{"id":6053,"date":"2021-01-25T17:38:19","date_gmt":"2021-01-25T16:38:19","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6053"},"modified":"2021-01-26T13:04:03","modified_gmt":"2021-01-26T12:04:03","slug":"uruhara-umunyeshure-itunganywa-imigwi-yerekeye-irondoka-rijanye-namagara-meza-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/uruhara-umunyeshure-itunganywa-imigwi-yerekeye-irondoka-rijanye-namagara-meza-burundi\/","title":{"rendered":"Uruhara rw\u2019umunyeshure mw\u2019itunganywa ry\u2019imigwi yerekeye irondoka rijanye n\u2019amagara meza"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Hari hasanzwe haboneka intambwe mu vyerekeye irondoka rijanye n&rsquo;amagara meza, Menyumenyeshe itaratangura gushira mu ngiro indinganizo ihurikiyemwo bose ku mashure (AGE). Ariko kuva uwo mugambi uhisemwo kwongereza uruhara rw&rsquo;abanyeshure mu kwitunganiriza imirwi (clubs), harabaye akarusho.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abanyeshure bategerezwa gufata iya mbere mw&rsquo;itunganywa ry&rsquo;ibikorwa n&rsquo;inyigisho za Menyumenyeshe mu migwi bahurikiyemwo. Mushobora kwibaza akamaro ivyo bifise? Adrien Nahayo arongoye urunani Menyumenyeshe rw&rsquo;i Murima muri Kayanza niwe abitwiganira ati: <em>\u00a0\u00bb Ni kugira dukaburire urwaruka, rwo nyene urwabwo, kwiga kwitunganiriza ibikorwa vyo mu migwi, kuko nibo bazi ico bashaka kumenya, n\u2019inyigisho bakeneye kwumva. Uruhara rwabo rero ni ntangere.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Akagaruka akatugira ku muriri itandukaniro rihari n\u2019ukwo vyari bitunganije ubwa mbere ati: <em>\u00a0\u00bb Biratandukanye cane n&rsquo;ukwo vyari mu ndinganizo ya mbere ya Menyumenyeshe, ica mbere co mu migwi haza uwushaka,&nbsp; nta gaciro gakwiriye babiha, n&rsquo;abaza bakaguma bakwega amaguru, no mu bikorwa vy\u2019imigwi bakabikora nk\u2019abadashaka, kubera bakora ivyo bategetswe. Ubu ariko kubera aribo bavyikorera hafi ya vyose, bakanihitiramwo n&rsquo;abigisha bakorana barabikunda kurusha.\u00a0\u00bb<\/em> Ku bwiwe ngo ikindi ciyongere n&rsquo;ukugira rwabo izo nyigisho, bakumva ko aribo ruti rw&rsquo;umugongo rw&rsquo;imigwi bahurikiyemwo (clubs), ko babitaye vyoba bipfuye.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kubaha ikibanza ngo bitunganirize imigwi birafasha cane mu kibano<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Muhoza Marie Gr\u00e2ce, ari mu barongoye abandi mu mugwi bigiramwo ivy\u2019irondoka rijanye n\u2019amagara meza kw\u2019ishure rya Komine ryo ku Murima, intara ya Kayanza ati : <em>\u00ab Kubona twizerwa ngo turongore abandi, turabikenguruka cane. Turi kumwe n\u2019abandi banyeshure tugenda turabona ibikorwa bibereye vy\u2019ugukora, n\u2019inyigisho z\u2019ukwiga, n\u2019uguhagararako bimwe bihagije. Twarashizeho n\u2019umugwi utegura ibikino, ivyese, tuza turaja gukina mu mitumba iyo tugiye kwigisha ivy&rsquo;uyu mugambi. Ni na twebwe twitorera ikirangaminsi c&rsquo;ingene tuzohora tuja kubikina n&rsquo;aho tuzoja. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ndayishimiye Connie, umwigisha murezi wo kw&rsquo;ishure shingiro rya Rutegama ati: \u00ab <em>N&rsquo;ubwo biri ukwo kugira uhabwe kurongora club, utegerezwa kuba uri umunyeshure akerebutse, witanga mu bikorwa kandi uciye ubwenge<\/em>.\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Kw&rsquo;ishure ryo ku Murima muri komine n\u2019intara ya Kayanza, Jean Berchmans Mateso umuyobozi waryo atubwira ati kubaha umwanya bakisanzura mw&rsquo;itunganywa ry&rsquo;imigwi y&rsquo;ibikorwa bituma no mu kibano baba abantu b\u2019abizerwa, babona kure, bakabona ibikenewe gukorwa imbere y&rsquo;abandi. Ibishimangirwa kandi na Galine Kaneza, umuyobozi w&rsquo;ishure shingiro rya Rutegama muri komine Gitega,&nbsp; amenyesha ko abo banyeshure nk\u2019iyo bishitse bakabona umuyabaga yigenza nabi mu kibano n\u2019aho yoba atari umunyeshure bafata akanya bakaja kumuhanura. Kubw\u2019uwo muyobozi ngo n\u2019intambwe nziza y\u2019ugushima cane.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Hari hasanzwe haboneka intambwe mu vyerekeye irondoka rijanye n&rsquo;amagara meza, Menyumenyeshe itaratangura gushira mu ngiro indinganizo ihurikiyemwo bose ku mashure (AGE). Ariko kuva uwo mugambi uhisemwo kwongereza uruhara rw&rsquo;abanyeshure mu kwitunganiriza imirwi (clubs), harabaye akarusho. Abanyeshure bategerezwa gufata iya mbere mw&rsquo;itunganywa ry&rsquo;ibikorwa n&rsquo;inyigisho za Menyumenyeshe mu migwi bahurikiyemwo. Mushobora kwibaza akamaro ivyo bifise? Adrien Nahayo [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6054,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[293],"coauthors":[34],"class_list":["post-6053","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-menyumenyeshe"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6053","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6053"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6053\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6065,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6053\/revisions\/6065"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6054"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6053"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6053"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6053"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6053"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}