{"id":5857,"date":"2020-12-15T07:43:26","date_gmt":"2020-12-15T06:43:26","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5857"},"modified":"2023-07-03T00:00:58","modified_gmt":"2023-07-02T22:00:58","slug":"isekeza-incanco-abavyeyi-bibungenze-ibibondo-amagara-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/isekeza-incanco-abavyeyi-bibungenze-ibibondo-amagara-burundi\/","title":{"rendered":"Isekeza ry\u2019incanco\u00a0: abavyeyi bibungenze n\u2019ibibondo ntibasubire kwanjanjwa"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abakenyezi bibungenze bangana ibice 57,3% ni bo bonyene bitabiriye igice ca mbere c\u2019isekeza ry\u2019indwi yahariwe amagara meza ku muvyeyi n\u2019ikibondo ryabaye mu kwezi kwa mukakaro 2020 aho bahabwa imiti n\u2019incanco. Ivyo bigatera impungenge abajejwe amagara y\u2019abantu kuko bigaragara ko hakiri abavyeyi bagifata ibisanzwe ico gikorwa. Bahamagariwe kwikubita agashi muri iki gice kigira kabiri.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kuva kuri uwu wa 15 gushika ku wa 18 kigarama, ubushikiranganji bw\u2019amagara y\u2019abantu bwaratunganije igice ca 2 c\u2019isekeza ry\u2019ugucandaga ibibondo bikingirwa ingwara y\u2019agasama n\u2019ukuronsa ibinini vy\u2019inzoka abavyeyi bafise imbanyi imaze gukwiza amezi 3 kuduga. Ivyo bikaba biriko birakorwa mu ntumbero yo guhimbaza indwi yahariwe amagara meza ku muvyeyi n\u2019ikibondo.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu gihugu cose abakenyezi bibungenze bagera 297.816 ni bo biteguriwe kuronswa ibinini vy\u2019inzoka. Abo bakenyezi nyene bakaba bazoca baronswa amasabuni mu ntumbero yo kubafasha mu kwikingira ikiza ca coronavirus nk\u2019uko bishikirizwa na muganga Olivier Nijimbere, umuyobozi w\u2019umugambi w\u2019igihugu ujejwe gucandaga.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Nta muvyeyi canke umwana akwiye gucikwa n\u2019ako karyo<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Bose hamwe, abana bashika 1. 823.873 bafise kuva ku mezi 6 gushika kumezi 59 ni bo bazoronswa vitamine A, mu gihugu cose. Abana 570.466 bari mu turere tw\u2019ubuvuzi 14 ari two&nbsp;: Bujumbura Mairie-Nord, Mairie Sud, Isale, Kabezi, Ngozi, Kiremba, Buye, Kirundo, Vumbi, Gashoho, Muyinga, Rutana na Murore bari muri urwo rugezo rw\u2019imyaka nyene bazokingirwa ingwara y\u2019agasama.<\/p>\n\n\n\n<p>Abana 1.555.197 bafise kuva ku myaka 5 gushika kuri 14 baba mu turere tw\u2019ubuvuzi 22 dukarirwa cane na bo nyene bazokingirwa inzoka zo mu nda. Utwo turere tw\u2019ubuvuzi ni&nbsp;: Nyanza-lac, Muyinga, Murore, Kinyinya, Nord, Kabezi, Isale, Butezi, Vumbi, Makamba, Busoni, Rutana, Gihofi, Cibitoke, Mabayi, Rumonge, Bugarama, Mpanda, Bubanza, Kirundo, Mukenke na Bukinanyana.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Intumbero nshasha<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ibikorwa vyo kuronsa ibinini abavyeyi bibungenze vyahora bifashwamwo cane n\u2019abaremeshakiyago bari ku mitumba ariko ku mvo y\u2019uko vyibonekeje ko abo bakenyezi badaheza ngo bitabire iryo sekeza, ubu ribera ku mavuriro yegereye abanyagihugu canke mu bindi bibanza uturere tw\u2019ubuvuzi twahisemwo twokworohereza abanyagahigu. Abanyeshure bo bazosangwa ku mashure.<\/p>\n\n\n\n<p>Muganga Olivier Nijimbere akaba ahamagarira abavyeyi bose n\u2019abana babo guha agaciro amagara yabo bakitabira iryo sekeza ku bwinshi ubona ko ata n\u2019ikiguzi basabwa. Agirako yibutsa ko umuvyeyi yibungenze co kimwe n\u2019abana bari munsi y\u2019imyaka 5 bakarirwa cane n\u2019ingwara izo ari zo zose ari na yo mpamvu badakwiye gufata minenerwe ico gikorwa. Yongera ati&nbsp;:&nbsp;\u00ab&nbsp;<em>Ingwara y\u2019agasama ni ingwara irandagata mu mwanya muto kandi yica. Ni co gituma umwana wese akwiye kuronswa incanco zayo<\/em>&nbsp;\u00bb<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abakenyezi bibungenze bangana ibice 57,3% ni bo bonyene bitabiriye igice ca mbere c\u2019isekeza ry\u2019indwi yahariwe amagara meza ku muvyeyi n\u2019ikibondo ryabaye mu kwezi kwa mukakaro 2020 aho bahabwa imiti n\u2019incanco. Ivyo bigatera impungenge abajejwe amagara y\u2019abantu kuko bigaragara ko hakiri abavyeyi bagifata ibisanzwe ico gikorwa. Bahamagariwe kwikubita agashi muri iki gice kigira kabiri. Kuva kuri [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":5858,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[247,391,135],"coauthors":[231],"class_list":["post-5857","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-abana","tag-amagara","tag-unicef"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5857","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5857"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5857\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5859,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5857\/revisions\/5859"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5858"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5857"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5857"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5857"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5857"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}