{"id":5791,"date":"2020-11-25T14:53:01","date_gmt":"2020-11-25T13:53:01","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5791"},"modified":"2023-07-02T23:56:06","modified_gmt":"2023-07-02T21:56:06","slug":"imyuga-urwaruka-imigambi-iterambere-tuyage-sfcg-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/imyuga-urwaruka-imigambi-iterambere-tuyage-sfcg-burundi\/","title":{"rendered":"Igituma imyuga ya benshi mu rwaruka isa n\u2019iyizingamye"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kuva kuwa 18 gushika kuwa 20 Munyonyo, mu ntara ya Gitega, ishirahamwe mpuzamakungu SFCG-Burundi, rifashwe mu mugongo n\u2019ikigo USAID, mu mugambi \u00ab&nbsp;Tuyage&nbsp;\u00bb, ryaratunganije ihayanishwagurishwa ry&rsquo;ivyahinguwe n&rsquo;urwaruka rurangura imigambi yo kwiteza imbere ku civugo :&nbsp;\u00ab&nbsp;Ibitari bimenyerewe mu rwaruka n&rsquo;abakenyezi mw&rsquo;iterambere no kunywanisha abarundi. \u00bb<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Bose hamwe, abari baserukiye intara zitandukanye&nbsp; zigize igihugu c\u2019Uburundi muri iryo hayanishwagurishwa bashika 90. Umwe wese yari yaserukanye ivyo yahinguye, yakoze canke yacapye. Kabaye akaryo keza kuri SFCG (Search For Common Ground) ko kuronsa urwo rwaruka inyigisho n\u2019impanuro zijanye n\u2019irangurwa ry\u2019imigambi yo kwiteza imbere.<\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko Jer\u00f4me Niyonzima yari yaserukiye ishirahamwe SFCG yabishikirije, iryo shirahamwe ryatunganije iryo hayanishwagurishwa, mu ntumbero yo Kwegeraniriza hamwe urwaruka rufise ubuhinga butandukanye kugira ngo ubwa mbere rumenyane, rurahuriranire ubumenyi, ruhane inomero za terefone bamwe n&rsquo;abandi babone ko batari bonyene kandi ko ivyo bahingura bifise agaciro. Nkako, ababibonye babiguyemwo babisuma.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/11\/WhatsApp-Image-2020-11-19-at-08.02.03-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-5795\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/11\/WhatsApp-Image-2020-11-19-at-08.02.03-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/11\/WhatsApp-Image-2020-11-19-at-08.02.03-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/11\/WhatsApp-Image-2020-11-19-at-08.02.03-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/11\/WhatsApp-Image-2020-11-19-at-08.02.03.jpg 1080w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Zimwe mu ntambamyi bagira<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kubura abafata mu mugongo urwaruka ruriko rurangura imigambi yo kwiteza imbere mu kubamenyekanishiriza ivyo bakora, ni imwe mu nzitizi z\u2019ibikorwa vyabo nk\u2019uko babishikiriza. Dani Kasembe akorera umwuga wo gushushanya, mu ntara ya Rumonge, agira ati&nbsp;:&nbsp;\u00ab <em>urwaruka rw\u2019abarundi turashushanya ibintu vyiza kandi vy\u2019ukuri turabishoboye. Ariko rero ikibazo dufise nuko tubura isoko nziza yavyo. Bigira kudutwara umwanya, n\u2019uburyo bw\u2019ibikoresho&nbsp; twifashisha mu gucapa, abaje kudushorera na bo bagaca baduha amafaranga y\u2019inticantikize<\/em>.\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Kubwa Gilbert Irankunda, bikwiye ko abarundi muri rusangi bahimirizwa bakamenya ko hari benewabo bashoboye gukora ibintu vyiza kurusha mbere abatari bake bo mu bindi bihugu. Kuko hari aho baja hanze bakaza bazanye ivyakoreweyo, bakaba ari bo bashorera aho guteza imbere ab\u2019iwabo bakiyumvisha ko bo batobikora neza.<\/p>\n\n\n\n<p>Kubura abagwizatunga batahura ibikorwa vyabo ngo babishigikire, babone kugira inganda zikomeye ku buryo n\u2019abo mu bindi bihugu bamenya intara izo nganda &nbsp;ziherereyemwo, gutyo ababikeneye bashike kubashorera, niyo ngo ni intambamyi idasanzwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Si ivyo gusa, ngo hari aho usanga urwaruka rufise imigambi &nbsp;irashe ariko kugira ngo bashikire inyungu bigafata igihe kirekire kandi wagomba bafise n\u2019ababitura benshi ariko bakabura ivyo babaha bivanye n\u2019uko bafise umutahe muto.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"HI53MLdDrj\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/koperative-cirdi-igundura-agaciro-kimicafu-burundi\/\">Koperative Cirdi igundura agaciro k\u2019imicafu\u2026<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Koperative Cirdi igundura agaciro k\u2019imicafu\u2026\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/koperative-cirdi-igundura-agaciro-kimicafu-burundi\/embed\/#?secret=7G6JVKJgrZ#?secret=HI53MLdDrj\" data-secret=\"HI53MLdDrj\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Kuki batitura ibanki yabo ku bwinshi?