{"id":5823,"date":"2020-12-03T15:17:58","date_gmt":"2020-12-03T14:17:58","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5823"},"modified":"2023-07-02T23:59:55","modified_gmt":"2023-07-02T21:59:55","slug":"inda-zindaro-urwaruka-indero-menyumenyeshe-cankuzo-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/inda-zindaro-urwaruka-indero-menyumenyeshe-cankuzo-burundi\/","title":{"rendered":"Inda z\u2019indaro : \u00ab Umubu uherutse gukomora Cankuzo uragatsindwa \u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu rukurikirane rw\u2019isekeza ryo kurandurana n\u2019imizi inda z\u2019indaro mu mashure, ku civugo<\/strong> <strong>\u00ab&nbsp;Ikibanza c\u2019umwigeme ntikiri mw\u2019iyakiriro ry\u2019abavyeyi kiri kw\u2019ishure&nbsp;\u00bb, ishirahamwe Cordaid mu mugambi waryo Menyumenyeshe, ryari ryatunganije ibikorwa vy\u2019ihimiriza, n\u2019ukwerekana ivyo uwo mugambi waranguye mu myaka yababa itanu, muri Cankuzo, ku wa 13 Munyonyo 2020.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo bikorwa vyatunganirijwe kuri Lyc\u00e9e communal Cankuzo. Hari nk\u2019isaha zitandatu aho vyatangura. Akavura karatonyanga ariko ntikahagaritse ibikorwa. Abanyeshure baserukira abandi mu makomine agize intara ya Cankuzo bari bikazanuye n\u2019ivyese n\u2019indirimbo biteguriye guhanura urwaruka rugenzi rwarwo eka n\u2019abari bakoranye aho hantu muri rusangi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Umwigeme w\u2019ubwenge ni nde&nbsp;\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mw\u2019ijambo ryashikirijwe na Benjamin Nduwumuremyi, Umukenguzabikorwa mu mugambi Menyumenyeshe muri Cordaid, yagize ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Umwigeme w\u2019incabwenge yifatira ingingo zibereye ku bijanye n\u2019amagara yiwe, ntahendwa n\u2019ibisamaza bimukwegera mu buhumbu, arasaba insiguro ku vyerekeye irondoka rijanye n\u2019amagara meza, ku mavuriro, ibigo bigenzi vy\u2019urwaruka, abunganirarunganwe baronse inyigisho zikwiye. Uwo mwigeme yima amatwi amajambo y\u2019ubupfu n\u2019ibihendamaso akijukira ishure eka agakora n\u2019ibikorwa vyo kwiteza imbere.<\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Mu vyese n\u2019indirimbo zaririmbwa n\u2019abanyeshure barezwe n\u2019umugambi Menyumenyeshe, hari huzuyemwo impanuro zitari nke: Nkuko abashikanira abigeme ibisayangana bakaka, ariko rero umwigeme akwiye kumera magabo igihe cose kuko si bose baba bamwipfuriza ineza. Muri ivyo vyese nyene, uko vyagiye birakuranwa vyerekana neza ukuntu abana b\u2019abigeme ahanini batabwa mu nyenga n\u2019akamanyu k\u2019umutsima bahahamukiye. Bitangurira mu tujambo dusosa, bikarangira ari umurazi, aho umwigeme yihakanwa riva, akaba aho kwicurikira, akicuza ndetse akikorera amaboko mbere bamwe bakarengerwa n\u2019ukwiyahura bakiyahura.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1000\" height=\"667\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/12\/Cankuuu.jpeg\" alt=\"\" class=\"wp-image-5826\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/12\/Cankuuu.jpeg 1000w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/12\/Cankuuu-300x200.jpeg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/12\/Cankuuu-768x512.jpeg 768w\" sizes=\"auto, (max-width: 1000px) 100vw, 1000px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Ibitigiri vy\u2019inda z\u2019indaro mu mashuri \u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Inyuma yo gukurikirana inyigisho n\u2019ubutumwa bwashikirijwe mu vyese vyagiye birakuranwa, L\u00e9onidas Tangira, Umuyobozi w\u2019indero mu ntara ya Cankuzo yagize ati&nbsp;:&nbsp;\u00ab&nbsp;<em>Birahimbaye ko dufise umutahe ungana uku mu rwaruka. Ese rwokwiragiza ubu butumwa rukabushikana kure, inda z\u2019indaro zikaba umugani mu ntara y\u2019indero ya Cankuzo ndetse no mu Burundi bwose.