{"id":5862,"date":"2020-12-17T11:03:03","date_gmt":"2020-12-17T10:03:03","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5862"},"modified":"2023-07-03T00:01:07","modified_gmt":"2023-07-02T22:01:07","slug":"icayi-ikibanza-kabiri-isoko-mpuzamakungu-otb-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/icayi-ikibanza-kabiri-isoko-mpuzamakungu-otb-burundi\/","title":{"rendered":"Icayi c\u2019i Burundi kiri mu kibanza ca kabiri kw\u2019isoko mpuzamakungu"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kw\u2019isoko mpuzamakungu y\u2019icayi iri Mombasa muri Kenya, gushika ubu, Uburundi buza mu kibanza ca kabiri mu bihugu bishika icenda vyo mu karere bihashorera icayi c\u2019akanovera. Ibice 95% vy\u2019icayi cimbuka i Burundi ni vyo bishoka mu makungu<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu gihe kuva kuri uwu wa 14 -18 Kigarama 2020, ku cicicaro gikuru ca OTB i Bujumbura huguruwe icese indwi yahariwe icayi (Semaine \u2013 Th\u00e9), amashirahamwe atandukanye na canecane ay\u2019uburimyi ari mw\u2019ihayanishagurishwa ry\u2019ivyo basanzwe bimbura n\u2019ivyo bahingura. Ni n\u2019akaryo keza ko kumenya vyinshi ku vyerekeye icayi.<\/p>\n\n\n\n<p>Icayi rero, ni igiterwa njabukamazi, ahanini kigurwa n\u2019amahanga. Yvonne Girukwishaka ajejwe gukurikirana akanovera k&rsquo;icayi muri OTB, afatiye ku bitigiri vy\u2019ingene icayi c\u2019i Burundi kigurishwa, avuga ko Abarundi batanywa cane icayi. Ibice 5% vy\u2019icayi cimbuka bigurishwa mu Burundi, mu gihe ibice 95% vy\u2019icayi c\u2019i Burundi bigurishwa mu makungu.<\/p>\n\n\n\n<p>Agira ati: \u00ab <em>Kw\u2019isoko mpuzamakungu, icayi c\u2019i Burundi cifashe neza cane gose kubera akanokera kaco. Gushika ubu, Uburundi buza mu kibanza ca kabiri mu bihugu bishika icenda vyo mu karere bigurishiriza icayi cavyo kw\u2019isoko mpuzamakungu y\u2019i Mombasa mu gihugu ca Kenya. <\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<div class=\"fb-post\" data-href=\"https:\/\/www.facebook.com\/Jimbere.Magazine\/posts\/2771005333137255\" data-width=\"500\" data-show-text=\"true\"><blockquote cite=\"https:\/\/www.facebook.com\/Jimbere.Magazine\/posts\/2771005333137255\" class=\"fb-xfbml-parse-ignore\"><p>\u2615 Kuri uyu wa 14 Kigarama 2020, mu gisagara ca #Bujumbura ku cicaro gikuru c&#039;ishiramwe #OTB (Office du Th\u00e9 du Burundi)&#8230;<\/p>Posted by <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/Jimbere.Magazine\/\">JimbereMagazine<\/a> on&nbsp;<a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/Jimbere.Magazine\/posts\/2771005333137255\">Monday, December 14, 2020<\/a><\/blockquote><\/div>\n\n\n\n<p><strong>Imigambi yo kugwiza umwimbu w\u2019icayi\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Gushika ubu mu Burundi harimirwa icayi c\u2019ubwoko bumwe, ariko hageze kugihingura, kigakurwamwo ubwoko bubiri. Hariho icayi c\u2019urwatsi rutoto (th\u00e9 vert) hakabaho n\u2019icayi cirabura (th\u00e9 noir) iki na co kikaba kirimwo imice myishi bivanye n\u2019akanovera kaco gatandukanye. Umwimbu ushobora kuboneka ku mwaka, wababa itoni 11 z\u2019icayi giseye gishorwa mu makungu, ni ukuvuga hafi itoni zababa 60 z\u2019amababi kuko, mu biro bitanu vy\u2019amababi y\u2019icayi, havamwo ikiro kimwe giseye, OTB ija kugurisha,<\/p>\n\n\n\n<p>Rero kubera ko umwimbu w\u2019icayi uboneka utari ku rugero rwipfuzwa, Yvonne Girukwishaka amenyesha yuko muri OTB bariko barakora imigambi yo kwagura indimo n&rsquo;amahinguriro kugira umwimbu n&rsquo;akanovera k&rsquo;icayi vyisununure. Baranahimiriza abarimyi kugira uruhara ruboneka mu gukwiragiza ico giterwa njabukamazi mu zindi ntara kitarashikamwo. Ivyo bikaba mu ntumbero yo gushaka ko icayi c\u2019i Burundi cofata ikibanza ca mbere kw\u2019isoko mpuzamakungu, gutyo n\u2019umurimyi akaharonkera amafaranga