{"id":5770,"date":"2020-11-17T09:36:49","date_gmt":"2020-11-17T08:36:49","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5770"},"modified":"2023-07-02T23:55:39","modified_gmt":"2023-07-02T21:55:39","slug":"buterere-imiryango-iri-mu-marira-kubera-uruzi-kinyankonge-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/buterere-imiryango-iri-mu-marira-kubera-uruzi-kinyankonge-burundi\/","title":{"rendered":"Buterere : imiryango iri mu marira kubera uruzi Kinyankonge"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Muri zone Buterere, iri mu gisagara ca Bujumbura, inzu 6 zarabomotse, imiringoti itwara amazi ya Regideso mu ngo z&rsquo;abantu irameneka. Imiryango y&rsquo;abantu irara hanze, abandi batse indaro, biturutse ku mvura yaguye kumugoroba wo kuri uwu wa 15 Munyonyo 2020 ikuzuza uruzi Kinyankonge.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ku Buterere, amazi y\u2019imvura yaguye ku mugoroba wo ku wa 15 Munyonyo 2020 yari akidengereye mu mazu y\u2019abantu gushika igihe c\u2019isaha umunani z\u2019umuhingamo zo kuri uwu wa 16 Munyonyo 2020. Bamwe baguma bagerageza gusohora amazi. Aho vyanka ko bayasohora kubera ari menshi bagatobora imyenge ku nzu magana ku mishinge aho asohokana.<\/p>\n\n\n\n<p>Abandi nabo baguma bagerageza kuraba ko boshika mu mihana yabo baraye bateshejwe n\u2019umwuzurira. Aho vyakunze bakinjira, amakaye, impuzu, amamatera basohokanye hanze kwanikira kuko vyaraye bijovye. Abana bamwebamwe baraye bashikiriwe n\u2019amazi basivye ku mashure kuko babuze ibikoresho batwara kwigiramwo.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/11\/WhatsApp-Image-2020-11-16-at-17.06.46-1024x683.jpeg\" alt=\"\" class=\"wp-image-5775\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/11\/WhatsApp-Image-2020-11-16-at-17.06.46-1024x683.jpeg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/11\/WhatsApp-Image-2020-11-16-at-17.06.46-300x200.jpeg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/11\/WhatsApp-Image-2020-11-16-at-17.06.46-768x512.jpeg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/11\/WhatsApp-Image-2020-11-16-at-17.06.46.jpeg 1080w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p>Amissi Minani, ni umutama w\u2019imyaka 65. Uwu ni umwe mu baraye babomoreweko inzu n\u2019umwuzurira. Eka mbere n\u2019umwana wiwe yamuzindukanye kwa muganga kubera ko yaraye akomeretse ku kuguru ariko arahungira mu babanyi igihe yabona ko inzu iriko irarengerwa. Uyu mutama yaraye hejuru ku kabati kubera amazi, avuga ko intandaro ya vyose ari uruzi Kinyankonge rugabura Mutakura na Buterere.<\/p>\n\n\n\n<p>Agira ati : <em>\u00ab Uwo mwuzurira usesera mu ngo z&rsquo;abantu uterwa n&rsquo;uruzi Kinyankonge. Urwo ruzi ruhurirwamwo n\u2019amazi avuye mu misozi aca mu ruzi Gikoma, na Gasenyi rugaca rumanukana inguvu n&rsquo;imicafu ruhitana mu nzira rwagera ku kiraro kiri kw&rsquo;ibarabara rigabanya Mutakura na Buterere rugaca rubura aho ruca kubera imiringoti (\u00ab buses \u00bb) ari mito. Amazi y&rsquo;urwo ruzi agaca asubirana inyuma inguvu nyishi gutyo akabona kwisuka mu ngo kwonona ibintu vy\u2019abantu \u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>None abantu begereye Kinyankonge basaba iki?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>\u00ab<em>Nta biharage, umuceri canke amakoto twebwe dusaba. Oya. Leta canke abandi babishoboye, nibadukorere uru ruzi Kinyankonge nk\u2019uko bakoze urwa Ntahangwa canke Nyabagere. <\/em>\u00bb Bishikirizwa na Hawa Manda, umukenyezi yaraye hanze kubera ko inzu yari yuzuye amazi gushika ku madirisha.<\/p>\n\n\n\n<p>Eka na Zacharie Nikoyangize na we nyene ari mu bahuye n\u2019uwo mwuzurira, aridoga ko haheze imyaka 10 urwo ruzi bavuga ko bagomba kurukora. Ariko gushika ubu rubandanya rwonona ibintu abantu barorera. Uwu rero agasaba ko ico kiraro kitareka amazi avuye mu misozi ngo arengane, cosanurwa. Bakacagura cane. Umuserege uzananamwo amazi bakawagura kugira ntube ukirengerwa, hama abajejwe intwaro bagaca bama bahimirije abantu kuguma bahakora neza bakuramwo ivyotuma haziba.<\/p>\n\n\n\n<p>Pascal Sinyobewe, umukuru wa Karitiye Buterere II A, avuga ko bama bashikirije mu babakuriye ikibazo c\u2019uruzi Kinyankonge. Mbere anamenyesha ko bari bafise icizere c\u2019uko igihe hubakwa uruzi Gasenyi ruca mu Carama, bari bazi ko na Buterere yari guhava ishikirwa, ariko siko vyagenze. N\u2019ubu rero ntararambirwa ngo abandanya amenyesha ico kibazo mu bamukuriye mu ntwaro. Ariko mu kurindira, imiringoti itwara amazi ya Regideso yaraye yononekaye, abo muri Regideso baje kuyisanura.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Muri zone Buterere, iri mu gisagara ca Bujumbura, inzu 6 zarabomotse, imiringoti itwara amazi ya Regideso mu ngo z&rsquo;abantu irameneka. Imiryango y&rsquo;abantu irara hanze, abandi batse indaro, biturutse ku mvura yaguye kumugoroba wo kuri uwu wa 15 Munyonyo 2020 ikuzuza uruzi Kinyankonge. Ku Buterere, amazi y\u2019imvura yaguye ku mugoroba wo ku wa 15 Munyonyo 2020 [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5772,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[212],"tags":[240],"coauthors":[189],"class_list":["post-5770","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ibidukikije","tag-buterere"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5770","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5770"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5770\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5776,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5770\/revisions\/5776"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5772"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5770"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5770"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5770"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5770"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}