{"id":5881,"date":"2020-12-23T10:29:36","date_gmt":"2020-12-23T09:29:36","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5881"},"modified":"2023-07-03T00:01:19","modified_gmt":"2023-07-02T22:01:19","slug":"menya-missngoma2020-gitega-imicokama-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/menya-missngoma2020-gitega-imicokama-burundi\/","title":{"rendered":"Menya Miss Ngoma 2020 uwo ari we"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Anne Niyera afise imyaka 22. Uwo mwigeme w\u2019ijwi ryiyoroheje yaraye atowe, yavukiye mu ntara ya Gitega, muri karatiye Magarama. Asigaranye umuvyeyi umwe. Yiga kuri \u00ab\u00a0Summit International Institute\u00a0\u00bb, mu gisata c\u2019ubwubatsi, akaba yimirije kurangiza.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Afise akabiri gatoshe. Karakuyengeje. Mbere gatatse inzobe y\u2019ikimonge. Ku mutwe yambaye umushatsi kama, akagira uruhanga rusayangana. Amwenyuye twa tunogo two ku matama bita \u00ab&nbsp;fossette&nbsp;\u00bb mu kinofunofu turibira. Aho nyene uca ubona amenyo yera nk\u2019urutare. Si mugufi kandi si muremure, ntiyonze kandi ntavyibushe cane. Aragereranye, ni tubiri twose.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Miss Ngoma 2020 yitezweko iki&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umugambi wiwe ni FETRAD, \u00ab&nbsp; Femme Traditionnelle D\u00e9velopp\u00e9e&nbsp;\u00bb, mu majambo yose. Miss Niyera amenyesha ko yawutoye abanje kwihweza ukuntu abigeme n\u2019abakenyezi babangamirwa cane n\u2019ingorane zijanye n\u2019ikubagurwa ubona ko bigwiriye aho umwigeme canke umukenyezi ashobora gukorerwa ihohoterwa rifatiye ku gitsina, rigatandukira iryo mu mutwe, ku mubiri eka no ku butunzi, ibishobora gutuma umwigeme ataba agihambije iterambere yari yipfuza gushikako.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1000\" height=\"667\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/12\/IMG-20201220-WA0062.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-5883\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/12\/IMG-20201220-WA0062.jpg 1000w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/12\/IMG-20201220-WA0062-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/12\/IMG-20201220-WA0062-768x512.jpg 768w\" sizes=\"auto, (max-width: 1000px) 100vw, 1000px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p>Uwo Miss Ngoma aragaruka akagira ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Umukenyezi ni we nkingi y\u2019iterambere. Hamwe umurundi wese yogira umutima wo kumukingira nta nkeka ko igihugu cotera imbere. Nipfuza ko umwigeme canke umupfasoni azoba ari mu kigo FETRAD azobaho yisanzuye, ashigikiwe, ashobora gushikiriza ivyiyumviro vyiwe<\/em>.&nbsp;\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Mu kigo FETRAD hazoba hariho ibisata mbogoramutima kuko hari abo usanga bagendana ibikomere nseserezamutima, abandi bakagira ihahamuka. Hazotangirwa kandi n\u2019inyigisho zerekeye akaranga n\u2019izikaburira abarundi gukunda igihugu cabo. Hazoba inyigisho zishimikira ku kwitunganiriza imigambi yo kwiteza imbere kugira ngo ba bakenyezi n\u2019abigeme bamaze kwiyakira, bagasubirana umutima uzirikana agaciro bafise, bakamenya ko bashobora gukora ibiruta ivyo n\u2019abagabo canke imisore itari mike idashobora kurangura, baheze bitunganirize ibibateza imbere bishingiye ku vyo bo nyene ubwabo biremeye.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Afise iyindi sura agomba guha Gitega<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Hari imihigo afitiye iyo ntara aho buca arangiriza amashure yiwe. Niyera amenyesha ko ikiganza ciwe kizoza kuryohora ibibanza vy\u2019iratiro, abihe imforo yindi ku buryo bigira agaciro, bikwege ingenzi ziva mu bihugu bitandukanye ku bwinshi maze ikigega c\u2019intara kirushirizeho kubomboka.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu myaka itanu, Miss Ngoma abona ko azoba ari CEO, hari abigeme n\u2019abakenyezi ibihumbi n\u2019ibihumbagiza bazoba barateye imbere barateje imbere n\u2019imiryango yabo. Uwo mu-Miss abona ko azoba yateje imbere igisata c\u2019ingenzi cane cane mu ntara ya Gitega kuko ari yo isanzwe ifise ibibanza vy\u2019iratiro vyinshi. Ku mwaka ku mwaka, ategekanya guhora atunganya ibiteramo n\u2019amahayanishagurishwa y\u2019ibikoresho bihingurwa hisunzwe akaranga k\u2019aho hambere.<\/p>\n\n\n\n<p>Miss Anne Niyera akaba ahamagarira abarundikazi kutisuzugura, gukura amaboko mu mpuzu bakaja ku kivi, berekane ico bari kuko muri bo hanyegeje inguvu n\u2019ubutunzi bukomeye. Tubamenyeshe ko mu buzima busanzwe akunda kuririmba no kuba hamwe n\u2019umuryango banezerewe.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Anne Niyera afise imyaka 22. Uwo mwigeme w\u2019ijwi ryiyoroheje yaraye atowe, yavukiye mu ntara ya Gitega, muri karatiye Magarama. Asigaranye umuvyeyi umwe. Yiga kuri \u00ab\u00a0Summit International Institute\u00a0\u00bb, mu gisata c\u2019ubwubatsi, akaba yimirije kurangiza. Afise akabiri gatoshe. Karakuyengeje. Mbere gatatse inzobe y\u2019ikimonge. Ku mutwe yambaye umushatsi kama, akagira uruhanga rusayangana. Amwenyuye twa tunogo two ku matama [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":5882,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[211],"tags":[471],"coauthors":[231],"class_list":["post-5881","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-imicokama","tag-missngoma"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5881","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5881"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5881\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5886,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5881\/revisions\/5886"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5882"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5881"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5881"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5881"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5881"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}