{"id":6081,"date":"2021-01-30T13:21:50","date_gmt":"2021-01-30T12:21:50","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6081"},"modified":"2023-08-15T11:50:34","modified_gmt":"2023-08-15T09:50:34","slug":"kuki-urugero-rwamaraso-rwagabanutse-muri-cnts-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kuki-urugero-rwamaraso-rwagabanutse-muri-cnts-burundi\/","title":{"rendered":"Kuki urugero rw\u2019amaraso rwagabanutse muri CNTS ?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kuva aho ikiza ca Covid-19 cinjiriye mu Burundi, urugero rw\u2019amaraso yegeranywa n\u2019ikigo CNTS rwaragabanutse\u00a0: mu gice ca mbere c\u2019umwaka wa 2019, imbere y\u2019ico kiza\u00a0 hari hegeranijwe udusaho tw\u2019amaraso 20.500. Umwaka wa 2020, muri ico gice nyene hegeranijwe utungana 17.375.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Muganga F\u00e9licien Nzotungwanayo, umuyobozi w\u2019ikigo CNTS agira ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;kare mu mashure yisumbuye, ni ho twahora turonka amaraso menshi, ariko ubu amaraso yaragabanutse ku bice bishika 40% ufatiye ku yo twahora twegeranya dukuye muri ayo mashure<\/em>.\u00bb Kubw\u2019uwo muyobozi, imvo yoba ari uko&nbsp; ubu muri ayo mashure higa abana bakiri bato, batarakwiza imyaka yo gutanga amaraso (bafise munsi y\u2019imyaka 18).<\/p>\n\n\n\n<p>Muri za kaminuza na ho nyene, amaraso yahora avayo atari make. Hari mu bihe baba hamwe, begeranye nko mu bigo vy\u2019uburaro. Ariko rero, bivanye n\u2019uko uno munsi abatari bake baba mu makaratiye atandukanye, ntibiheza ngo vyorohe ko begeranira hamwe. Ni cokimwe no mu mugwi ugizwe n\u2019abasirikare n\u2019abaporisi, ubu bari kure na kure nk\u2019uko uwo muyobozi abandanya abisigura.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Amakenga mu batanga&nbsp; n\u2019abongererezwa amaraso<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Steve Nimbona, yibaza nimba bitoshika akandurira umugera aho agiye kuyatangira ubona ko haba hakoraniye abantu benshi kandi umuganga umwe akaba yakirira abantu benshi mu kibanza kimwe. Kuri ico, muganga F\u00e9licien arahumuriza abahora bayatanga aho amenyesha ko abaganga bakora ico gikorwa co kwegeranya amaraso baronkejwe inyigisho zijanye no kwikingira umugera wa Covid-19. Kukaba nkakwo, n\u2019aho baba bariko barakorera ngo&nbsp; habanza gutunganywa neza, hari amazi meza n\u2019isabuni abaje kwipimisha umugera bakabanza gukaraba n\u2019amazi meza n\u2019isabuni.<\/p>\n\n\n\n<p>Hari n\u2019abagwaza&nbsp; b\u2019abakamye amaraso&nbsp; kandi bize bakididaniwe, bibaza nimba umugwayi wabo atoshobora guterwa amaraso arimwo umugera wa covid-19. Muganga F\u00e9licien aratanga umuco&nbsp;:&nbsp;\u00ab&nbsp;<em>Hisunzwe ivyigwa vyakozwe n\u2019ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y\u2019abantu kw\u2019isi OMS, nta na hamwe berekana ko uwo mugera wandukira biciye mu maraso. Ni na co gituma, ata n\u2019igipimo cawo cigera gikorwa n\u2019ikigo CNTS. Ahubwo turaba ko ayo maraso ata mugera wa sida uyarimwo, umugera w\u2019igitigu c\u2019ubwoko B na C n\u2019uwa sifirisi.<\/em>\u00bb&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Umugambi wo kugabura amaraso gutatu\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Burya&nbsp; mu maraso ngo hasanzwe harimwo uduce twinshi twa nkenerwa mu mubiri w\u2019umuntu. Hari aho rero umugwayi usanga akeneye kamwe muri utwo duce (globule rouge, plasma, plaquette) ntabe akeneye twose. Hamwe n\u2019ivyo, muganga F\u00e9licien amenyesha ko mu migambi izorangurwa mu myaka 5 harimwo kugura icuma gitandukanya utwo duce kugira umugwayi aze ahabwa agace umubiri wiwe ukeneye, utundi dufasha abandi adukeneye, vyumvikana ko amaraso azoca yiyongera.<\/p>\n\n\n\n<p>Muganga F\u00e9licien rero akaba aremesha abarundi anabasaba kugira umutima w\u2019urukundo, kwijukira gutanga amaraso mu ntumbero yo kurokora ubuzima bwa benshi, kuko kugira ngo amaraso ntakehe bisabwa ko n\u2019imiburiburi umuntu umwe ayaha abantu 1000 ku mwaka . Ariko rero, uwugwaye canke akeka ko yanduye umugera wa covid-19 ngo ntiyemerewe kuyatanga.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kuva aho ikiza ca Covid-19 cinjiriye mu Burundi, urugero rw\u2019amaraso yegeranywa n\u2019ikigo CNTS rwaragabanutse\u00a0: mu gice ca mbere c\u2019umwaka wa 2019, imbere y\u2019ico kiza\u00a0 hari hegeranijwe udusaho tw\u2019amaraso 20.500. Umwaka wa 2020, muri ico gice nyene hegeranijwe utungana 17.375. Muganga F\u00e9licien Nzotungwanayo, umuyobozi w\u2019ikigo CNTS agira ati&nbsp;:&nbsp;\u00ab&nbsp;kare mu mashure yisumbuye, ni ho twahora turonka amaraso [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":6082,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[625,624],"coauthors":[231],"class_list":["post-6081","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-amaraso","tag-cnts"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6081","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6081"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6081\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6083,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6081\/revisions\/6083"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6082"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6081"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6081"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6081"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6081"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}