{"id":5940,"date":"2021-01-08T16:43:14","date_gmt":"2021-01-08T15:43:14","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5940"},"modified":"2023-08-15T11:48:50","modified_gmt":"2023-08-15T09:48:50","slug":"covid19-ije-ikujinyikiye-amagara-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/covid19-ije-ikujinyikiye-amagara-burundi\/","title":{"rendered":"Wijajare uzi ko Covid-19 yo ije ikujinyikiye"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Muri ino minsi abanyagihugu batari bake bari bamaze igihe badebukiwe mu bijanye n\u2019ugukurikiza ingingo zo kwikingira Covid-19, irasubiriye kuvyura umutwe&nbsp;: abantu 40 bose bava mu gisagara ca Bujumbura no mu micungararo yaco ni bo batoweko uwo mugera ku magenekerezo ya 4 na 5 Nzero 2021.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ubushikiranganji bw\u2019Amagara y\u2019abantu bugitangaza ko ico kiza cashitse mu Burundi muri Ntwarante 2020, umurundi wese yaratekewe n\u2019ubwoba aho wasanga hari uguhinda agashitsi kuko cariko kirasasika inganda mu bihugu vyo hanze ku rugero ruteye ubwoba. Ibibazo mu gihugu vyari&nbsp;:&nbsp;\u00ab&nbsp;<em>Mbega twoyikingira dute<\/em>&nbsp;?\u00bb Gukaraba kenshi n\u2019amazi meza n\u2019isabuni, kwirinda kuramukanya umuntu akorana mu minwe n\u2019uwundi canke guhoberana, ni zo nyishu zatanzwe n\u2019ubwo bushikiranganji bubijejwe, abatari bake barabigendera.<\/p>\n\n\n\n<p>Uko iminsi yagiye ibisa iyindi, ni kwo ishirwa mu ngiro ry\u2019izo mpanuro ryagiye rikamangana gushika uno munsi, n\u2019aho nyene ubushikiranganji bwo bwakomeje gusemerera. Abantu basigaye basomana ukuri kwamye, bahoberana kurusha mbere. Icibagiwe ni ugukaraba, abenshi babikora batewe n\u2019akadugumba mu minwe canke bagomba bagire ico bihereza. Biteye ubwoba. Hagati aho twibukanye ko abakera bayamaze bati&nbsp;\u00ab&nbsp;Imbar\u00e1gasa yiis\u00e9ma yuurira umuru\u00fandi w\u2019\u00ednkok\u00f3. \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko vyigaragaje mu rugendo rwagizwe n\u2019umushikiranganji ari kumwe n\u2019abamenyeshamakuru kuri uwu wa 6 Nzero 2021, haba ku bituro vy\u2019imiduga yunguruza abantu ari na ho hahurira abantu benshi bavuye mu mihingo itandukanye, abiyunguruza bacunga ku kigohe \u00ab&nbsp;convoyeur&nbsp;\u00bb bakirasa mu muduga nk\u2019abacika kw\u2019icumu, kandi aho amazi n\u2019isabuni atari ivyo barihishwa. Ku bwinjiriro bwose bw\u2019isoko ya Cotebu, nta na hamwe harangwa akadobo k\u2019amazi. Icibagiwe co ni imbere y\u2019ibiro vy\u2019amashirahamwe yunguruza abantu mu gihugu hagati. Ishirahamwe Tramwex ryonyene ni ryo ryasanzwe ryitunganije.<\/p>\n\n\n\n<div class=\"fb-post\" data-href=\"https:\/\/www.facebook.com\/Jimbere.Magazine\/posts\/2786707748233680\" data-width=\"500\" data-show-text=\"true\"><blockquote cite=\"https:\/\/www.facebook.com\/Jimbere.Magazine\/posts\/2786707748233680\" class=\"fb-xfbml-parse-ignore\"><p>???? Inyuma y&rsquo;aho Umushikiranganji w&rsquo;Amagara y&rsquo;Abantu, atangarije ko hari abanyagisagara ca Bujumbura  bashika 40 baraye&#8230;<\/p>Posted by <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/Jimbere.Magazine\/\">JimbereMagazine<\/a> on&nbsp;<a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/Jimbere.Magazine\/posts\/2786707748233680\">Wednesday, January 