{"id":6045,"date":"2021-01-25T08:32:41","date_gmt":"2021-01-25T07:32:41","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6045"},"modified":"2021-01-30T19:12:36","modified_gmt":"2021-01-30T18:12:36","slug":"menyumenyeshe-urwaruka-amakuru-irondoka-amagara-meza-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/menyumenyeshe-urwaruka-amakuru-irondoka-amagara-meza-burundi\/","title":{"rendered":"Menyumenyeshe: urwaruka ruronke amakuru akwiye kw&rsquo;irondoka rijanye n\u2019amagara meza"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Amakuru menshi yerekeye irondoka rijanye n\u2019amagara meza, usanga urwaruka &nbsp;rugenda rurayakura muri bagenzi barwo, ivyo na vyo bikagira ingaruka mbi nyinshi kuri urwo rwaruka nyene. Menyumenyeshe, mu ndinganizo yayo nshasha ihurikiyemwo bose ku mashure (AGE), iri mu vyo yiyemeje kugwanya.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><em>\u00abGuha inyishu urwaruka ruri mu mashure ku bibazo rwibaza kw\u2019ihindagurika ry\u2019imibiri yabo hamwe n\u2019irondoka rijanye n\u2019amagara yabo muri rusangi,&nbsp; ni kimwe mu vyashizwe imbere mu ndinganizo ya Menyumenyeshe ihurikiyemwo bose ku mashure (AGE). Dushaka ko urwaruka rwonyene ubwarwo rumenya ibirwerekeye kugira ngo rukurane ubwenge&nbsp; n\u2019ubumenyi bukwiye bituma baba abantu babushitse bashobora kuba akarorero mu kibano, na bo bakagira umugani baciriye bagenzi babo batagize ayo mahirwe y\u2019uguhura n\u2019umugambi Menyumenyeshe mu mashure yabo.\u00bb<\/em> Ivyo bikaba bishikirizwa na Paul Mbazumutima umwigisha-murezi kuri Lyc\u00e9e Kiganda. Arongera ati\u02d0 <em>\u00abBiciye mu bikino, mu nkino eka no mu biganiro, twisunze n\u2019igitabu c\u2019inyigisho citwa \u00ab Le monde commence par moi m\u00eame \u00bb, dusanzwe dukoresha muri uyu mugambi, abanyeshure&nbsp; bagenda batahura vyinshi ku bijanye n\u2019irondoka rijanye n\u2019amagara meza. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Kuri Lyc\u00e9e communal Rutegama, Consolate Ndikumana, umwigisha, akaba ari na we arongoye urunani rwo mu Rutegama agira ati\u02d0 <em>\u00ab Abanyeshure barahendana, ugasanga mbere baragize n\u2019ingaruka mbi zidasanzwe, abigeme bagatwara inda, ivyo vyose ugasanga biva ku kudatahura canke ukudasobanukirwa neza ivyerekeye irondoka rijanye n\u2019amagara meza. Ico Menyumenyeshe yatwunguye ni uko duheza tukongereza inguvu ku vyo abanyeshure baba bize mu vyigwa basanzwe bakurikirana mw\u2019ishure. Kuko harya twasanze ivyo biga mw\u2019ishure bidahagije. Ikindi na co ni uko usanga mw\u2019ishure batisanzura kubera n\u2019umwanya ari muto.\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Gukarihirizwa ubwenge ku bigisha<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kugira ngo abigisha bashobore gutanga inyigisho zikwiye kandi mu buryo bumeze neza, birasaba ko baza barakarihirizwa ubwenge, mu kumenya uburyo bwiza bwo kuzitanga butuma n\u2019abanyeshure baterera, bakagira rwabo izo nyigisho kandi ntibadohokerwe kuzishikiriza no mu kibano. Ndagijimana Benjamin, umuhanuzi mu biro vy\u2019umuyobozi w\u2019indero mu ntara ya Muramvya ati\u02d0 <em>\u00ab Rimwe na rimwe turatunganya inyigisho ku bigisha, canke tukabasanga ku mashure aho uyu mugambi usanzwe ukorera tukayaga ku buryo bwiza bw\u2019ugutanga izi nyigisho kugira ngo habe n\u2019impinduka mu kibano.\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Galine Kaneza, umuyobozi w\u2019ishure shingiro ryo mu Rutegama we akagira ati\u02d0<em>\u00ab Iyo habaye inama z\u2019abavyeyi, turasiga akanya ko kuyaga ku bijanye n\u2019umugambi Menyumenyeshe kugira na bo tubatumirire kwugurukira abana babo, baze barabayagira ivy\u2019amagara meza ajanye n\u2019irondoka.\u00bb <\/em><br>Uwo muyobozi akishimira ihinduka ryaje mu kibano kuva haje indinganizo nshasha ya Menyumenyeshe.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Amakuru menshi yerekeye irondoka rijanye n\u2019amagara meza, usanga urwaruka &nbsp;rugenda rurayakura muri bagenzi barwo, ivyo na vyo bikagira ingaruka mbi nyinshi kuri urwo rwaruka nyene. Menyumenyeshe, mu ndinganizo yayo nshasha ihurikiyemwo bose ku mashure (AGE), iri mu vyo yiyemeje kugwanya. \u00abGuha inyishu urwaruka ruri mu mashure ku bibazo rwibaza kw\u2019ihindagurika ry\u2019imibiri yabo hamwe n\u2019irondoka rijanye [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6046,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[293,485],"coauthors":[34],"class_list":["post-6045","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-menyumenyeshe","tag-rutgers"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6045","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6045"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6045\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6051,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6045\/revisions\/6051"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6046"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6045"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6045"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6045"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6045"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}