<\/em>\u00bb Aremeza ko ibitigiri vyagabanutse. Ariko rero uwo muyobozi, yisunze ibitigiri vy\u2019abigeme batwaye inda z\u2019indaro mu mwaka wa 2019-2020, amenyesha ko ibitigiri vyasubiye kuduga. \u00ab&nbsp;<em>Mu mwaka w\u2019ishure wa 2016-2017 hatwaye inda abanyeshure 69, 2017-2018 bangana 27, 2018-2019 bari 19, mu wa 2019-2020 ibitigiri birasubira biraduga bishika ku nda <\/em>35. Rero umubu uherutse gukomora intara y\u2019indero ya Cankuzo uragatsindwa. \u00bb Biragaragara ko biriko biganuka ku dufatiye aho vyari biri naho ako kaciyemwo. Arabahimiriza kubandanya barikanuye bime amatwi abo bose babakwegera mu buhumbu ashimira uwo mugambi n\u2019abawufashe mu mugongo.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1000\" height=\"667\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/12\/CANK.jpeg\" alt=\"\" class=\"wp-image-5828\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/12\/CANK.jpeg 1000w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/12\/CANK-300x200.jpeg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/12\/CANK-768x512.jpeg 768w\" sizes=\"auto, (max-width: 1000px) 100vw, 1000px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Inyigisho zerekeye ingendo rusangi y\u2019ishure zabaye inkoramutima \u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umuyobozi w\u2019ishure ryisumbuye rya komine Cankuzo amenyesha ko inyigisho zerekeye ingendo rusangi y\u2019ishure (Approche Globale de l\u2019Ecole) baronkejwe zatumye ubuzima bw\u2019ishure buhinduka. Bimwe mu vyo ashikiriza ko baranguye akabuwe n\u2019izo nyigisho&nbsp;: kurimbura ingene ishure ryitunganije mu bisata bitandukanye, gushira mu kirangaminsi c\u2019ishure umwanya uhariwe inyigisho zerekeye irondoka rijanye n\u2019amagara meza ; guha abanyeshure uburenganzirabwo kwitura amavuriro magenzi y\u2019urwaruka ; gutunganya inama z\u2019abavyeyi barereye abana babo kw\u2019ishure ryisumbuye rya Cankuzo mu ntumbero yo kubibutsa uruhara rwabo mu ndero y\u2019abana ; kwerekana neza imbibe zishure ; kwimura ibarabara ryahora risamaza abanyeshure kuko imiduga yaca hagati mu kibuga ; gutera ivyamwa mu mirima y\u2019ishure ; guca imiserege itwara amazi ntatembere k\u2019ubirasi vy\u2019ishure ; gutera ivyatsi bikingira isi \u2026<\/p>\n\n\n\n<p>Tubamenyeshe ko mu ntara ya Cankuzo abanyeshure bangana 11.474 ari bo baronkejwe inyigisho mu mugambi Menyumenyeshe, mu myaka hafi itanu iheze nayo ku rwego rw\u2019intara 8 Cordaid ikoreramwo uwo mugambi bakaba bagera 103.522.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu rukurikirane rw\u2019isekeza ryo kurandurana n\u2019imizi inda z\u2019indaro mu mashure, ku civugo \u00ab&nbsp;Ikibanza c\u2019umwigeme ntikiri mw\u2019iyakiriro ry\u2019abavyeyi kiri kw\u2019ishure&nbsp;\u00bb, ishirahamwe Cordaid mu mugambi waryo Menyumenyeshe, ryari ryatunganije ibikorwa vy\u2019ihimiriza, n\u2019ukwerekana ivyo uwo mugambi waranguye mu myaka yababa itanu, muri Cankuzo, ku wa 13 Munyonyo 2020. Ivyo bikorwa vyatunganirijwe kuri Lyc\u00e9e communal Cankuzo. Hari nk\u2019isaha zitandatu [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":5824,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[426,293],"coauthors":[34],"class_list":["post-5823","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-indero","tag-menyumenyeshe"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5823","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5823"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5823\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5829,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5823\/revisions\/5829"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5824"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5823"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5823"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5823"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5823"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}