6, 2021<\/a><\/blockquote><\/div>\n\n\n\n<p><strong>Twese duhamagarirwa kumera magabo<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>\u00ab&nbsp;<em>Amahoteri yakira ingenzi zivuye hanze mu kurindira ko ya masaha 72 ahera (ubu akaba ari indwi), yibuke amasezerano yagiranye n\u2019Ubushikiranganji bw\u2019Ubudandaji aho ayazofatirwa mw\u2019ikosa ryo kurekura ingenzi ngo zegerane canke ziyage n\u2019abandi bantu begeranye igihe c\u2019ukurekurwa kitarashika, azotanga ihadabu y\u2019imiriyoni 2<\/em> \u00bb, nk\u2019uko bishikirizwa n\u2019Umushikiranganji Thadd\u00e9e Ndikumana. Ku bw\u2019ivyo basabwa kwiyubara cane n\u2019ukuba maso mu ntumbero yo gukinga irandagata ry\u2019uwo mugera.<\/p>\n\n\n\n<p>Yishura ku kibazo c\u2019imvo ituma igitigiri nyamwinshi c\u2019abatorwako umugera wa Coronavirus cigwije kuva aho ikibuga c\u2019indege cugururiwe, n\u2019impamvu abava mu bihugu vyo hanze baza bazanye urupapuro rwemeza ko ata mugera bafise ariko bagashika bawutorwako mu Burundi, Umushikiranganji Thad\u00e9e amenyesha ko bariko baraba ukuntu hoba ugukorana hagati y\u2019ikigo gipima uwo mugera wa Covid-19 n\u2019ibindi vyo hanze biba vyatanze izo mpusha kugira ngo bavyigeko neza.<\/p>\n\n\n\n<p>Umushikiranganji akaba asaba abajejwe intwaro n\u2019umutekano gukurikirana ishirwa mu ngiro ry\u2019ingingo zo kwikingira umugera wa Coronavirus kuva kuri uwu wa 7 Nzero 2021, bibaye ngombwa uwoca kubiri n\u2019izo ngingo agatangishwa ihadabu n\u2019ababijejwe canke agakurikiranwa n\u2019ubutungane.<\/p>\n\n\n\n<p>Tubibutse ko ibimenyetso vy\u2019ico kiza ari&nbsp;: kumeneka umutwe, ubushuhe, ibicurane n\u2019inkorora, kutamoterwa n\u2019ukwuma mu mihogo. Ku banyagisagara ca Bujumbura, abantu bose bikeka ko bagendanye n\u2019uwatowe umugera wa Coronavirus, basabwa kwihutira kwipimisha ku bitaro vy\u2019akarere vya Bwiza-Jabe, Kamenge na Ruziba, naho nyene ata kimenyetso na kimwe boba baribonako. <\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Muri ino minsi abanyagihugu batari bake bari bamaze igihe badebukiwe mu bijanye n\u2019ugukurikiza ingingo zo kwikingira Covid-19, irasubiriye kuvyura umutwe&nbsp;: abantu 40 bose bava mu gisagara ca Bujumbura no mu micungararo yaco ni bo batoweko uwo mugera ku magenekerezo ya 4 na 5 Nzero 2021. Ubushikiranganji bw\u2019Amagara y\u2019abantu bugitangaza ko ico kiza cashitse mu Burundi [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":5941,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[391,400],"coauthors":[231],"class_list":["post-5940","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-amagara","tag-coronavirus"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5940","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5940"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5940\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5945,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5940\/revisions\/5945"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5941"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5940"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5940"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5940"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5940"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}