post-6098","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-uburimyi","tag-ibigori"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6098","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6098"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6098\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6101,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6098\/revisions\/6101"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6099"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6098"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6098"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6098"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6098"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}