{"id":5891,"date":"2020-12-26T17:04:48","date_gmt":"2020-12-26T16:04:48","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5891"},"modified":"2023-07-03T00:01:29","modified_gmt":"2023-07-02T22:01:29","slug":"mutimbuzi-prdaigl-burundi-agriculture-elevage-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/mutimbuzi-prdaigl-burundi-agriculture-elevage-burundi\/","title":{"rendered":"Mutimbuzi: inka 240 zahawe abantu b\u2019amikoro make"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kuri uwu wa 24 Kigarama 2020, Ubushikiranji bw\u2019Uburimyi, Ubworozi n\u2019Ibidukikije bubicicishije mu mugambi wabwo PRDAIGL, bwatanze inka 240 ku bantu b\u2019amikoro make ariko bashoboye kuzitunga bo muri komine Mutimbuzi iri mu ntara ya Bujumbura.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ku mutumba Mutara wo muri komine Mutimbuzi ahariko hatangirwa izo nka, akanyamuneza kasomeka ku maso y\u2019abari bahari. Abari bamaze kugabana inka, eka n\u2019abari barindiriye gushikirwa bose bari bahimbawe. Zirampa Pierre, ni umwe mu bagabanye. Amaze kwambika ikiziriko inka yahawe, uwu avuga ko atumva n\u2019ingene yoshima kubera kurengerwa n\u2019umunezero. Agira ati: <em>\u00ab Kuva navuka sinari bwigere ntunga inka. Bubaye ubwa mbere. Narayipfuza ngo ndayorore nze ndayinwa amata, inampa amase none ndayironse. Umugambi wa Reta PRDAIGL, uranteturuye, nopfuye ntayituze. Ubu ndaje ndayiteho, ndayigaburire kuko nizeye ko iyi inka igiye guhindura ubuzima nahora ndimwo. Ngiye gukira inzara. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Na we Mariya akanyamuneza afise, wohora uraraba. Uyu yishimiye ko kuva akigabana inka yinjiye mu mugwi w\u2019aborozi, hampande y\u2019uburimyi yahora akora ariko ntiyimbure neza kubera ata mase yahora aronka. Ubu rero ngo iyo nka ni inyishu y\u2019indoto ziwe. <br>Agiye kuza arayigaburira neza, ayigurire \u201cituruto\u201d n\u2019 \u201cisondori\u201d, irye ivyibuhe maze izomuhe umwimbu mwiza. Akarusho Mariya ayibonamwo, izo muha amata anywe n\u2019umuryango wiwe, ayandi ashore aronke n\u2019amahera yo kwikenura, aronke n\u2019amase yo gusuka ku rubingo yateye n\u2019ayo gushira mu mirima y\u2019ibiterwa kugira bizoze birakura bisa neza.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere wp-block-embed-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"8cHpeTbtC0\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/prodefi-iterambere-imiryango-uburimyi-ubworozi-burundi\/\">Prodefi:  \u00ab manu \u00bb y&rsquo;abanyagihugu mw\u2019iterambere<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Prodefi:  \u00ab manu \u00bb y&rsquo;abanyagihugu mw\u2019iterambere\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/prodefi-iterambere-imiryango-uburimyi-ubworozi-burundi\/embed\/#?secret=lqfJDw3xVa#?secret=8cHpeTbtC0\" data-secret=\"8cHpeTbtC0\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Intumbero y\u2019itangwa ry\u2019inka mu mugambi wa Reta<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Dieudonn\u00e9 Nsengiyumva, umuyobozi mu buyobozi bukuru bw\u2019ubworozi ajejwe kugwiza ibitungwa n\u2019umwimbu ubikomokako mu Bushikiranganji bw\u2019Uburimyi, Ubworozi n\u2019Ibidukikije, avuga ko igitumye batanga ivyo bitungwa ari uko bisanzwe biri mu ntumbero ya Reta yo kugira abantu b\u2019amikoro make bashobore kwisununura mu buzima bwabo bwa minsi yose. <br>Ubu rero, muri iri tangwa rya mbere ry\u2019inka bitegekanijwe ko hazotangwa inka 750 mu karere k\u2019Imbo. Uyo muyobozi akamenyesha ko izo nka bazikura mu gihugu c\u2019Ubuganda, kandi ko uburyo PRDAIGL ishiramwo kugira inka imwe ishike aho itangirwa ku mwenegihugu burenga amafaranga y\u2019amarundi 1.500.000.