{"id":5996,"date":"2021-01-13T15:55:27","date_gmt":"2021-01-13T14:55:27","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5996"},"modified":"2023-08-15T11:49:41","modified_gmt":"2023-08-15T09:49:41","slug":"kugenyera-circoncision-abana-bakiri-bato-amagara-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kugenyera-circoncision-abana-bakiri-bato-amagara-burundi\/","title":{"rendered":"Kugenyera (Circoncision): ubwo birakenewe ku bana bakiri bato?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Bivuye ku gushaka kw&rsquo;abavyeyi, abana b&rsquo;abahungu baragenyerwa, rimwe na rimwe mbere bakiri inzoya, ibishika bakagira utubazo bivuye ko umubiri uba utaragera kwakira ububabare.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ni umugirwa ugwiriye mu bisagara. Kugenyerwa kw&rsquo;abana kukaba kugirwa na canecane bafatiye ku migenzo ifatiye ku madini, canke imibereho. Amani Niyonkuru, umushingantahe w&rsquo;imyaka 42 aremeza ko mu muryango iwabo ata mwana w&rsquo;umuhungu yokwiza imyaka 2 ataragenyerwa. Amani avuga ko, kiretse ukumugirira neza ku magara, ni umugirwa ukurikizwa cane mu muryango. Akabona ko atangorane n\u2019imwe iri mu kugenyera umwana.<\/p>\n\n\n\n<p>Claudette Munyaneza, umuvyeyi w&rsquo;imyaka 49, ku bwiwe ngo nta kamaro ko kubabariza umubiri umwana mu gihe ata co bitwaye yigumiye ukwo yavutse.<\/p>\n\n\n\n<p>Ntakarutimana Blandine we, avuga ko uruhinja rw&rsquo;iwe rwagize ikibazo inyuma y\u2019aho agenyererewe. <em>\u00ab Bakagenyereye gafise umwaka n&rsquo;amezi 4 gusa. Ico gihe naragize ibibazo bikomeye. Kirirwa kararira umunsi wose. Kubera ko kaba kacigirako umwanda muto, ntivyari vyoroshe ko gakira n&rsquo;ingoga. Kama gafise ubushuhe budasiguritse. \u00bb<\/em> Ku bwiwe ngo abana bari bakwiye kugenyerwa bamaze kwigira imbere, bazi icatsi n&rsquo;ururo.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Intererano ya muganga<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ku bwa muganga R\u00e9v\u00e9rien Ndayirorere, yanonosoye ivyo kubaga (Chirurgien), kugenyera abana bakiri bato si ngombwa, mu gihe ata kibazo afise. Avuga ati&nbsp;: \u00ab <em>Impamvu yogutuma bagenyera umwana ni mu gihe uruhu ruri ku&nbsp;mutwe w\u2019igihimba c\u2019irondoka rwugaye canke mu gihe ruba rurwaye ingwara nkama \u2018infections\u2019. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>MugangaR\u00e9v\u00e9rien Ndayirorere rero asigura kokugenyera umwana akiri muto mu gihe atarwaye ngo babimutume kwa muganga atari ivya nkenerwa <em>cane&nbsp;: \u00ab Uretse ko agira ububabare bwinshi, umwana akiri muto bishobora no kumugirira ingaruka mbi mu bijanye n&rsquo;inyifato ya kazoza kiwe mu gihe yahuye n&rsquo;ubwo bubabare bw&rsquo;umurengera, nk&rsquo;akarorero agakura atinya cane kwa muganga canke abaganga. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Arangiza ahanura abavyeyi vyoshobokera ko batojana abana babo kugenyerwa ata mpamvu ijanye n&rsquo;amagara ibibatumye, ko bobikora aruko agize ikibazo c&rsquo;ingwara.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-cyan-bluish-gray-background-color has-background\"><strong>Inkuru yatororokanijwe na&nbsp;<strong><strong>Bebline Igiraneza<\/strong><\/strong>, ariko arimenyereza mu&nbsp;<a rel=\"noreferrer noopener\" href=\"https:\/\/www.jimbere.org\/burundi-presse-unicef-jimbere-enfants-journalism\/\" target=\"_blank\">Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n\u2019agateka k\u2019abana mu Burundi<\/a>.<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Bivuye ku gushaka kw&rsquo;abavyeyi, abana b&rsquo;abahungu baragenyerwa, rimwe na rimwe mbere bakiri inzoya, ibishika bakagira utubazo bivuye ko umubiri uba utaragera kwakira ububabare. Ni umugirwa ugwiriye mu bisagara. Kugenyerwa kw&rsquo;abana kukaba kugirwa na canecane bafatiye ku migenzo ifatiye ku madini, canke imibereho. Amani Niyonkuru, umushingantahe w&rsquo;imyaka 42 aremeza ko mu muryango iwabo ata mwana w&rsquo;umuhungu [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":5998,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203,486],"tags":[247,479],"coauthors":[34],"class_list":["post-5996","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","category-ijwi-ryabana","tag-abana","tag-kugenyerwa"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5996","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5996"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5996\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6000,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5996\/revisions\/6000"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5998"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5996"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5996"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5996"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5996"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}