{"id":5798,"date":"2020-11-28T12:25:42","date_gmt":"2020-11-28T11:25:42","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5798"},"modified":"2023-07-02T23:56:21","modified_gmt":"2023-07-02T21:56:21","slug":"ukubana-urubanza-incuti-ubwiza-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ukubana-urubanza-incuti-ubwiza-burundi\/","title":{"rendered":"Ukubana: urubanza rukorwa n\u2019incuti ntirukorwa n\u2019ubwiza"},"content":{"rendered":"\n<ul class=\"wp-block-list\"><li><strong>Hari ibintu vyeze mu bisagara. Urumbanza rwo mu muryango utarimwo abakobwa bafise ubwiza bwo ku mubiri,<\/strong> <strong>baryosha amafoto, rukorwa n\u2019abakobwa bakoteshejwe, kugira gusa rurangwemwo amafoto meza.<\/strong><\/li><li><strong>Imiryango n\u2019incuti za hafi za nyene urubanza zikicarikwa inyuma, aho imiravyo y\u2019ivyuma bifotora itabashikira ngo bohava bonona amafoto \u2026<\/strong><\/li><\/ul>\n\n\n\n<p>Je, Njebarikanuye, ndatera ivyatsi uwu muco wadutse mu banyagisagara.Nagize gutya nsimbira mu rubanza rw\u2019umugenzi wanje twiganye tukiri ruguru. Ariko ubu, ni umunyabujumbura kubera akazi ahakorera. Nabaye nkihashika ntangazwa no kubona incuti n\u2019imiryango yiwe bicaritswe inyuma ahataboneka. Ariko ngo vyoba vyavanye n\u2019uko amasura yabo adasa nk\u2019ay\u2019abanyagisagara. Nta nkeka ko wohava uca umbaza ngo&nbsp;: \u00ab None imbere hari hicaye ba nde, ko urubanza rumarwa n\u2019umuryango n\u2019incuti \u00bb ?<\/p>\n\n\n\n<p>Bagenzi, abarundi ni bo bakunda gutebura bavuga bati&nbsp;:\u00ab Ndajorewe yahitanye Ndanyuzwe baja gutaha ubukwe kwa Sinkivuga \u00bb. Mbaye nka ba bandi ngo \u00ab&nbsp;ndadamwe&nbsp;\u00bb bashatse kuvuga ngo ndumiwe, nanje naradamwe, pe. Ni ukuri kwose ibibanza vy\u2019imbere bitari vyiyicariyemwo abantu ata n\u2019igisanira namba bafitaniye.<\/p>\n\n\n\n<p>Abantu ata n\u2019umwe azwi mu muryango ! Icibagiye co, ni ba bigeme basereva ibifungurwa n\u2019ibinyobwa canke bamwe bicara impande z\u2019abanyene urubanza (\u00ab filles d\u2019honneurs\u00bb), ngo baje ari uko barinze kubakota inoti iboneka. Abo na bo, ngo batorwa hisunzwe ubwiza bafise ku mu biri kugira, mu gihe bariko baraca imbere y\u2019abantu bagume babaraba bongera babasamarira. Hari n\u2019uwambwiye ngo baryosha amafoto, gutyo urubanza rugasa neza.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Akagohe nkebuzi \u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abaswahiri ni bo bakunda kwivugira bati&nbsp;: \u00ab<em> <\/em><em>Mzarau kwao ni mtumwa (uwugaya iwabo ni umuja). <\/em>\u00bb None ga bagenzi, ubwo mu miryango yacu hobura abadufasha urubanza rwacu kandi rukagenda neza&nbsp;? Ubwo urubanza rukorwa n\u2019ubwiza bw\u2019abarurimwo canke n\u2019imiryango, incuti n\u2019abakunzi&nbsp;? Abibaza ko amafoto y\u2019abakobwa barinze kugurwa kubera ubwiza bwabo boyarutisha umuryango, turakwiye kwikebuka. Tugaterwa iteka n\u2019abacu mu birori, imiryango n\u2019incuti bagaseruka. Bakavuga ijambo, bakishimana natwe. Kukabankako, urwo rubanza ruba ari urwabo. Murazi induru n\u2019imivumo bakuvuma mu gihe wabinuvye ukabanyegeza&nbsp;? Ese ukuntu kaba ari n\u2019akaryo ko guseruka bakibona mu birori vy\u2019uwabo !<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Hari ibintu vyeze mu bisagara. Urumbanza rwo mu muryango utarimwo abakobwa bafise ubwiza bwo ku mubiri, baryosha amafoto, rukorwa n\u2019abakobwa bakoteshejwe, kugira gusa rurangwemwo amafoto meza. Imiryango n\u2019incuti za hafi za nyene urubanza zikicarikwa inyuma, aho imiravyo y\u2019ivyuma bifotora itabashikira ngo bohava bonona amafoto \u2026 Je, Njebarikanuye, ndatera ivyatsi uwu muco wadutse mu banyagisagara.Nagize gutya [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5799,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[610],"coauthors":[189],"class_list":["post-5798","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana","tag-ingo"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5798","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5798"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5798\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5805,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5798\/revisions\/5805"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5799"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5798"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5798"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5798"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5798"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}