{"id":5844,"date":"2020-12-10T11:25:33","date_gmt":"2020-12-10T10:25:33","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5844"},"modified":"2023-07-03T00:00:32","modified_gmt":"2023-07-02T22:00:32","slug":"ikawa-uburimyi-urudandazwa-hanze-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ikawa-uburimyi-urudandazwa-hanze-burundi\/","title":{"rendered":"Ikawa ishoka hanze imaze kudandazwa ku rugero rw\u2019ibice 63%"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Hafatiwe ku matoni 14 000 y\u2019ikawa ishoka hanze yitezwe muri iyi sizeni, hamaze kudandazwa ikawa ku rugero rungana na 63%. Vyashikirijwe na D\u00e9o Guide Rurema Umushikiranganji w\u2019Uburimyi, Ubworozi n\u2019Ibidukikije aho kuri uwu wa 8 Kigarama 2020 i Gitega yariko aramenyesha abarundi aho ibikorwa vy\u2019isizeni y\u2019ikawa y\u2019umwaka wa 2020-2021 bigeze.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>D\u00e9o Guide Rurema Umushikiranganji w\u2019Uburimyi, Ubworozi n\u2019Ibidukikije ati: <em>\u00ab Idandazwa ry\u2019umwimbu w\u2019ikawa wabonetse <\/em>r<em>iriko rigenda neza cane. Gushika kw\u2019igenekerezo rya 03 Kigarama 2020, ikawa zose hamwe zari zimaze kudandazwa muri iyi sizeni y\u2019umwaka wa 2020 \u2013 2021, zingana n\u2019amatoni 8 906,550 ku gaciro k\u2019amadorari y\u2019abanyamerika 22 264 796 USD, ni ukuvuga, hafi amafaranga y\u2019amarundi 42 745 003 971 Fbu. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Afatiye rero kuri uwo mwimbu w\u2019ikawa umaze kudandazwa no ku mwimbu ungana n\u2019amatoni 14000 witezwe muri iyi sizeni y\u2019ikawa y\u2019umwaka wa 2020\u2013 2021, uwo mushikiranganji amenyesha ko hamaze kudandazwa ikawa ku rugero rungana n\u2019ibice 63%.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uko ikawa imaze kudandazwa\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umushikiranganji D\u00e9o Guide Rurema amenyesha ko, ku ruhande rwa ODECA, hamaze kudandazwa amatoni 1 632,480 ku mafaranga y\u2019amadorari y\u2019abanyamerika 4 414 000 USD, ni ukuvuga, hafi amafaranga y\u2019amarundi 8 494 324 771 Fbu, kandi hakaba hamaze kugurishwa ikawa ishika 40% y\u2019iyari yitezwe.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"840\" height=\"560\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/12\/MIN.jpeg\" alt=\"\" class=\"wp-image-5847\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/12\/MIN.jpeg 840w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/12\/MIN-300x200.jpeg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/12\/MIN-768x512.jpeg 768w\" sizes=\"auto, (max-width: 840px) 100vw, 840px\" \/><figcaption><em>Umushikiranganji <strong>w\u2019Uburimyi, Ubworozi n\u2019Ibidukikije<\/strong> D\u00e9o Guide Rurema<\/em><\/figcaption><\/figure>\n\n\n\n<p>Na yo ku ruhande rwa COCOCA, uwo mushikiranganji amenyesha ko hamaze kudandazwa amatoni 1420,800 ku madorari y\u2019abanyamerika 4 185 685 USD, ni ukuvuga, hafi amafaranga y\u2019amarundi angana 8 031 052 807 Fbu, muri ayo mafaranga, ayashika 2 655 414 USD yaramaze gushika, ni ukuvuga 5 124 949 020 Fbu, kandi hakaba hamaze kugurishwa ikawa ishika ku 60% y\u2019iyitezwe.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Itahukanwa ry\u2019amafaranga y\u2019agagaciro ahuye n\u2019ikawa ishotse riba uko ikawa ishoka<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umushikiranganji w\u2019Uburimyi, Ubworozi n\u2019Ibidukikije D\u00e9o Guide Rurema amenyesha ko amafaranga yose Reta yashize mu gisata c\u2019ikawa ariko arakoreshwa mu muco. Agira ati: <em>\u00abAmafaranga Reta y\u2019Uburundi yahaye urwego ODECA kugira rushobore kurangura ibikorwa bijanye n\u2019isizeni ya 2020 \u2013 2021 yangana 43 465 834 300Fbu. Ayamaze gukoreshwa angana na 31 708 166 967 Fbu. Muri ayo, ayahembwe abarimyi akaba angana 21 833 448 357Fbu, ayandi angana na 9 874 718 610 Fbu akaba yakoreshejwe mu bikorwa bitandukanye bijanye n\u2019isizeni. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Muri rusangi, D\u00e9o Guide Rurema, amenyesha ko, bihweje ibiharuro vyerekana amahera Reta yatanze kugira akore ibikorwa bijanye n\u2019isizeni y\u2019ikawa ya 2020 \u2013 2021, bakagereranya n\u2019ayamaze kugaruka, babona neza ko ayo mahera azosubizwa ata ngorane narirya avuga ko ikawa yo gushora ikiriho kandi nyinshi yababa ibice 50%.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Hafatiwe ku matoni 14 000 y\u2019ikawa ishoka hanze yitezwe muri iyi sizeni, hamaze kudandazwa ikawa ku rugero rungana na 63%. Vyashikirijwe na D\u00e9o Guide Rurema Umushikiranganji w\u2019Uburimyi, Ubworozi n\u2019Ibidukikije aho kuri uwu wa 8 Kigarama 2020 i Gitega yariko aramenyesha abarundi aho ibikorwa vy\u2019isizeni y\u2019ikawa y\u2019umwaka wa 2020-2021 bigeze. D\u00e9o Guide Rurema Umushikiranganji w\u2019Uburimyi, Ubworozi [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5845,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[215],"tags":[313,328],"coauthors":[189],"class_list":["post-5844","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-uburimyi","tag-ikawa","tag-uburimyi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5844","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5844"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5844\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5848,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5844\/revisions\/5848"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5845"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5844"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5844"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5844"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5844"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}