{"id":6088,"date":"2021-01-30T19:35:53","date_gmt":"2021-01-30T18:35:53","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6088"},"modified":"2021-01-30T19:35:57","modified_gmt":"2021-01-30T18:35:57","slug":"ivyirondoka-rijanye-namagara-meza-vyega-umwe-wese-mu-bari-kwishure","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ivyirondoka-rijanye-namagara-meza-vyega-umwe-wese-mu-bari-kwishure\/","title":{"rendered":"Ivy&rsquo;irondoka rijanye n&rsquo;amagara meza vyega umwe wese mu bari kw&rsquo;ishure."},"content":{"rendered":"\n<p>Ngo ivyahindutse si bike kuva aho Menyumenyeshe itanguriye indinganizo yayo nshasha ihurikiyemwo bose ku mashure. Kuva ku munyeshure guca ku muzamu gushika no ku muyobozi w&rsquo;ishure, uwo wese afise uruhara mu buzima bw&rsquo;ishure arahabwa ikibanza kibereye muri Menyumenyeshe.<\/p>\n\n\n\n<p>Diom\u00e8de Niyonzima umurezi wo kw&rsquo;ishure rya Rutegama ya mbere muri Komine n&rsquo;intara ya Gitega niwe aduha igicapo c&rsquo;ukwo ibintu vyifashe ubu. Ati, hataratangura iyi ndinganizo nshasha ya Menyumenyeshe ihurikiyemwo bose abigisha batatu nibo bonyene bakurikirana ibikorwa vya Menyumenyeshe. Ivyo navyo ngo vyaraheza bigatera ingorane nk&rsquo;iyo harimwo uwuhinduriwe ikibanza c&rsquo;akazi akaja gukorera ahandi, umugambi warashobora guca utera usambuka burundu kuri iryo shure.<\/p>\n\n\n\n<p>Menyumenyeshe rero mu ndinganizo yayo nshasha ihurikiyemwo bose ku mashure yaciye ibifata nka nkama mu guhuza abo bose begwa n&rsquo;ubuzima bw&rsquo;ishure ngo baheze bahabwe ikibanza muri Menyumenyeshe maze n&rsquo;abo baterere mu ndero y&rsquo;urwaruka.<\/p>\n\n\n\n<p>Jean Berchmans Mateso, umuyobozi w&rsquo;ishure ryisumbuye rya Komine ryo ku Murima, Komine n&rsquo;intara ya Muramvya ati:\u00a0\u00bb Intumbero nshasha ya Menyumenyeshe yazanywe n&rsquo;iyi ndinganizo ihurikiyemwo bose ku mashure yatumye dutahura ko kwigisha atari igikorwa c&rsquo;umwigisha gusa.\u00a0\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>L\u00e9onard Ndikumana n&rsquo;umuzamu kw&rsquo;ishure shingiro ryo mu Rutegama, Komine Gitega atubwira ati ntiworaba ukuntu basigaye banzirikana aha kw&rsquo;ishure : \u00ab\u00a0Ubwa mbere wamengo ntaco maze, bose hamwe abanyeshure n&rsquo;abigisha ntibanyubaha\u00a0\u00bb ati vyatumye nawe ahindura ingendo: \u00a0\u00bb Ubu nta kantu na kamwe nokwemera ko usanga kiyandagaza ng&rsquo;aha kw&rsquo;ishure , ndagerageza gupanga ibintu vyose, kugira ng&rsquo;aha kw&rsquo;ishure usange ibintu bipanze neza. Mw&rsquo;iki gihe ca Corona Virus hoho, nduzuza amazi ibivomesho maze abanyeshure bagashobora gukaraba imbere y&rsquo;ugushika mw&rsquo;ishure, nkaca nongera nkabibika neza batashe.\u00a0\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Imigenderanire myiza cane hagati y&rsquo;urwaruka n&rsquo;abarezi babo<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ubwambere umwigisha yafatwa nk&rsquo;uwutanga icigwa gusa hama akigira, ubu ngo ng&rsquo;aho siho bakiri, umwigisha ni kirumara mu ndero y&rsquo;urwaruka. Paul Ntukamazina, umwigisha wo kuri Lyc\u00e9e Kiganda mu ntara ya Muramvya ati: \u00a0\u00bb indinganizo ihurikiyemwo bose ya Menyumenyeshe ku mashure iratuma umwigisha aba umugenzi n&rsquo;umuhanuzi w&rsquo;umunyeshure. Maze umunyeshure ntibabe har&rsquo;ico acinuba kubwira umurezi wiwe. Nanje narize nongera ndamenya ingene nganiriza umunyeshure maze nawe ntatinye kumbwira akamubakiye\u00a0\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Galine Kaneza, umuyobozi w&rsquo;ishure shingiro rya Rutegama we avuga ko ubu batakirindira umunsi bahurira mu migwi (clubs) kugira bayage ibijanye n&rsquo;irondoka rijanye n&rsquo;amagara meza :\u00a0\u00bb Kubera inyigisho bose bahawe nk&rsquo;abigisha, ubu abigisha bonyene ubwabo barasiga akanya bahejeje gutanga ivyigwa vyabo hama bakayaga n&rsquo;abanyeshure ivy&rsquo;irondoka rijanye n&rsquo;amagara meza batiriwe bararindira ibiganiro vyo mu migwi.\u00a0\u00bb , Uwo muyobozi akarangiza agira ati: iyi ndinganizo ihurikiyemwo bose ku mashure yaje hageze.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ngo ivyahindutse si bike kuva aho Menyumenyeshe itanguriye indinganizo yayo nshasha ihurikiyemwo bose ku mashure. Kuva ku munyeshure guca ku muzamu gushika no ku muyobozi w&rsquo;ishure, uwo wese afise uruhara mu buzima bw&rsquo;ishure arahabwa ikibanza kibereye muri Menyumenyeshe. Diom\u00e8de Niyonzima umurezi wo kw&rsquo;ishure rya Rutegama ya mbere muri Komine n&rsquo;intara ya Gitega niwe aduha igicapo [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6089,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[293],"coauthors":[34],"class_list":["post-6088","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-menyumenyeshe"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6088","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6088"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6088\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6090,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6088\/revisions\/6090"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6089"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6088"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6088"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6088"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6088"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}