{"id":6091,"date":"2021-01-31T07:19:00","date_gmt":"2021-01-31T06:19:00","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6091"},"modified":"2021-01-31T07:26:40","modified_gmt":"2021-01-31T06:26:40","slug":"urugamba-rwa-menyumenyeshe-guserukirwa-kungana-hagati-yibitsina-vyose-ku-mashure-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/urugamba-rwa-menyumenyeshe-guserukirwa-kungana-hagati-yibitsina-vyose-ku-mashure-burundi\/","title":{"rendered":"Urugamba rwa Menyumenyeshe: guserukirwa kungana hagati y&rsquo;ibitsina vyose ku mashur"},"content":{"rendered":"\n<p>Kimwe mu vyo indinganizo ya Menyumenyeshe ihurikiyemwo bose ku mashure yaje ishaka kugwanya harimwo ukudafatwa kumwe hagati y&rsquo;abigeme n&rsquo;abasore ku mashure. Urwo rugamba Menyumenyeshe yararutsinze kubw&rsquo;iyo ndinganizo nshasha.<\/p>\n\n\n\n<p>Ukungana kw&rsquo;ibitsina ni kimwe mu nkingi Menyumenyeshe ishingirako igikorwa cayo. Ikaba ari n&rsquo;ayo mpamvu yatumye Menyumenyeshe mu ndinganizo yayo ihurikiyemwo bose ishima guhagarara no gukomeza iyo nkingi kugira ntihasubire kubaho ugukumirwa na kumwe maze irondoka rijanye n&rsquo;amagara meza rishobore kubandanya ryisununura ku mashure.<\/p>\n\n\n\n<p>Kubwa Alexandre Niyonsaba umukorerabushake wo kuri Lyc\u00e9e Kiganda mu ntara ya Muramvya ati : \u00a0\u00bb Kubera amashure yo mu Burundi yugururiwe ibitsina vyose, ntihobura uwihenda akibaza ko ata gukumirana kubayo. Ihi bambewe. Twabanje rero kugira ikiyago c&rsquo;ukwumvisha abahungu ko bangana n&rsquo;abakobwa atawuruta uwundi.\u00a0\u00bb Uwo mukorerabushake agatanga akarorero k&rsquo;impinduka mu kubona muri batatu (3) barongoye abandi kw&rsquo;iryo shure, 2 ari abana n&rsquo;abigeme kandi bakaba banavyitwaramwo neza.<\/p>\n\n\n\n<p>Kw&rsquo;ishure ryo mu Rutegama ho ngo umubano hagati y&rsquo;abahungu n&rsquo;abigeme ngo n&rsquo;akaroruhore ngo imiyabaga y&rsquo;abahungu iyo ihaye ikora ibikorwa vy&rsquo;isuku kw&rsquo;iryo shure ntiwomenya ko ari abaraho bahoze bagarariza: \u00a0\u00bb Abahungu bo ng&rsquo;aha basigaye babangutse ntiworaba, barafashanya n&rsquo;abigeme mu bikorwa vy&rsquo;isuku badahigimanze, hama muri uwo mwanya niho usanga turiko turatwenga dutebura ku bijanye na kahise canke ibindi vyose bigumiza umwigeme inyuma\u00a0\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Jean Berchmans Mateso, umuyobozi w&rsquo;ishure ryisumbuye rya Komine ryo ku Murima muri Komine n&rsquo;intara ya Kayanza ati ng&rsquo;aha kw&rsquo;ishure ryacu duha ikibanza kingana umwana w&rsquo;umwigeme n&rsquo;umusore ntawusumba uwundi. \u00ab\u00a0Kuba mu kibano, abantu badakunze kwicara ngo baganire bituma ishure ari ryo riba nk&rsquo;uruganda rw&rsquo;ivyiyumviro biza gutuma no mu kibano bahindura ivyiyumviro, ivyo navyo turavyishilira cane.\u00a0\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Butoyi Fabien, umukuru wa zone Kiganda we avuga ko ivyo urwaruka rwigira ku mashure bifasha cane mu kibano mu gutuma ivyiyumviro bihinduka mu mitwe y&rsquo;abantu: \u00ab\u00a0Uretse ko bituma abakobwa bisanzura mu vyigwa, biratuma babona ko bashoboye bagakura amaboko mu mpuzu maze iterambere ry&rsquo;ikibano rigakurikira.\u00a0\u00bb<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kimwe mu vyo indinganizo ya Menyumenyeshe ihurikiyemwo bose ku mashure yaje ishaka kugwanya harimwo ukudafatwa kumwe hagati y&rsquo;abigeme n&rsquo;abasore ku mashure. Urwo rugamba Menyumenyeshe yararutsinze kubw&rsquo;iyo ndinganizo nshasha. Ukungana kw&rsquo;ibitsina ni kimwe mu nkingi Menyumenyeshe ishingirako igikorwa cayo. Ikaba ari n&rsquo;ayo mpamvu yatumye Menyumenyeshe mu ndinganizo yayo ihurikiyemwo bose ishima guhagarara no gukomeza iyo nkingi [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6089,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[293],"coauthors":[34],"class_list":["post-6091","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-menyumenyeshe"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6091","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6091"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6091\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6093,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6091\/revisions\/6093"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6089"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6091"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6091"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6091"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6091"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}