{"id":5777,"date":"2020-11-19T08:57:54","date_gmt":"2020-11-19T07:57:54","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5777"},"modified":"2023-07-02T23:55:52","modified_gmt":"2023-07-02T21:55:52","slug":"burundi-ingo-imisarani-amagara-isuku","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ingo-imisarani-amagara-isuku\/","title":{"rendered":"Mu Burundi, ingo zitandatu kw&rsquo;ijana nta misarani zifise"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu Burundi, ibiharuro bihari vyerekana ko ibice 6% vy\u2019ingo ata misarani zifise. 94% na zo zirafise imisarani ariko ntibereye, ingo 16% gusa akaba ari zo zifise imisarani ibereye. Ivyo vyashikirijwe na Prosper Muyuku akora mu gisata c\u2019isuku n\u2019isukura mu bushikiranganji bw\u2019amagara y\u2019abantu.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu gihe kw\u2019igenekerezo rya 19 Munyonyo hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe umusarani ubereye, uburundi buzowuhimbariza i Taba mu ntara ya Gitega ku civugo kigira Giti: \u00abDukoreshe akazu kasurwumwe kabereye duhangane n\u2019ihindagurika ry\u2019ibihe\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Kubw\u2019ivyo, umurundi wese, arakwiye kwiha iteka agasezerera umugenzo mubi wo kwituma aho ari ho hose. Urugo rwose rukagira umusarani ubereye kandi rukijukira umugenzo mwiza wo gukaraba n\u2019isabune n\u2019amazi meza mu gihe bavuye kwiherera. Ivyo bikaba bifasha mu kurwanya indwara zo gucibwamwo, inzoka zo mu nda, n\u2019izindi zituruka kw\u2019isuku rike. Gukoresha umusarani neza bigabanya ingwara ziterwa n\u2019umwanda ku rugero rurenga 50%.<\/p>\n\n\n\n<p>Burya ivyigwa vyakozwe vyerekana ko umuntu 1 kuri 3 iyo aramukije uwuvuye mu musarani atakaravye, umwanda wiwe uruhukira mu kanwa kiwe mu masaha 2 gusa biciye mu kwikora ku munwa. Kandi ibice birenga 80% vy\u2019abantu bavuye mu musarani umwanda bawusohakana ku ntoke, nk\u2019uko bishikirizwa na Prosper Muyuku.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>None imisarani isabwa yoba imeze gute?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nizigiyimana Jeanne, umuyobozi mukuru w\u2019amazi meza n\u2019isuku ry\u2019ibanze mu bushikiranganji bw\u2019amazi meza, amasoko ntanganguvu, ubutare n\u2019agataka, aravuga uko umusarani ubereye uba umeze. Ngo ubwirizwa kuba ufise ikinogo gitunganijwe neza, n\u2019imiburiburi c\u2019imetero 2 kuri 2 hama ukagira ubujakuzimu bw\u2019imetero 2. Hejuru y\u2019ikinogo hakaba hariko isaso y\u2019aba iy\u2019ibiti, imbaho canke isima ariko hagasigara intoboro imwe gusa kandi ipfundikirwa. Kwitwararika gusukamwo umunyota birakenewe kuko bituma itanuka. Uwo musarani ubwirizwa kuba wubakiye, usakaye kandi uriko n\u2019urugi rwo kuyugara. Hampande y\u2019umusarani habwirizwa kuba hari honyorukarabe ku buryo umuntu avuye kwiherera aronka aho akaraba kugira ntiyanduze abandi canke nawe nyene ngo yiyanduze indwara z\u2019ituruka kw\u2019isuku rike.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hariho <\/strong><strong>imisarani ihumanya ibidukikije<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Prosper Muyuku atanga akarorero mu gisagara ca Bujumbura canecane mu Buyenzi no mu ngo zegereye inzuzi, imiserege n\u2019ikiyaga Tanganyika. Aha, abantu baho bacumita ama\u201dtuyaux\u201d mu misarani ikajana gusesera muri ivyo bibanza. Ugasanga bariko barahumanya inzuzi n\u2019ikiyaga Tanganyika kirimwo. Uyo muhinga avuga ko ikimenyamenya cerekana ko bahumanya amazi ya Tanganyika ari uko mu 1980 Regideso yafata amazi ku metero 800, igaca iyatora ku metero 30 y\u2019ubuja kuzimu. Ariko uno munsi Regideso ifata amazi ku birometero 3,5 ku metero 40 z\u2019ubuja kuzimu. Umuntu afatiye aho gusa, arashobora kubona ko ugucafura kw\u2019amazi yo mu gisagara vyiyongera umunsi ku munsi. Akagabisha abantu bariko barakora ivyo, ko bariko barakosha, bakoshereza Uburundi kandi bakoshereza ibidukikije.