{"id":6069,"date":"2021-01-28T08:51:20","date_gmt":"2021-01-28T07:51:20","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6069"},"modified":"2023-08-15T11:50:23","modified_gmt":"2023-08-15T09:50:23","slug":"umugabo-kurira-bibereye-abagore-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/umugabo-kurira-bibereye-abagore-burundi\/","title":{"rendered":"\u00ab Ngo nta mugabo wo kurira, ivyo bibereye abagore \u2026 \u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abantu benshi tuzi ko kurira ari ibisanzwe ku bana bato kandi ko ata n\u2019ico bitwaye kubona abagore bariko bararira. Ariko, ngo nta mugabo wo kurira naho yohura n\u2019ibimubabaza vyinshi kuko ngo vyoboneka nabi mu bantu. Kanatsinda ngo amarira y\u2019umugabo atemba aja mu nda.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu Burundi bwa kera, indero y\u2019umwana w\u2019umuhungu yari itandukanye n\u2019iy\u2019umukobwa. Umukobwa babona ko arerwa na nyina. Agakora imyuga nyina akora. Muri make, yaherekeza nyina mu bikorwa asanzwe akora vyose. N\u2019umuhungu nyene yaherekeza se mu bikorwa vyiwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Pantal\u00e9on Ntakarutimana yize ivyigwa vy\u2019imico n\u2019amayagwa nyafirika muri kaminuza y\u2019Uburundi, afatiye ku ndero abana bahabwa, avuga ko ibikorwa vy\u2019abahungu n\u2019abagabo vyaba ari ibikorwa bigumye. Bidasaba agafyinyi. Kuburyo umwana w\u2019umuhungu arize, baca bamukubita, bamubwira bati: <em>\u00ab<\/em><em>Wewe urashobora kurira uri umuhungu, nta soni? Ivyo ni ivy\u2019abagore. <\/em><em>\u00bb<\/em> Umuhungu ntiyabwirizwa gufyina kuko vyaboneka ko ategerezwa kwiga kuja imbere y\u2019umugore, kandi ariwe amucira inzira.<\/p>\n\n\n\n<p>Dr Jean-Marie Ningenza, umwigisha muri kaminuza y\u2019Uburundi mu gisata kiraba ibijanye n\u2019inyifato n\u2019imibereho y\u2019abantu avuga ko aho hambere umuhungu bamushiramwo agatima ko kurinda. Bakamukuramwo ibigumbagumba bituma aba umunyabwoba, ahubwo akiga gukomera umutima. Rero ngo kugira ivyo bishoboke, yakura bamubuza kurira. Bakamwereka ko kurira ari ikimenyetso c\u2019ukutarinda. Agaca akura azi ko umuhungu atarira. Mbere ko naho yorira, kizira kwereka abantu ko yakoroye amosozi, ahubwo ko yoyigumizamwo. Ni na ho havuye wa mwibutsa w\u2019abarundi ugira uti: <em>\u00abAmarira y\u2019umugabo atemba aja mu nda. \u00bb<\/em> Ko umuhungu aguma afise isura irinda, atarizwa n\u2019akantu kose kamushikiye.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>None ubwo hoba hariho akamaro ko kurira?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Burya nta kabura imvo. Dr Jean Marie Ningenza avuga ko kurira bifise akamaro kanini cane. Uyu mwigisha aremeza neza ko hatarira amaso, ahubwo harira umutima. Ni ukuvuga ko, iyo umuntu arize, hari ibintu biba biri muriwe bimutuma arira. Arya marira akoroka ngo asigura ko hari ikimugoye kandi kimubabaje yaburiye inyishu, akanduruka aturikisha akarira.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"512\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/01\/firmin-1024x512.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-6071\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/01\/firmin-1024x512.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/01\/firmin-300x150.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/01\/firmin-768x384.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/01\/firmin-1536x768.jpg 1536w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/01\/firmin-scaled.jpg 2048w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p>Jean Marie Ningenza ati: <em>\u00ab Iyo umuntu arize, biboneka nk\u2019inyishu y\u2019ikibazo cari canse gusohoka. Ni yo mpamvu n\u2019iyo umuntu yabuze umuntu bagira bati: Mureke arire yihereze. Aruhuke. Arya marira umuntu abika muri we, aba ariko aratuma ico kintu gishaka gusohoka kimera nk\u2019ikibombe gishaka guturika. Kurira rero biboneka nk\u2019uko ari inyishu y\u2019ibibazo biba vyabuze aho bisohokera. Ni vyiza rero ko umuntu arira, akihereza. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Uyo mwigisha muri kaminuza avuga rero ko kurira atari ivy\u2019abana canke ivy\u2019abagore gusa. Ahubwo ko uwo vyokundira wese, iyo ari mu bihe birijije ko yorira kuko vyorosha umutima n\u2019umutwe, bigatuma hanaboneka n\u2019inyishu z\u2019ibiba bimubabaje. Rero iyo utarize wabishaka bituma wama utuntuye kandi urushe. Ku bw\u2019ivyo, n\u2019abagabo barakwiye kudatinya kurira mu bihe vy\u2019umubabaro, kuko biruhura, bitayeko ntibinakuraho ukurinda umugabo aba asanganywe.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abantu benshi tuzi ko kurira ari ibisanzwe ku bana bato kandi ko ata n\u2019ico bitwaye kubona abagore bariko bararira. Ariko, ngo nta mugabo wo kurira naho yohura n\u2019ibimubabaza vyinshi kuko ngo vyoboneka nabi mu bantu. Kanatsinda ngo amarira y\u2019umugabo atemba aja mu nda. Mu Burundi bwa kera, indero y\u2019umwana w\u2019umuhungu yari itandukanye n\u2019iy\u2019umukobwa. Umukobwa babona [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":6070,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[487],"coauthors":[189],"class_list":["post-6069","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana","tag-amarira"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6069","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6069"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6069\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6072,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6069\/revisions\/6072"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6070"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6069"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6069"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6069"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6069"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}