y\u2019inyongera<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"999\" height=\"666\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/12\/OTB-1.jpeg\" alt=\"\" class=\"wp-image-5867\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/12\/OTB-1.jpeg 999w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/12\/OTB-1-300x200.jpeg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/12\/OTB-1-768x512.jpeg 768w\" sizes=\"auto, (max-width: 999px) 100vw, 999px\" \/><figcaption><em>Umuyobozi mukuru wa OTB arikumwe na Yvonne Girukwishaka ajejwe gukurikira ibijanye n&rsquo;akanovera k&rsquo;icayi muri OTB bariko bararaba ahasyererwa icayi mw&rsquo;ihinguriro ry&rsquo;i Buhoro<\/em><\/figcaption><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Agahembo ko gute ku barimyi b\u2019icayi?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Hari abarimyi bavuga ko OTB ari yo yiyungukira umurengera ku giterwa njabukamazi c&rsquo;icayi, ariko bo bagatahira umuruho wo gukorera ico giterwa, Yvonne Girukwishaka ajejwe gukurikirana ibijanye n&rsquo;akanovera k&rsquo;icayi muri OTB aragira ico abivuzeko: <em>\u00ab<\/em><em> Ikiro c\u2019icayi giseye kiriko kiragurwa amadorari 3<\/em><em>$ (yababa 5800Fbu ku giciro ca BRB). Ikiro 1 c\u2019icayi giseye na co, kiva mu biro 5 vy\u2019icayi c\u2019amababi. Umurimyi na we ariko aragurirwa amafaranga 250Fbu ku kiro 1 c\u2019icayi c\u2019amababi<\/em><em>. Ni ukuvuga rero ko, ku biro 5 vy\u2019icayi c\u2019amababi havamwo ikiro 1 c\u2019icayi giseye OTB ija kugurisha amadorari 3<\/em><em>$, umurimyi nawe aba yagihembweko 1250Fbu, kandi<\/em><em> umurimyi arongera akanaronka n\u2019amafaranga y\u2019inyongera 70Fbu ku kiro c\u2019icayi c\u2019amababi iyo umwaka uheze bivanye n\u2019uko isoko iba yaragenze<\/em>. <em>\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Arongera ati<em>: <\/em><em>\u00ab<\/em><em>Rero, kuri ayo mahera OTB ikura mu cayi, hambavu y\u2019amafaranga ahembwa umurimyi, harahembwa abakozi, harahembwa abagishikana ku mahinguriro, abacanikira, abagisya, abagitekera, abacinjiza mu modoka zija i Mombasa, harahembwa i modoka zikijana i Mombasa, harahembwa aho gishikira, abakigurisha, harahembwa amakomine kirimirwamwo, haratangwa ikori, haratangwa inyungu kuri Reta yashinze amahinguriro, harasigara ayibikorwa vyo gukora amabarabara n&rsquo;ayo gukora ibikorwa bitandukanye. <\/em><em>\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-cyan-bluish-gray-background-color has-background\">Mwomenya rero ko OTB ifise amahinguriro atanu ari yo Jenda, Tora, Teza, Rwegura na Buhoro, ikaba ikorera mu ntara zitandatu, ari zo Cibitoke, Kayanza, Muramvya, Mwaro, Bujumbura Rural na Bururi.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kw\u2019isoko mpuzamakungu y\u2019icayi iri Mombasa muri Kenya, gushika ubu, Uburundi buza mu kibanza ca kabiri mu bihugu bishika icenda vyo mu karere bihashorera icayi c\u2019akanovera. Ibice 95% vy\u2019icayi cimbuka i Burundi ni vyo bishoka mu makungu Mu gihe kuva kuri uwu wa 14 -18 Kigarama 2020, ku cicicaro gikuru ca OTB i Bujumbura huguruwe icese [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5863,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[215],"tags":[469],"coauthors":[189],"class_list":["post-5862","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-uburimyi","tag-icayi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5862","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5862"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5862\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5868,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5862\/revisions\/5868"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5863"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5862"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5862"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5862"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5862"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}