{"id":5952,"date":"2021-01-11T11:45:20","date_gmt":"2021-01-11T10:45:20","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5952"},"modified":"2023-08-15T11:49:02","modified_gmt":"2023-08-15T09:49:02","slug":"gatumba-ikibazo-cutuzu-surwumwe-ecofo-mushasha-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/gatumba-ikibazo-cutuzu-surwumwe-ecofo-mushasha-burundi\/","title":{"rendered":"Gatumba: ikibazo c\u2019utuzu twa surwumwe kuri Ecofo Mushasha"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu gihe igice ca kabiri c\u2019umwaka w\u2019ishure giheruka gutangura, amashure yo muri Mushasha afise ibibazo vy\u2019utuzu twa surwumwe tuguma twuzura.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umunsi wa gatatu itariki 6 Nzero, mu mwanya umwe, wari umunezero haba ku bayobozi, abarezi, n\u2019abanyeshure biga ku mashure ya Mushasha I na II, aho bari baramutse bakira iyugururwa ku mugaragaro ry\u2019umugambi \u00ab Cantine scolaire \u00bb, wo kugaburira abana ku masomero, ivyo bigafasha cane mu kugabanya umurindi wo guheba ishure.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku rundi ruhande, ayo mashure arahanzwe n\u2019ikibazo kitari gito, aho utuzu twa surwumwe tuza turuzura ukwo indwi iheze, biturutse ku mazi y\u2019imvura yateye muri komine ya Mutimbuzi, zone ya Gatumba.<\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019ukwo bivugwa na Baziruwiha Vangrine, arongoye Ecofo Mushasha II, ayo mashure amaze amezi 9 atewe n&rsquo;imyuzurira y&rsquo;amazi yononye vyinshi, kugeza n&rsquo;ubu ibidengeri vy&rsquo;amazi bikaba bicibonekeza imbere y&rsquo;ibirasi. Vangrine akavuga ko utuzu twa surwumwe twama twuzuye, kubera ayo mazi, ndetse n\u2019ayava mu kuzimu aca yuzuza ibinogo. Asemerera avuga ati: \u00ab <em>Twama turiko turagerageza \u201ckuvidura<\/em><em>\u201d<\/em><em>mugabo ntaco bimara. Twabuze ayo ducira n\u2019ayo tumira. Iyo akayaga ka Tanganyika kahaciye, umunuko uca wimukira mu mashure afatanye n\u2019utwo tuzu twa surwumwe<\/em><em>.<\/em><em> Ni ingorane ikomeye cane<\/em><em>.<\/em> \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Ku bijanye n\u2019ukwihagarika kw\u2019abanyeshure, bose hamwe barenga ibihumbi 2000, uwo muyobozi agira ati: \u00ab <em>Barapfa kujayo ukwo nyene. Nta kundi turi bugire. Dufise ubwoba bwinshi ko ingwara ziturutse kw\u2019isuku rike zishobora kwirara mu banyeshure.<\/em> \u00bb<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1000\" height=\"667\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/01\/MUSHASHA-1.jpeg\" alt=\"\" class=\"wp-image-5954\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/01\/MUSHASHA-1.jpeg 1000w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/01\/MUSHASHA-1-300x200.jpeg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/01\/MUSHASHA-1-768x512.jpeg 768w\" sizes=\"auto, (max-width: 1000px) 100vw, 1000px\" \/><figcaption><em>ibidengeri vy&rsquo;amazi bikaba bicibonekeza imbere y&rsquo;ibirasi<\/em><\/figcaption><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Hambavu y\u2019utuzu twa surwumwe, no mu bikoresho vy\u2019ishure hari agahaze<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Iyo myuzurira ntiyononye utwo tuzu twa surwumwe gusa. Baziruwiha Vangrine amenyesha ko n\u2019ibikoresho bitari bike nk\u2019ibitabo vyo gutegura, ingwa, amasandugu, vyatwawe, ibindi birononekara. \u00ab<em>Ubu dusa n\u2019ukwo tutagira ivyo twigishirizamwo. Harokotse ibikoresho bike cane. Turasaba ubufasha kugirango muri iki gice ca 2 dukore neza, abana bige borohewe. <\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Ikindi cibonekeza n&rsquo;ikena ry&rsquo;ibirasi vy&rsquo;abanyeshure biturutse ku bwinshi bw&rsquo;abanyeshure n&rsquo;ibihari birashaje bikwiye gusubirizwa. Eka ndetse n&rsquo;ibiro vy&rsquo;umuyobozi w&rsquo;ishure ntabihari, n&rsquo;aho akorera yahatijwe na Ecofo Mushasha I nahonyene ntihakwiye kuko hakorera umuyobozi gusa.<\/p>\n\n\n\n<p>Kuri ico kibazo umuyobozi agira ati: \u00ab<em>Turakora uko dushoboye, hama abana n&rsquo;abo turagerageza kubagabura mu migwi kugira baronke ingene bashobora kwiga bose. Bamwe biga mu gitondo abandi kumugoroba, ariko naho nyene ntabigisha bakwiye dufise n&rsquo;abahari benshi bageze muzabukuru ntibaheza ngo bitange nk&rsquo;uko bikwiye.<\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Etienne Manirakiza, aserukira inama y\u2019abavyeyi kuri Ecofo Mushasha I, asaba ko amagara y\u2019abana yoshirwa imbere, kuko ngo: \u00ab <em>Nta bumenyi bwoboneka amagara ageramiwe. <\/em>\u00bb <\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-cyan-bluish-gray-background-color has-background\"><strong>Inkuru yatororokanijwe na <strong>Joyeux No\u00ebl Iteriteka<\/strong>, ariko arimenyereza mu&nbsp;<a rel=\"noreferrer noopener\" href=\"https:\/\/www.jimbere.org\/burundi-presse-unicef-jimbere-enfants-journalism\/\" target=\"_blank\">Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n\u2019agateka k\u2019abana mu Burundi<\/a>.<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihe igice ca kabiri c\u2019umwaka w\u2019ishure giheruka gutangura, amashure yo muri Mushasha afise ibibazo vy\u2019utuzu twa surwumwe tuguma twuzura. Umunsi wa gatatu itariki 6 Nzero, mu mwanya umwe, wari umunezero haba ku bayobozi, abarezi, n\u2019abanyeshure biga ku mashure ya Mushasha I na II, aho bari baramutse bakira iyugururwa ku mugaragaro ry\u2019umugambi \u00ab Cantine scolaire [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":5953,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[486,205],"tags":[426,420],"coauthors":[34],"class_list":["post-5952","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ijwi-ryabana","category-indero","tag-indero","tag-utuzu-twa-surwumwe"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5952","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5952"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5952\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5964,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5952\/revisions\/5964"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5953"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5952"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5952"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5952"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5952"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}