{"id":5917,"date":"2021-01-06T11:53:56","date_gmt":"2021-01-06T10:53:56","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5917"},"modified":"2023-07-03T00:02:33","modified_gmt":"2023-07-02T22:02:33","slug":"isuku-myeha-uburovyi-rumonge-muguruka-hange-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/isuku-myeha-uburovyi-rumonge-muguruka-hange-burundi\/","title":{"rendered":"Isuku ku myeha y\u2019uburovyi: Rumonge, Muguruka, hange!"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abagendera umweha w\u2019uburovyi wa Rumonge na Muguruka baratewe impungenge n\u2019uko bashobora kwadukwa na za ngwara zituruka kw\u2019isuku rike bitewe n\u2019ikena ry\u2019utuzu twa surwumwe muri ivyo bibanza vyegereye ikiyaga Tanganyika.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>\u00ab<em>Jewe sinsiba guhonyora amazirantoke mu musenyi harya ngiye kwironderera agafi ko gutamira, rimwe na rimwe nkibaza nimba boba ari abana, abakorera kuri iyo myeha canke ababa hafi yabo nkabura inyishu. Hari igihe mbere nigira inama yo kudasubira kuhagendera kuko nabona hatoroshe<\/em>. \u00bb Uwu ni umwe mu bakunda kuja kuhasumira akaboga twayaze, atashimye ko izina ryiwe ryandikwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Ni ko vyari biri no ku mweha wa Mvugo, imbere y\u2019umwaka wa 2013, ishirahamwe Unicef Burundi ritarabubakira utuzu tw\u2019ubwiherero twiza. Nk\u2019uko bishikirizwa na Bucumi Sayumwe, aserukira komite y\u2019abarovyi bo mu Mvugo, muri komine ya Nyanza-Lac, nta mwaka wahera korera canke amacinya bitihaye inkumbi, ariko uno munsi hariho agahengwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Bucumi agira ati : \u00ab <em>Vyari biteye akoba. Abarovyi baba ku musenyi, ugasanga utuzu twa surwumwe ntidukwiye. Mw\u2019ijoro hari abasohoka, bakituma bagaca barenzako agasenyi. Kuri uwo musenyi nyene, ico gihe ni na ho twanikira indagara. Nta n\u2019amazi meza twari dufise. Imvura iguye, yakukumura wa mwanda uhishije mu musenyi ikawujana mu kiyaga Tanganyika. Bugingo ikeye, abanyagihugu bagaheza bakaja kuyavoma bakayatekesha bakongera bakayanywa. Ingwara ntitwazitura. Tanganyika ni yo twozamwo ivyombo, tukamesuriramwo, tukana yogamwo<\/em>. \u00bb<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere wp-block-embed-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"olSnORNz7Z\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/mu-mvugo-ku-muguruka-ni-kabonga-amafi-ariko-araborana-abarovyi\/\">Mu Mvugo, ku Muguruka n\u2019i Kabonga amafi ariko araborana abarovyi<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Mu Mvugo, ku Muguruka n\u2019i Kabonga amafi ariko araborana abarovyi\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/mu-mvugo-ku-muguruka-ni-kabonga-amafi-ariko-araborana-abarovyi\/embed\/#?secret=Gal5HEjTqH#?secret=olSnORNz7Z\" data-secret=\"olSnORNz7Z\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Hahindutse iki ?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Komine yarashikanye amazi ku mweha wa Mvugo. N\u2019ubwo adakwiye, nta wukinywa Tanganyika. Komite y\u2019abarovyi yarashizeho abacungera ko hari abituma ku musenyi n\u2019abakenyezi bagira isuku aho ku musenyi nyene wo ku mweha. Bose bagera kuri cumi. Abo, bahembwa n\u2019abarovyi ubwabo. Iyo bavuye kuroba, igipe (ubwato) cose kirabaha akaboga, agakeke canke utudagara bita nyamunyamu 2, 4, canke 5, umwe umwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Ishirahamwe mpuzamakungu Unicef Burundi ryarubatse ku mweha wa Mvugo, utuzu tw\u2019ubwiherero turi mu minwe ya komite y\u2019abarovyi. Na bo, mu ntumbero yo kudukamisha, baciye baha akazi abatugirira isuku, bagahembwa mu yo barihisha uwufashwe n\u2019umusonga agomba kwihagarika muri two.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ariko rero\u2026.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Bucumi abandanya ashikiriza ko amakenga yo gusubira mw\u2019ihumbi atabuze kuko imiringoti izana amazi iyakura mu Rubindi ishobora gucika bivuye kw\u2019ibarabara ryimburutse. Icikagurika ry\u2019ayo mazi na ryo rikazohava riba intandaro yo gusubira kwihereza no gukoresha amazi ya Tanganyika: <em>\u00ab<\/em><em> Nta n\u2019ubuhinga turaronka ngo abarovyi ntibihagarike mu mazi igihe bari kuroba. <\/em><em>\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Abandanya amenyesha ko amazi meza adakwiye ngo baronke ayo bakoresha mu ngo. Abavyeyi baracaja kumesurira ivyahi muri Tanganyika, abandi bagaca baja kwogerazayo ibikoresho vyo mu gikoni. Utuzu twa sugumwe twimbwa hafi y\u2019ikiyaga, kandi si tureture, bishobora gutuma imyanda ishika mu Kiyaga.<\/p>\n\n\n\n<p>Tubajije Gabriel Bucumi arongoye umweha w\u2019uburovyi wo mu Rumonge, yamenyesheje ko bariko barayaga n\u2019ababijejwe barabe ko bobaronsa aho bokwimba utundi tuzu kuko ngo utwahahoze, twatwawe n\u2019imvura irenze ya Ntwarante na Ndamukiza, 2020 yaguye iradusitagura. Uwurongoye umweha wo ku Muguruka we twamurondeye turamukena.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abagendera umweha w\u2019uburovyi wa Rumonge na Muguruka baratewe impungenge n\u2019uko bashobora kwadukwa na za ngwara zituruka kw\u2019isuku rike bitewe n\u2019ikena ry\u2019utuzu twa surwumwe muri ivyo bibanza vyegereye ikiyaga Tanganyika. \u00abJewe sinsiba guhonyora amazirantoke mu musenyi harya ngiye kwironderera agafi ko gutamira, rimwe na rimwe nkibaza nimba boba ari abana, abakorera kuri iyo myeha canke ababa [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":5921,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[333,474],"coauthors":[231],"class_list":["post-5917","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-isuku","tag-uburovyi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5917","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5917"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5917\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5919,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5917\/revisions\/5919"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5921"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5917"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5917"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5917"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5917"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}