{"id":6003,"date":"2021-01-17T11:31:36","date_gmt":"2021-01-17T10:31:36","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6003"},"modified":"2023-08-15T11:49:47","modified_gmt":"2023-08-15T09:49:47","slug":"mukaza-ibibanza-gutamwo-imicafu-igisagara-isuku-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/mukaza-ibibanza-gutamwo-imicafu-igisagara-isuku-burundi\/","title":{"rendered":"Mukaza\u00a0: ko hashizweho ibibanza vyo gutamwo imicafu ariko igisagara kikaguma gicafura\u00a0?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ku mabarabara no mu makanivo atandukanye yo muri komine Mukaza iri mu gisagara ca bujumura, haracibonekeza imicafu itabwa n\u2019abahita baba bafise utuntu bariko barakoresha twahera bagaca bapfa aho batereye. Ivyo bigatabwa hasi kandi harashizweho mu bibanza bihurirwamwo n\u2019abantu benshi muri iyo komine ibigunguru 20 vyo gutamwo bene iyo micafu.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><em>\u00ab <\/em><em>Dushaka igisagara gisukuye, mbere ku buryo igisagara ca Bujumbura kija ku rutonde rw\u2019ibindi bisagara bisa neza vyo mu karere <\/em><em>\u00bb<\/em><em>.<\/em> Ayo majambo yavuzwe na R\u00e9novat Sindayihebura, hari ku wa 12 Munyonyo 2020, aho yariko aratanguza igikorwa co gukwiragiza mu bibanza 20 bihuriramwo abantu benshi vyo muri iyo komine ibigunguru 20 bizohora bitabwamwo imicafu.<\/p>\n\n\n\n<p>Amezi abiri araheze. Uciye hampande y\u2019ivyo bigunguru vyakwiragijwe muri Mukaza, hari aho usanga imicafu igizwe n\u2019ibicupa vyo mu bwoko bwa parasitike n\u2019ibini vyo mu bundi bwoko bitembagara ku mabarabara no mu makanivo. Niyokwizigira umukenyezi yari yegereye ikigunguru gitabwamwo imicafu ku gituro c\u2019amabisi kiri hagati mu gisagara ca Bujumbura avuga ko, benshi mu bahatemberera batazi ico bikora. Agira ati&nbsp;: <em>\u00ab <\/em><em>Umuntu ashobora kuba yiviriye kure y\u2019igisagara, yashika mu gisagara akumva inyota, akigurira amazi canke \u2018&nbsp;jus\u2019 akinywera,ahejeje, acapfa ahataye igikinju kuko ntaba azi ko hari ibibanza vyategekanijwe. Kandi agitaye akabona ntawumuvugishije, ntaheza ngo amenye ko hari ibibujijwe. <\/em><em>\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Emmanuel Niyonkuru umwenegihugu wo muri komine Mukaza, avuga ko birya bigunguru biri kure na kure. Ko umuntu ashobora guta ikintu ahabonye kubera atabona hafi aho ashobora kugita. Mbere akabona ko birya bingunguru bari gupfuma bagira dutoduto ariko tukagwizwa cane ku buryo nko kuri buri metero 50 kaba gahari, uwuhita akaronka aho ata imicafu hafi yiwe. Mbere akanavuga ko benshi batanazi ko bibaho kuko batanabimenyeshejwe mu makaritiye.<\/p>\n\n\n\n<div class=\"fb-post\" data-href=\"https:\/\/www.facebook.com\/Jimbere.Magazine\/posts\/2744111889159933\" data-width=\"500\" data-show-text=\"true\"><blockquote cite=\"https:\/\/www.facebook.com\/Jimbere.Magazine\/posts\/2744111889159933\" class=\"fb-xfbml-parse-ignore\"><p>???? Kuri uwu wa 12 Munyonyo 2020, R\u00e9novat Sindayihebura musitanteri wa komine #Mukaza ariko aratanguza ibikorwa vyo&#8230;<\/p>Publi\u00e9e par <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/Jimbere.Magazine\/\">JimbereMagazine<\/a> sur&nbsp;<a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/Jimbere.Magazine\/posts\/2744111889159933\">Jeudi 12 novembre 2020<\/a><\/blockquote><\/div>\n\n\n\n<p><strong>Harakwiye inyigisho mu bantu\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Frank