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ikibazo c\u2019ubwiherero rusangi\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Muyuku ati: <em>\u00abMu bituro vy\u2019amabisi abantu bari bakeneye kuronka imisarani ibereye naho yoba iriha\u00bb<\/em>. Mu gitabo kivuga ivy\u2019isuku n\u2019isukura biranditswemwo ko mu bibanza vyose bihuriramwo abantu benshi haba hari imisarani ibereye kuri buri metero 500 hagati y\u2019ikibanza yubabatswe n\u2019ikindi. N\u2019igisagara ca Bujumbura categerezwa kuba ica karorero mu Burundi mugabo si ko bimeze. Amazirantoke uyasanga hose. No kwihagarika umuntu yibeta aho ageze. Ivyo vyose rero babigira batari buronke n\u2019aho gukaraba. Naho ivyo vyose biba, amategeko abibuza aranditswe neza nuko batayashira mu ngiro. Rero Muyuku, asaba abajejwe kwubahiriza amategeko y\u2019isuku gukora akazi kabo kandi bagashira mu ngiro ivyanditswe, vyaba ibiraba igisagara ca Bujumbura canke ivyo mu bibanza vyo hagati mu gihugu bihuriramwo abantu benshi.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"Gaq00Nighc\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-umwanda-mu-kabare-biteye-isoni\/\">Umwanda mu kabare ? Biteye isoni !<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Umwanda mu kabare ? Biteye isoni !\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-umwanda-mu-kabare-biteye-isoni\/embed\/#?secret=otuSx2Iww2#?secret=Gaq00Nighc\" data-secret=\"Gaq00Nighc\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Mu buriro no mu bunywero ikibazo ni ca kindi\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu mategeko, umuntu abwirizwa kwugurura akabare mu gihe afise uruhusha rubimwemerera. Urwo na rwo, aruronka ari uko babona akwije ibisabwa n\u2019isuku ry\u2019aho hantu ririmwo. Ariko siko biri. Hari ahantu udashobora ku mara akanya kubera umwanda uharangwa. Uranywa, ugafungura ariko umusonga wagufata ukabura aho uwikurira. None nk\u2019uburiro bwiza bwoba bumeze gute? Prosper Muyuku ati: <em>\u00ab<\/em><em>Ni ubwo bwose ibikorwa vyabwo bituma abantu batarya ivyanduye, kandi bakaguma bahakunda kubera ingene hifashe<\/em><em>\u00bb<\/em>. Mugabo igihe uzosanga mu buriro hari isazi, ibinyenzi, ukahanywa amazi arimwo ibikeremanya, ukarira kw\u2019isahani yanduye, ugasanga ntihakuburwa, aho hantu ngo amategeko arahagwanya. Ikibabaje n\u2019uko ubwo bubare n\u2019uburiro bucafuye buri aho abajejwe kubwiyamiriza babona.<\/p>\n\n\n\n<p>Nizigiyimana Jeanne avuga ko mu bushikiranganji busanzwe buraba izo nyubako z\u2019imisarani, ikibazo c\u2019imisarani mu mitumba no mu bisagara bacijukiye. Ngo batanguye canecane mu bibanza vya Reta nko mu mabanki, mu masentare, amashure babahimiriza gutunganya imisarani neza. Ibijanye n\u2019imisarani Rusangi na ho ngo batanguriye hagati mu gihugu kuko bafise ikigo AHAMER kijejwe gukwiragiza amazi n\u2019isuku mu gihugu hagati kiriko kirakurikirana ibijanye n\u2019iyubakwa ry\u2019imisarani ku mabarabara. Akamenyesha ko no mugisagara ca Bujumbura hariko harigwa ingene hoboneka ikigo coshira mu ngiro uwo mugambi.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu Burundi, ibiharuro bihari vyerekana ko ibice 6% vy\u2019ingo ata misarani zifise. 94% na zo zirafise imisarani ariko ntibereye, ingo 16% gusa akaba ari zo zifise imisarani ibereye. Ivyo vyashikirijwe na Prosper Muyuku akora mu gisata c\u2019isuku n\u2019isukura mu bushikiranganji bw\u2019amagara y\u2019abantu. Mu gihe kw\u2019igenekerezo rya 19 Munyonyo hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe umusarani ubereye, uburundi [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5782,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[610],"coauthors":[189],"class_list":["post-5777","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-ingo"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5777","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5777"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5777\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5785,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5777\/revisions\/5785"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5782"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5777"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5777"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5777"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5777"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}