{"id":6031,"date":"2021-01-22T12:19:24","date_gmt":"2021-01-22T11:19:24","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6031"},"modified":"2023-08-15T11:50:03","modified_gmt":"2023-08-15T09:50:03","slug":"ibituma-ubutinyanka-bushobora-guteba-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ibituma-ubutinyanka-bushobora-guteba-burundi\/","title":{"rendered":"Ibituma ubutinyanka bushobora guteba kuza \u2026"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Vyoba bimaze kugushikira ukihebura canke ukagira umutima uhagaze kubera ubutinyanka bwatevye kuza canke wabubuze? Nimba bimaze kugushikira, nturi umwe. Ivyo bishikira abantu b\u2019igitsina gore benshi, kandi biva ku bintu vyinshi. Isomere.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu bisanzwe abantu b\u2019igitsina gore canke muri rusangi abagore (abubatse n\u2019abatubatse) barafise ibiringo vyabo bama bazi ko baboneramwo ubutinyanka. Augustin Harushimana (<a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/augustin.harushimana\">https:\/\/www.facebook.com\/augustin.harushimana<\/a>) yanonosoye ivyerekeye irondoka rijanye n\u2019amagara meza avuga ko ibiringo vy\u2019umugore ari uruhererekane rw\u2019ibikorwa bikorekera mu mubiri w\u2019umugore bikabuwe n\u2019imisemburo(hormones) kuva mu myaka y\u2019ubuyabaga gushika mu myaka yo guca imvyaro. Ivyo bihe vy\u2019abagore babonamwo ubutinyanka, bishobora kuza birahagarikwa no gusama inda canke no kwonsa.<\/p>\n\n\n\n<p>Augustin Harushimana, avuga ko ivyo biringo vy\u2019abagore bitangurana n\u2019umunsi wa mbere w\u2019ubutinyanka. Ni ukuvuga umunsi wa mbere umukobwa canke umugore aboneyeko amaraso bikarangirana n\u2019umunsi wa nyuma buca haza ubundi butinyanka. Harushimana ati<em>: <\/em><em>\u00ab<\/em><em> Hari abakobwa canke abagore igihe cabo kigizwe n\u2019iminsi 28. Ariko muri runsangi, kubera abakenyezi badasa kandi badakozwe kumwe, ivyo bihe vyabo bishobora kumara hagati y\u2019iminsi 21 n\u2019iminsi 35, bikarangwa n\u2019ubutinyanaka bumara hagati y\u2019iminsi 3 n\u2019iminsi 7. <\/em><em>\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere wp-block-embed-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"uk1OpwoHeV\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-umwigeme-ashobora-gusama-inda-hagati-yiminsi-4-5-mu-kwezi\/\">Umwigeme ashobora gusama inda hagati y\u2019iminsi 4 canke 5  gusa mu kwezi<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Umwigeme ashobora gusama inda hagati y\u2019iminsi 4 canke 5  gusa mu kwezi\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-umwigeme-ashobora-gusama-inda-hagati-yiminsi-4-5-mu-kwezi\/embed\/#?secret=dYB0JbiH12#?secret=uk1OpwoHeV\" data-secret=\"uk1OpwoHeV\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Hari ibintu bimwebimwe bituma ubutinyanka buteba canke busiba<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uyo muganga yanonosoye ivyerekeye irondoka rijanye n\u2019amagara meza, akaba arongoye ishirahamwe MAA VYARA UHEKE (<a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/MAABURUNDI\">https:\/\/www.facebook.com\/MAABURUNDI<\/a> ) avuga ko nimba bishitse umukobwa canke umugore ntabone ubutinyanka mu kiringo kiri hagati y\u2019iminsi 21 na 35, bishobora kuba vyatewe n\u2019impamvu nyinshi, kandi bavuga ko umugore yabuze ubutinyanka mu gihe haheze iminsi irenga 90 atabubona. Muri izo mpamvu rero, uyo muganga avuga ko harimwo ugufata imiti itandukanya imvyaro. Akamenyesha ko iyo umugore canke umukobwa agiye ku buryo bwo gutandukanya imvyaro hari igihe bituma ubutinyanka buteba kuza, kuko iyo miti ihindura imisemburo ijanye n\u2019irondoka gutyo ibiringo vy\u2019umugore bigatangura guteba kandi ko atari bibi.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyiyumviro bicanze n\u2019ubwoba bukabije na vyo biratevya ubutinyanka. Augustin Harushimana ati: <em>\u00ab<\/em><em> Iyo nk\u2019umukobwa yakoze imibonano mpuzabitsina idakingiye, akikeka ko yoba yasamye hataragera, arashobora kugira ivyiyumviro vy\u2019urudaca yibaza ingene azobikika, canke ingene ikibano kizomubona. Muri ukwo guhangayika birashobora gutuma ubutinyanka buteba canke ntibuze. <\/em><em>\u00bb<\/em> Ubutinyanka burashobora guteba kandi biturutse ku ngwara zifatira mu bihimba vy\u2019irondoka kuko usanga zica zihindagura imisemburo ijanye n\u2019ivyirondoka. Eka n\u2019uguhindura akarere umuntu yahora abamwo na vyo nyene biratuma ubutinyanka buteba kuza ku batari bake.<\/p>\n\n\n\n<p>Augustin Harushimana abandanya avuga ko no kugira ikarashishi ikabije kuburyo umugore canke umukobwa yamana uburuhe ngo biri mu bituma imisemburo ijanye n\u2019irondoka idakorwa neza mbere bikaba vyotuma ubutinyanka buteba. Ku vyibuha birengeje hamwe n\u2019uburyo bafungura na vyo nyene ngo biri mu bitera uguteba canke ukubura ubutinyanaka mu kiringo umugore canke umukobwa yari yiteze. Ariko kandi uyo muganga anamenyesha kandi ko ubutinyanka bunahagarara mu gihe umugore yaciye imvyaro. Ko ashobora guca ntabimenye akaguma yiteze ubutinyanka kandi butakigaruka.<\/p>\n\n\n\n<p>Augustin harushimana yanonosoye ivyerekeye irondoka rijanye n\u2019amagara meza, amenyesha rero ko, iyo bishitse umugore canke umukobwa akagira akamubakiye ku bijanye n\u2019ibihe vyabo, yaba yiketse canke afise ubwoba bw\u2019uko yoba yasamye inda, ko yoca anyarukira kw\u2019ivuriro akitura umuganga kugira amukure amakenga.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Vyoba bimaze kugushikira ukihebura canke ukagira umutima uhagaze kubera ubutinyanka bwatevye kuza canke wabubuze? Nimba bimaze kugushikira, nturi umwe. Ivyo bishikira abantu b\u2019igitsina gore benshi, kandi biva ku bintu vyinshi. Isomere. Mu bisanzwe abantu b\u2019igitsina gore canke muri rusangi abagore (abubatse n\u2019abatubatse) barafise ibiringo vyabo bama bazi ko baboneramwo ubutinyanka. Augustin Harushimana (https:\/\/www.facebook.com\/augustin.harushimana) yanonosoye ivyerekeye [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":6032,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[226],"coauthors":[189],"class_list":["post-6031","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-ubutinyanka"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6031","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6031"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6031\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6052,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6031\/revisions\/6052"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6032"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6031"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6031"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6031"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6031"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}