{"id":6019,"date":"2021-01-19T17:32:34","date_gmt":"2021-01-19T16:32:34","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6019"},"modified":"2021-01-30T18:48:01","modified_gmt":"2021-01-30T17:48:01","slug":"menyumenyeshe-ikibano-ciza-ishure-indero-ubumenyi-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/menyumenyeshe-ikibano-ciza-ishure-indero-ubumenyi-burundi\/","title":{"rendered":"Menyumenyeshe ishira imbere ikibano ciza kw&rsquo;ishure kugira indero n&rsquo;ubumenyi vyisununure"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mwari muzi ko ikibano c\u2019ishure gishobora gutuma habaho gufatwa ku nguvu, isuku rike ndoragitsina, canke abanyeshure bakiga umutima utari mu nda<\/strong><strong>? Mu mugambi wa Menyumenyeshe uhurikiyemwo bose, <\/strong><strong>(AGE<\/strong><strong>), harashirwa imbere ko ishure riba ikibanza ciza gifasha umwana kwiga yisanzuye. Muti gute<\/strong><strong>?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Jean Berchmans Mateso arongoye ishure shingiro ryo ku Murima niwe atuyagira ati: <em>\u00a0\u00bb Kubera ko tuzirikana ko indero y&rsquo;urwaruka ari karahara mu ruganda ntibacura, mu bijanye n&rsquo;ukwubaka kazoza keza k&rsquo;igihugu. Mu mugambi wa Menyumenyeshe uhurikiyemwo bose turicara hamwe tukihweza kumwe n&rsquo;abo bose babifisemwo uruhara, mbega ni gute ishure ryacu, ryofasha umunyeshure kwiga atekaniwe kugira ngo ingorane ahura nazo ntizimutume atakaza urukundo rw&rsquo;ivyigwa, canke ngo ahahamuke bize bimugireko ingaruka mbi muri kazoza<\/em><em>?\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ku bw&rsquo;uwo muyobozi ngo ntivyama vyoroshe\u02d0<em>\u00ab\u00a0Kenshi na kenshi ukunda gusanga ivy&rsquo;uburyo bitagiye biravyorosha, usanga ibikorwa twokora bidakunda kubera ko uburyo ishure rifise ari buke.\u00a0\u00bb<\/em> Ariko ngo ntibaca basha coba ngo barekeraho.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Indinganizo nshasha ya AGE, yadufashije gutahura vyinshi mu gutunganya neza ikibano c\u2019ishure<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Paul Ntukamazina, umwigisha wo kuri Lyc\u00e9e communal Kiganda akurikirana umugwi w\u2019abanyeshure bahurikiye muri Menyumenyeshe ati\u02d0<em>\u00ab<\/em><em>Ico umugambi wa Menyumenyeshe mu ndinganizo yawo nshasha uhurikiyemwo bose yadufashije n<\/em><em>\u2019uko twicara hamwe n&rsquo;abanyeshure, canke bonyene ubwabo bakaza bakatubwira bati, iki nticifashe neza tugaheza tukagira urunani tukagifashanya.<\/em><em>\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Kukaba nk&rsquo;akwo ibikorwa kw&rsquo;iryo shure arongoye birivugira. Marie Gr\u00e2ce Muhoza, umunyeshure waho ati<em>:\u00a0\u00bb igikorwa ca mbere cabaye, kwabaye ukugira uruzitiro rw&rsquo;ishure. Kubera ko turi hagati y&rsquo;imihana wasanga kenshi bigenda biragorana ugasanga abanyeshure bacerewe bihisha mu mihana canke ugasanga, abo muri iyi mihana baguma baca ng&rsquo;aha barengana kubera harimwo n&rsquo;ikiyira.ugasanga biratuvuruze cane twebwe nk&rsquo;abanyeshure, ugasanga tuguma dusamara. Mu buryo bwacu buke twaciye tuvugana n&rsquo;ubuyobozi, dukora uruzitiro rw&rsquo;imbingo n&rsquo;aho ruriko rurasaza.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Kw&rsquo;ishure rya Rutegama ya mbere muri Komine Gitega ho bidogera ukuntu ishure ritagukiwe kubera rikikujwe n&rsquo;imirima y&rsquo;abanyagihugu<em>:\u00a0\u00bb Twebwe ng&rsquo;aha dufise ikibazo c&rsquo;ukwo tutagukiwe. Co kimwe n&rsquo;ibarabara rica aha hepfo yacu. Birasamaza abanyeshure.\u00a0\u00bb <\/em>ivyo bishikirizwa na Galine Kaneza arongoye iryo shure.<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko rero ngo ntibatanye n\u2019ikigazuzo, Albert Nshimirimana, umunyeshure wo kw\u2019ishure rya Rutegama ati\u02d0 <em>\u00a0\u00bb Mu mugambi Menyumenyeshe uhurikiyemwo bose, twebwe nk&rsquo;abanyeshure b&rsquo;abahungu twaratuhikiwe uruhara rwacu mu kugira ishure ryacu rise neza, ubu turagerageza gukora isuku ryo ng&rsquo;aha kw&rsquo;ishure na cane cane mu tuzu twa surwumwe kugira ngo ntitwicwe n&rsquo;umwanda canke umunuko. Ikindi naco twaraganiriye n&rsquo;abigeme kubijanye n&rsquo;isuku ry&rsquo;utuzu twa surwumwe, ubu ntabagita ibitambara canke cotex bakoresha iyo bari mu butinyanka mu tuzu twa surwumwe kuko waca usanga tuguma twuzura.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Alexandre Niyonsaba, umukorerabushake wo mu runani rwa Kiganda twasanze kuri Lyc\u00e9e Kiganda ati<em>: \u201c indinganizo nshasha ya Menyumenyeshe ihurikiyemwo bose, yatumye n&rsquo;abahungu batisigaza inyuma mu bikorwa vy&rsquo;ishure.&nbsp; Nk&rsquo;ubu iyo hageze gukoropa amashure canke utuzu twa surwumwe, co kimwe niyo hageze gukata n&rsquo;ugushira ku murongo igazo canke kurikuramwo urwiri hose tuba turi kumwe kandi bakitanga ukabona ko babikunze.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Alexandre Niyonsaba aheraheza amenyesha ko ivyamwa vy&rsquo;uwo mugambi, abanyeshure babitahura cane, banabigize rwabo, ku buryo n&rsquo;aho uwo mugambi wohera, bobandanya muri iyo ntumbero nziza y&rsquo;ukugira ishure ryabo ryame ari ryiza kandi ryamane isuku.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mwari muzi ko ikibano c\u2019ishure gishobora gutuma habaho gufatwa ku nguvu, isuku rike ndoragitsina, canke abanyeshure bakiga umutima utari mu nda? Mu mugambi wa Menyumenyeshe uhurikiyemwo bose, (AGE), harashirwa imbere ko ishure riba ikibanza ciza gifasha umwana kwiga yisanzuye. Muti gute? Jean Berchmans Mateso arongoye ishure shingiro ryo ku Murima niwe atuyagira ati: \u00a0\u00bb Kubera [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6020,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[293],"coauthors":[34],"class_list":["post-6019","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-menyumenyeshe"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6019","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6019"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6019\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6021,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6019\/revisions\/6021"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6020"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6019"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6019"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6019"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6019"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}