<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko kandi Dieudon\u00e9 avuga ko izo nka zahawe abantu b\u2019amikoro make batazibagabiye ubu, ahubwo nyabuna ngo ziri mu rukurikirane rw\u2019abasangiye urugendo mw\u2019iterambere, kugira imaze kuvyara bazoce bokorera bagenzi babo baba baratororokanijwe. Rero mu ntego y\u2019igihugu n\u2019uko abenegihu bo ku mitumba iba yaracaguwe ngo irangurirwemwo umugambi PRDAIGL bose ata n\u2019umwe avuyemwo babwirizwa gushikirwa n\u2019ivyo bitungwa, ndetse n\u2019abuzukuru bakazoshikirwa kuko bazoguma bazihanahana.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere wp-block-embed-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"gMPo50ZO5j\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/thomson-yoba-igiye-kutwibagiza-umukeke-burundi\/\">Thomson yoba igiye kutwibagiza umukeke?<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Thomson yoba igiye kutwibagiza umukeke?\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/thomson-yoba-igiye-kutwibagiza-umukeke-burundi\/embed\/#?secret=XCw22753kz#?secret=gMPo50ZO5j\" data-secret=\"gMPo50ZO5j\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Ibitegekanijwe muri uwo mugambi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>G\u00e9rard Niyongabo asesukira PRDAIGL mu ntara ya Bujumbura avuga ko, mu gisata c\u2019ubworozi, umugambi PRDAIGL watanguye guhimiriza abenegihugu kwijukira ubworozi bw\u2019inka za kijambere zitanga amata, waramaze no gutanga ubwatsi inka zizorya. Urabigisha kwiyegeraniriza hamwe mu makoperative. Ibindi bitegekanijwe, Niyongabo avuga ko bazobandanya batanga inka. Harategekanywa uburyo bwo kwegeranya amata, hazotangwa ibikoresho vya nkenerwa kugira amata bakamye azobe afise isuku. Hazubakwa n\u2019inyubako zo kuyegeranirizamwo ku mitumba, hazubakwa ibigo 3 binini vyo kwegeranirizamwo amata, 2 muri komine Mutimbuzi na kimwe muri komine Kabezi kugira amata yose avuye mu borozi abe ariho azoza aregeranirizwa. Hazubakwa kandi inyubako zizofasha guhingura imfungurwa z\u2019inka kugira zizoze zirakamwa amata menshi.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya rero kandi ko muri uwo mugambi wose, hategekanijwe kutangwa inka zose hamwe zingana 3000 mu ntara 5 uwo mugambi PRDAIGL urangurirwamwo arizo: Cibitoke, Bubanza, Bujumbura, Rumonge na Makamba<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kuri uwu wa 24 Kigarama 2020, Ubushikiranji bw\u2019Uburimyi, Ubworozi n\u2019Ibidukikije bubicicishije mu mugambi wabwo PRDAIGL, bwatanze inka 240 ku bantu b\u2019amikoro make ariko bashoboye kuzitunga bo muri komine Mutimbuzi iri mu ntara ya Bujumbura. Ku mutumba Mutara wo muri komine Mutimbuzi ahariko hatangirwa izo nka, akanyamuneza kasomeka ku maso y\u2019abari bahari. Abari bamaze kugabana inka, [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5892,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[216],"tags":[473,472],"coauthors":[189],"class_list":["post-5891","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubworozi","tag-mutimbuzi","tag-prdaigl"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5891","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5891"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5891\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5898,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5891\/revisions\/5898"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5892"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5891"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5891"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5891"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5891"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}