{"id":6094,"date":"2021-01-31T07:52:51","date_gmt":"2021-01-31T06:52:51","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6094"},"modified":"2021-01-31T07:53:41","modified_gmt":"2021-01-31T06:53:41","slug":"dutahure-uruhara-rwabahurikiye-mu-kibano-menyumenyeshe-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/dutahure-uruhara-rwabahurikiye-mu-kibano-menyumenyeshe-burundi\/","title":{"rendered":"Dutahure uruhara rw&rsquo;abahurikiye mu kibano mu ndinganizo \u00ab\u00a0AGE\u00a0\u00bb ya Menyumenyeshe"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kugira habe impinduka ishimishije mu bijanye n&rsquo;irondoka rijanye n&rsquo;amagara meza, abahurikiye mu kibano n&rsquo;abo bafise ikibanza gikomeye, kuva kubahuzamigambi ba Menyumenyeshe, urwaruka rw&rsquo;abakoranabushure, abajejwe intwaro, eka mbere n&rsquo;abamenyeshamana ntibibagiwe.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kuva aho hatanguriye indinganizo ihurikiyemwo bose ku mashure mu mugambi wa Menyumenyeshe harahindutse ibitari bike. Kimwe muri ivyo vyahindutse ni ugushira hamwe abo bose begwa n&rsquo;indero y&rsquo;urwaruka mu kibano no ku mashure. Ivyo navyo bikaba vyabonywe nk&rsquo;uburyo bwiza bwo gutuma indero y&rsquo;urwaruka hamwe n&rsquo;ubumenyi mw&rsquo;irondoka rijanye n&rsquo;amagara meza vyisununura.<\/p>\n\n\n\n<p>Consolata Ndikumana, asanzwe ari umuhuzabikorwa mu runani Menyumenyeshe rwo mu Rutegama, Komine n&rsquo;intara ya Gitega aratuyagira igikorwa ciwe muri Menyumenyeshe kuva aho hatanguriye indinganizo ihurikiyemwo bose ku mashure: <em>\u00ab Nd&rsquo;umuhuzabikorwa wa Menyumenyeshe ng&rsquo;aha mu runani rwa Murima, bisigura ko ntegerezwa kuraba y&rsquo;ukwo ibikorwa bikorerwa mu migwi&nbsp; ko bikurikiza intumbero yashizwe imbere na Menyumenyeshe. Ndagerageza kuraba ko twese tugenda dutahura kumwe iyo ntumbero n&rsquo;ihinduka twiteze mu rwaruka no mu kibano. Ku mashure ndayaga n&rsquo;abigisha-barezi kugira ngo ntihabeho guhesha muri uyu mugambi wa Menyumenyeshe kuko uru en n&rsquo;urugamba turiko kandi kwigisha n&rsquo;uguhozako na ntaryo.<\/em><em> \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Igikorwa ciwe ariko ngo ntigihereraho. Umupfasoni Consolata arongera akaza arahura n&rsquo;abatanga inyigisho abo ni nk&rsquo;abigisha barezi, canke urwaruka rw&rsquo;abakorerabushake kugira bayage ku buryo bubereye bw&rsquo;ugutanga inyigisho za Menyumenyeshe.<\/p>\n\n\n\n<p>Emery Ishimwe, umukorerabushake wo mu runani Menyumenyeshe rwa Murima&nbsp; muri Komine n&rsquo;intara ya Kayanza we avuga ko mu ndinganizo&nbsp; ihurikiyemwo bose ku mashure akora akazi ko guhuza urwaruka rwo ku mashure n&rsquo;ikibano rubayemwo aho n&rsquo;ukuvuga nk&rsquo;amavuriro, abahurikiye mu kibano, abajejwe intwaro eka mbere n&rsquo;abamenyeshamana.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mbega abajejwe intwaro hamwe n&rsquo;abamenyeshamana ntibibagiwe ?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ihi bambewe. Ernest Ntawukirishiga , umuhanuzi wa musitanteri ajejwe ivy&rsquo;imibano muri Komine ya Gitega atubwira ko n&rsquo;abajejwe intwaro batibagiwe muri iyi ndinganizo ihurikiyemwo bose ya Menyumenyeshe : <em>\u00ab Uruhara rwacu n&rsquo;urwo gukingira ibikorwa vya Menyumenyeshe bikaba ata nkomanzi. Ikindi naco abantu bomenya n&rsquo;ukwo burya akarere kose kagira imico yako, twebwe rero nk&rsquo;abajejwe intwaro turafashanya n&rsquo;abo muri Menyumenyeshe kugira habe itangwa ry&rsquo;inyigisho rihuye n&rsquo;ico urwaruka&nbsp; rwo mu turere&nbsp; rwipfuza gusumba. <\/em><em>\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ntawukirishiga arongera akamenyesha kandi ko nk&rsquo;abajejwe intwaro baganira n&rsquo;abamenyeshamana babatumirira kwubahuka kuganirira urwaruka ibijanye n&rsquo;ubuzima ndoragitsina.<\/p>\n\n\n\n<p>Bishop Pierre N. ari mu barongoye urunani rw&rsquo;amashengero rwo muri Kayanza ati: <em>\u00ab Menyumenyeshe yaratwubahuye, Ubu ntudutinya kuganirira urwaruka ku bijanye n&rsquo;irondoka rijanye n&rsquo;amagara meza kandi twasanze bifise akamaro kanini kuko ibihindura abandi si ubutumwa bwo muri Bibiliya gusa. <\/em><em>\u00bb<\/em> Gushira inguvu hamwe kugira haboneke impinduka ng&rsquo;ivyo ibituma indinganizo ihurikiyemwo bose ya Menyumenyeshe ku mashure ishobora gutanga ivyamwa bishimishije.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kugira habe impinduka ishimishije mu bijanye n&rsquo;irondoka rijanye n&rsquo;amagara meza, abahurikiye mu kibano n&rsquo;abo bafise ikibanza gikomeye, kuva kubahuzamigambi ba Menyumenyeshe, urwaruka rw&rsquo;abakoranabushure, abajejwe intwaro, eka mbere n&rsquo;abamenyeshamana ntibibagiwe. Kuva aho hatanguriye indinganizo ihurikiyemwo bose ku mashure mu mugambi wa Menyumenyeshe harahindutse ibitari bike. Kimwe muri ivyo vyahindutse ni ugushira hamwe abo bose begwa n&rsquo;indero [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6095,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[293],"coauthors":[34],"class_list":["post-6094","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-menyumenyeshe"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6094","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6094"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6094\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6096,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6094\/revisions\/6096"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6095"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6094"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6094"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6094"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6094"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}