Ndayishimiye arongoye Koperative y\u2019urwaruka rutagira akazi rwemeye kwitanga mu gusukura igisagara ca Bujumbura CJADBU avuga ko, bamaze kubona ko ibibanza vyashizwe ku mabarabara ngo bitabwemwo imicafu bitariko bikoreshwa neza, bafashe ingingo yuko bokorana na musitanteri wa Mukaza kugira bahimirize bongere bigishe abenegihugu bo mu makaritiye ko isuku ari kirumara kandi ko babwirizwa kwijukira gukoresha neza ivyo bibanza vyashizweho. Bakanahamagarira abantu bose baja mu gisagara hagati kwirinda guta ibikinju n&rsquo;utumwanya tutabora aho babonye hose. Mbere bakanasaba ko hojaho n\u2019ibihano ku borenga kuri ayo mabwirizwa.<\/p>\n\n\n\n<p>R\u00e9novat Sindayihebura musitanteri wa komine Mukaza avuga ko intumva zamyeho. Hari ababitahura, n\u2019abatarabitahura. Ariko aragwa akagaruka akavuga ko intambwe bagezeko yo gukoresha ivyo bibanza vyashizweho muri iyo komine arongoye, ngo ishimishije afatiye ku kuntu abarundi benshi bwabaye ubwa mbere babona ku mabarabara no mu makaritiye ben\u2019ivyo bibanza vyagenewe imicafu. Anagira ko amenyesha ko abantu bacafuza amabarabara n\u2019amakanivo ari abantu biyunguruza n\u2019imiduga, banywa ivyo baba baguze vyahera bagacisha mu madirisha gutyo bakabikororera hasi. Ku bw&nbsp;\u2018ivyo, R\u00e9novat Sindayihebura amenyesha ko yavuganye n\u2019uwutwara ishirahamwe riraba ibijanye n\u2019ugutwara abantu n\u2019ibintu Atrabu, ko mu miduga yose yunguruza abantu barihishije amahera hoshirwamwo udushinguramwavu (poubelles) kugira abiyunguruje baze bararonka aho bata imicafu ivuye ku vyo baba bafise. Hama umuduga ushitse mu gituro bakaja kubisuka mu bibanza rusangi vyategekanijwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya rero ko uyo musitanteri anamenyesha ko mu ntumbero yo gukuraho imicafu yose itabwa ku mabarabara hari ho amashirahamwe y\u2019abakenyezi ayakubura, imicafu bakayegeranya bakayita mu bigunguru vyashizwe ku mabarabara. Eka mbere ngo hari n\u2019imiduga 3 ijejwe gukura iyo micafu iba yegeranirijwe muri ivyo bibanza, ibikuraho kabiri mu ndwi.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ku mabarabara no mu makanivo atandukanye yo muri komine Mukaza iri mu gisagara ca bujumura, haracibonekeza imicafu itabwa n\u2019abahita baba bafise utuntu bariko barakoresha twahera bagaca bapfa aho batereye. Ivyo bigatabwa hasi kandi harashizweho mu bibanza bihurirwamwo n\u2019abantu benshi muri iyo komine ibigunguru 20 vyo gutamwo bene iyo micafu. \u00ab Dushaka igisagara gisukuye, mbere ku [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":6004,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[212],"tags":[23,333],"coauthors":[189],"class_list":["post-6003","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ibidukikije","tag-bujumbura","tag-isuku"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6003","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6003"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6003\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6005,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6003\/revisions\/6005"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6004"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6003"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6003"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6003"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6003"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}