{"id":5758,"date":"2020-11-13T11:41:02","date_gmt":"2020-11-13T10:41:02","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5758"},"modified":"2023-07-02T23:55:18","modified_gmt":"2023-07-02T21:55:18","slug":"ibigunguru-20-vyo-gutamwo-imicafu-komine-mukaza-bujumbura-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ibigunguru-20-vyo-gutamwo-imicafu-komine-mukaza-bujumbura-burundi\/","title":{"rendered":"Ibigunguru 20 vyo gutamwo imicafu vyakwiragijwe ku mabarabara yo muri komine Mukaza"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ibigunguru 20 vyo gutamwo imicafu (poubelles publiques) bifise agaciro ka 12.000.000 Fbu ni vyo kuri uwu wa 12 Munyonyo vyabaye birashirwa mu bibanza 20 bihuriramwo abantu benshi muri komine Mukaza. Ivyo bikaba vyabaye kugira umuntu wese ariko ararengana afise utuntu tw\u2019uducafu twavuye ku kintu ariko arakoresha, aronke aho aduta mu ntumbero yo gukingira ibidukikije hamwe n\u2019amabarabara yama acafuye gutyo igisagara kigume gisukuye.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>R\u00e9novat Sindayihebura, musitanteri wa komine Mukaza avuga ko isuku ariryo ryahawe ikibanza ca mbere mw\u2019ikomine aramutswa. Kubw\u2019ivyo buri munsi wa kane, bahora basibura imiferege bongera bakura amasashe n\u2019ibicupa vyandagara mu mabarabara. Ariko icihwejwe muri ivyo bikorwa, ngo n\u2019uko basanze naho babikuraho, abantu baca bongera bakabihata. Niho umugambi wo gushiraho ibigunguru vyo gutamwo imicafu cavyuka kugira umuntu ariko ararengana afise udusashe, uducupa two mu bwoko bwa \u201cplastique\u201d, udukarata tw\u2019ama\u201d unites\u201d ya terefone canke utundi tuntu tw\u2019uducafu twavuye ku kintu ariko arakoresha, aronke aho uduta hafi yiwe, mu ntumbero yo gushikira ihangiro ry\u2019ukugira igisagara gisukuye kandi giteye igomwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Sindayihebura amenyesha ko ama \u201cpoubelles publiques\u201d 20 babaye baratanguza, afise agaciro k\u2019amafaranga y\u2019amarundi angana n\u2019imiriyoni 12. Ayo mafaranga akaba yavuye mu ntererano z\u2019abenegihugu b\u2019abadandaza bitanze kugira baterere ico gikorwa kandi ko, izindi zigikorwa kuko bipfuza ko amabarabara makurumakuru yose ari muri komine Mukaza mu kiringo kitarenze amezi 3 yoba yamaze gushirwako izo ngunguru zo gutamwo imicafu.<\/p>\n\n\n\n<p>Uyo musitanteri asaba abanyagihugu gukoresha ivyo bibanza ico vyagenewe. Agira ati <em>: \u00ab Si ama \u00ab\u00a0poubelles\u00a0\u00bb aje kugira ngo hajemwo imicafu yo mu mpangu. Abo mu mpangu babwirizwa kuba bafise ikintu cabo begeranirizamwo imicafu. Kandi twaravuganye no mw\u2019ishirahamwe ritwara abantu Atrabu, amabisi yunguruza abantu ahagarara muri iyo komine abwirizwa kuba bafise aga \u00ab\u00a0poubelle\u00a0\u00bb gato mu miduga yabo, ingenzi zija ziratamwo utuntu, zikareka kuza zirabicisha mu madirisha, hama bashitse aho bururukira bakaza kubisuka mu kigunguru casizwe ku gituro. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ingene abanyagihugu bakiriye uwo mugambi n\u2019ivyo basaba<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ku gituro c\u2019amabisi kiri hagati mu gisagara ca Bujumbura, hama abantu atari bake. N\u2019igikorwa co gushira ibigunguru vyo gutamwo imicafu mu bibanza bihuriramwo abantu benshi ni ho catangurijwe. Miburo, umugabo yari yibereye aho nk\u2019abandi bose arakenguruka ico gikorwa cerekana akigoro ko gushaka ko igisagara kigira isuku. Ariko afise amakenga ko bizohava bidakurikiranwa gutyo ico bari bibaza ko baje gukiza kiburizwemwo. Avuga ko komine yohimiriza abantu, kuva ku muto gushika ku mukuru, bose bakamenya ko isuku iraba umuntu wese. Kandi ko uwo mugambi wokwira mu makomine yose agize igisagara ca Bujumbura kandi hagashirwaho n\u2019itegeko rihana abo bose boramuka batubahirije ishirwa mu ngiro ryawo.<\/p>\n\n\n\n<p>Musitanteri wa Mukaza yamenyesheje ko, ubu kubera ari muntango y\u2019irangurwa ry\u2019umugambi, abantu bazofatwa bataye imicafu mw\u2019ibarabara, bazohanurwa, ariko uko iminsi izogenda irahera abatazoshaka kubitahura bazohanwa. Anamenyesha kandi ko komine ariyo yiyemeje kuzobikurikirana mu kuza iraca ahari \u00ab&nbsp;poubelle pubique&nbsp;\u00bb hose, nka rimwe mu minsi ibiri iraba imicafu irimwo hama iyikuremwo ija kuyisuka ahayigenewe.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya rero ko ivyo bigunguru vyo gutamwo imicafu bitegekanijwe gushirwa mu bibanza bikurikira: ku bituro vyo hagati mu gisagara vy\u2019ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, kuri Cath\u00e9drale Regina Mundi, place de l\u2019ind\u00e9pendance, place de la r\u00e9volution, kuri Or\u00e9e du Golf, imbere y\u2019ishirahamwe Brasserie, kuri Mus\u00e9e Vivant, kw\u2019ihuriro ry\u2019ibarabara rya Rumonge na avenue du Japon, kuri zone Buyenzi, imbere ya Mairie Bujumbura, aho ibarabara ry\u2019amabisi ya Bwiza ahurira na avenue de l\u2019Universit\u00e9, imbere y\u2019ikigo ca kaminuza co ku Mutanga, kuri Nonciature hamwe no kw\u2019ibarabara rihanyuka kuri Mwezigisabo riduga i Kiriri<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ibigunguru 20 vyo gutamwo imicafu (poubelles publiques) bifise agaciro ka 12.000.000 Fbu ni vyo kuri uwu wa 12 Munyonyo vyabaye birashirwa mu bibanza 20 bihuriramwo abantu benshi muri komine Mukaza. Ivyo bikaba vyabaye kugira umuntu wese ariko ararengana afise utuntu tw\u2019uducafu twavuye ku kintu ariko arakoresha, aronke aho aduta mu ntumbero yo gukingira ibidukikije hamwe [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5760,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[212],"tags":[23,333],"coauthors":[189],"class_list":["post-5758","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ibidukikije","tag-bujumbura","tag-isuku"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5758","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5758"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5758\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5761,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5758\/revisions\/5761"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5760"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5758"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5758"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5758"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5758"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}