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Zimwe mu mvo urwaruka rwashikirije zituma urwaruka rutitura ibanki BIJE \u201cBanque d\u2019Investissement pour les Jeunes\u201d ku bwinshi, ngo nuko iyo hageze ko rujana imigambi yarwo iyo banki iguma iyisubiza inyuma ngo ntikwije ibisabwa kandi batavyigishijwe. Si ivyo gusa ngo iri kure y&rsquo;intara zimwezimwe. Bagasaba gusigurirwa neza ibikenewe kandi banayibegereze<strong>.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Godeberthe Ndayisenga, icegera c&rsquo;uwurongiye ibanki BIJE, ati:\u00ab<em>Benshi mu rwaruka usanga aho kwiyumvira neza imigambi irashe borangura, bakoporora iy&rsquo;abandi. Mu bisanzwe bisabwa ko bandika imigambi yagutse, itagana guteza imbere bo n&rsquo;abo gusa ariko uwushobora kugirira akamaro bo, ababo, umutumba n&rsquo;igihugu. Imigambi ironswa ingurane n\u2019imigambi bigaragara ko itazohomba kuko amafaranga atangwa atari ingabire. Ni ayazosubizwa n&rsquo;inyungu y&rsquo;ibice 7% hejuru. kugira ngo uronswe ingurane muri BIJE, urasabwa kwuguruza ikonti muri iyo banki<\/em>.\u00bb<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/11\/2-1-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-5793\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/11\/2-1-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/11\/2-1-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/11\/2-1-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/11\/2-1-1536x1024.jpg 1536w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/11\/2-1-scaled.jpg 2048w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><figcaption><em>Godeberthe Ndayisenga, icegera c&rsquo;uwurongiye ibanki BIJE<\/em><\/figcaption><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Si &nbsp;urwaruka rwose rwatahuye agaciro k\u2019imigambi yo kwiteza imbere<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>\u00ab&nbsp;<em>Nubwo hari urwaruka rwatahuye akamaro ko kwikorera ibikorwa vyoruteza imbere, haracariho abandi baheza amashure bakaguma&nbsp; bahanze amaso&nbsp; Reta kandi itagishoboye kubaronsa ubuzi bose<\/em>&nbsp;\u00bb. Umuhanuzi wa buramatari w&rsquo;intara ya Gitega ajejwe ivy&rsquo;ubutunzi akeburira bene urwo rwaruka kwigira ku bandi ngo bikangure,&nbsp; bahatorere icigwa na bo bakure amaboko mu mpuzu kugira ngo bahamvye abandi mu kugwiza umwimbu no gutsimbataza umubano mwiza.<\/p>\n\n\n\n<p>Jer\u00f4me akaba yaciye atera intege urwaruka rwamaze gutahura akamaro k&rsquo;amakoperative, aho yagize ati <em>: \u00ab\u00a0Murahore muzirikana ko ishiga rimwe ryarika ariko ridacumba, nyamwigendako atarimira impeshi kandi ko inyakamwe inyaga imwe\u00a0\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Tubamenyeshe ko umwe wese mu rwaruka rwari rwitavye iryo hayanishwagurishwa yasubiye inyuma amenyanye na mugenzi we, azi intara avamwo, n&rsquo;ingene bazokorana mu ntumbero yo gushigikirana no kurushirizaho kwungurana ivyiyumviro mu myuga bakora. Mu kworosha ivyo bikorwa, SFCG yaciye yugurura umuhora urwo rwaruka ruzohora ruyagiramwo ivy\u2019imigambi yarwo yo kwiteza imbere. <\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-cyan-bluish-gray-background-color has-background\"><strong><strong>Mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi \u00ab Tuyage \u00bb ufashwe mu mugongo na USAID, ikinyamakuru Jimbere cifadikanije n\u2019ishirahamwe Search For Common Ground Burundi mu gikorwa co kwandika inkuru zijanye n\u2019ivy\u2019ubutunzi mu gihugu<\/strong>&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kuva kuwa 18 gushika kuwa 20 Munyonyo, mu ntara ya Gitega, ishirahamwe mpuzamakungu SFCG-Burundi, rifashwe mu mugongo n\u2019ikigo USAID, mu mugambi \u00ab&nbsp;Tuyage&nbsp;\u00bb, ryaratunganije ihayanishwagurishwa ry&rsquo;ivyahinguwe n&rsquo;urwaruka rurangura imigambi yo kwiteza imbere ku civugo :&nbsp;\u00ab&nbsp;Ibitari bimenyerewe mu rwaruka n&rsquo;abakenyezi mw&rsquo;iterambere no kunywanisha abarundi. \u00bb Bose hamwe, abari baserukiye intara zitandukanye&nbsp; zigize igihugu c\u2019Uburundi muri iryo hayanishwagurishwa [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":5792,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[208],"tags":[467,438],"coauthors":[231],"class_list":["post-5791","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-gupagasa","tag-imigambi","tag-urwaruka"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5791","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5791"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5791\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5796,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5791\/revisions\/5796"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5792"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5791"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5791"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5791"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5791"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}