{"id":6026,"date":"2021-01-21T09:59:39","date_gmt":"2021-01-21T08:59:39","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6026"},"modified":"2023-08-15T11:49:59","modified_gmt":"2023-08-15T09:49:59","slug":"imyidogo-abagwaye-amafyigo-amagara-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/imyidogo-abagwaye-amafyigo-amagara-burundi\/","title":{"rendered":"Imyidogo mu bagwayi b\u2019amafyigo ni myinshi muri ino minsi"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abaganga bavura iyo ngwara ni 2 gusa mu gihugu kirimwo abantu bababa imiriyoni 12. N\u2019imashini zifasha mu kuvura iyo ngwara, ntizikwiye. Abagwayi basaba Reta gutorera inyishu ico kibazo.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Bamwe mu bagwayi b\u2019amafyigo bamaze iminsi bamenyesha ko bafise impungenge ko amagara yabo ashobora gusinzikara cane bivanye n\u2019uko iminsi bandikiwe yo kuja kuyunguruza amaraso kwa muganga, ivyo bita \u00ab&nbsp;dialyse \u00bb mu gifaransa, iguma ihindagurwa. Kubwabo, ivyo bikaba biriko bivana n\u2019uko imashini zikora ico gikorwa ari nke. Nkako, muri Bujumbura, mu mashini 14 zahora zifasha, 5 zarapfuye.<\/p>\n\n\n\n<p>Dialyse iri i Bujumbura gusa no muri Karusi. Abagwayi babona ko izo mashini ari nke cane mu gihugu. Nk\u2019umuntu akeneye Dialyse ari mu ntara z\u2019ubuvuzi zo mu buburaruko bw\u2019Uburundi asabwa kumanuka iminsi 2 canke 3 ku ndwi ku ndwi, i Bujumbura. Biramuhanga.<\/p>\n\n\n\n<p>Muganga Joseph Nyandwi, umuyobozi mukuru w\u2019ikigo INSP akaba n\u2019umuhinga mu vyo kuvura amafyigo, ntahakana ko hari imashini zapfuye ariko akagira ati&nbsp;<em>:&nbsp;\u00ab&nbsp;Tubaha amasango twisunze uko tubona amagara yabo yifashe. Imashini imwe itegekanywa kuvura abagwayi 3 ku munsi kandi ibice birenga 90% vy\u2019 abagwayi mu Burundi biyunguruza amaraso kabiri ku ndwi. Turaheza tukabapangira iminsi rero twihweje vyose ko ata bibazo bahava bagira. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere wp-block-embed-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"UfvBRfsZI8\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-tisane-curative-2020-akayi-gakinga-kakanavura-ingwara\/\">\u00abTisane curative 2020\u00bb, akayi gakinga kakanavura ingwara zitari nke<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0\u00abTisane curative 2020\u00bb, akayi gakinga kakanavura ingwara zitari nke\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-tisane-curative-2020-akayi-gakinga-kakanavura-ingwara\/embed\/#?secret=abWVrfYofK#?secret=UfvBRfsZI8\" data-secret=\"UfvBRfsZI8\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Urugohe ruvunirwa abagwayi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Hari impanuro zerekeye urugero rw\u2019amazi abagwayi babwirizwa kunywa ku munsi ku munsi ziza ubwa mbere&nbsp;ku bitura abaganga kuko banyoye amazi menshi kandi iminsi yo kubakurikiranamwo yarahindutse haca haduka ikibazo co kuvyimba cane.<\/p>\n\n\n\n<p>N\u2019ubwoko bw\u2019imfungurwa bategerezwa gufungura burahinduka. Imvo nuko icunyunyu bita \u2018potatium\u2019 kibaye cinshi bashobora gupfa bukumbi. Izo mpanuro rero ngo ziraheza zigaherekezwa n\u2019ibipimo kandi hakisungwa ingene amagara y\u2019umugwayi yifashe, nk\u2019uko Muganga Joseph abishikiriza.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>\u00ab&nbsp;Hogwizwa abaganga bavura iyo ngwara&nbsp;\u00bb<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Muganga Joseph nawe nyene arasaba ko hogwizwa abaganga kuko gushika uno munsi abaganga bariko bariga ibijanye no kuvura amafyigo bazoba bagarutse mu Burundi mu myaka 2 canke 3 ari bane bonyene.<\/p>\n\n\n\n<p>Agahanura abagwayi boba babona baguma baremba ko bogirisha dialyse incuro 3, amasaha ane ane ku ncuro imwe imwe kuko ari ho baba bariko barivuza neza. Ariko kandi ngo izo zihamvya bake cane mu gihugu kuko mu masaha 4 dialyse yo mu Burundi isaba amadorari yababa 100.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abaganga bavura iyo ngwara ni 2 gusa mu gihugu kirimwo abantu bababa imiriyoni 12. N\u2019imashini zifasha mu kuvura iyo ngwara, ntizikwiye. Abagwayi basaba Reta gutorera inyishu ico kibazo. Bamwe mu bagwayi b\u2019amafyigo bamaze iminsi bamenyesha ko bafise impungenge ko amagara yabo ashobora gusinzikara cane bivanye n\u2019uko iminsi bandikiwe yo kuja kuyunguruza amaraso kwa muganga, ivyo [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":6027,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[483,391],"coauthors":[231],"class_list":["post-6026","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-amafyigo","tag-amagara"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6026","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6026"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6026\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6028,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6026\/revisions\/6028"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6027"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6026"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6026"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6026"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6026"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}