{"id":5741,"date":"2020-11-08T09:55:29","date_gmt":"2020-11-08T08:55:29","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5741"},"modified":"2023-07-02T23:54:51","modified_gmt":"2023-07-02T21:54:51","slug":"ijunja-intahe-kumugina-kahise-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ijunja-intahe-kumugina-kahise-burundi\/","title":{"rendered":"Ijunja ry\u2019intahe yo ku mugina aho hambere hahise"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Gusubiza ijambo intahe yo ku mugina ni umwe migambi yihutirwa umukuru w\u2019igihugu c\u2019Uburundi Evariste Ndayisimiye yashikirije ko agiye kurangura vuba. Tugaruke kuri bimwe mu vyayiranze aho hambere hahise, agaciro n\u2019ikibanza yari ifise mu kibano. <\/strong><strong>Ni muri iyi nkuru.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><em>\u00ab&nbsp;Intahe yo ku mugina ni intahe twasigaranwe na basogokuru. Ni ukuri, ni ubutungane bashizeho barondera ingene botunganya imibano yabo&nbsp; ubona ko ahari abantu hama urunturuntu kandi ababana bakaba batabura ico bapfa. Uko urunganwe rwagiye rubisa urundi, rwagiye rurayihanahana, iguma ari kiremesha mu mibano y\u2019abantu. <\/em>\u00bb, umushingantahe Cassien Simbare, buca yuzuza imyaka 80 hirya y\u2019ejo muri Nzero 2021, aratuyagira.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku mugina ni harya umuntu aba, harya ku gatumba. Iyo ntahe yamye ikora mu kibano, mu bantu&nbsp; begeranye, basangiye ivomo, babangikanije amatongo, basenya hamwe. Ni co gituma mu bihe vya kera intahe yamye ikorera mu muryango, mu kibano ari uwa renganijwe, uwatutswe canke uwarengerewe akarimbi akitura abashingantahe na bo bakabanguka bagashika mu kibanza ikosa ryabereyemwo intahe igasasa.<\/p>\n\n\n\n<p>Basokuru ubwabo ni bo bitunganya bagatoranamwo abaja imbere y\u2019abandi, ab\u2019ingeso nziza, batagira inda ndende, imvugakuri, bafise akaranga k\u2019ubuntu bakerebutse, basonera abandi, batarenganya. Abo ni na bo biswe abashingantahe bayibumbatirira ku mugina&nbsp; bakayishinga&nbsp; berekana &nbsp;aho ukuri kuri batabera, badahengama. &nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uwisabiye kwatirwa wese yoba ategerezwa kubikorerwa&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;Adrien Sibomana arongoye urwego rw\u2019abashingantahe, yishura ati &nbsp;: \u00ab<em>Na mba. Iyo inyifato yiwe itari nziza arasubizwa inyuma<\/em>. <em>Uwusaba kwatirwa abisaba ku mutumba asabzwe abako canke muri karatiye abamwo (ari na ho yatirirwa) maze bakamukurikirana bakamusuzuma bakanamwigisha mu kiringo c\u2019amezi ashika nk\u2019atandatu, basanga arabikwiye, akarahira ishengero rikoranye ko azotunganiriza bose ata co abasavye agaheza akatirwa, iingeso ziwe zitari nziza agasubizwa na ho agasubizwa &nbsp;inyuma<\/em>&nbsp;\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uko abazungu baje barondera kurukisha intahe abarundi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko bishikirizwa na Simbare, abazungu bagishika mu Burundi bakihweza ingene abarundi bacuditse hamwe bihutiye kurondera gutamika umurundi imigenzo yabo. Intahe bayibonamwo ikintu gikomeye kibatangira gukurikiza ingendo n\u2019imigambi yabo bari bafise. Ni ho rero babona ko badashobora kubikura mu barundi kuko vyari vyarinjiye mu maraso, baraheza bashinga amasentare akorana n\u2019intahe yo ku mugina ariko bagenda bayaka ijambo buhorobuhoro.<\/p>\n\n\n\n<p>Simbare yongera ati&nbsp;:&nbsp;\u00ab&nbsp;<em>Umuzo w\u2019abo bazungu uri mu vyatumye intahe igenda iragira amagorwa. Aho hambere hahise intahe yarasasa nta co baka umuntu nta n\u2019impembo abashingantahe bigera baka carazira, bashira imbere ukuri, bahembwa n\u2019icubahiro c\u2019ineza abanyagihugu babazigamwo ari na yo mpamvu vyavugwa ngo ni iy\u2019abakene, iy\u2019impfuvyi n\u2019abapfakazi. Ariko vyatevye bihinduka aho benshi bagiye barashira imbere uburuhe bagira bagiye gutunganiriza abantu haba mu matongo canke ahandi ivyo biba icitwazo co kuza barasaba amacupa ari na ho hahavuye havuka ijambo ngo &nbsp;agatutu k\u2019abagabo&nbsp;<\/em>\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya ko uno munsi urwego rw\u2019abashingantahe rwitunganije gushasha &nbsp;aho hari intahe yo ku mugina canke ku mutumba, ku rwego rwa komine, ku&nbsp; ntara, no kurwego rw\u2019igihugu&nbsp;aho haciye hakosorwa n\u2019utunenge &nbsp;twagiye turinjira kubw\u2019amaronko, urwego rw\u2019abashingantahe ruhabwa amategeko mashasha.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Gusubiza ijambo intahe yo ku mugina ni umwe migambi yihutirwa umukuru w\u2019igihugu c\u2019Uburundi Evariste Ndayisimiye yashikirije ko agiye kurangura vuba. Tugaruke kuri bimwe mu vyayiranze aho hambere hahise, agaciro n\u2019ikibanza yari ifise mu kibano. Ni muri iyi nkuru. \u00ab&nbsp;Intahe yo ku mugina ni intahe twasigaranwe na basogokuru. Ni ukuri, ni ubutungane bashizeho barondera ingene botunganya [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":5743,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[206],"tags":[336],"coauthors":[231],"class_list":["post-5741","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-akahise","tag-abashingantahe"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5741","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5741"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5741\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5744,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5741\/revisions\/5744"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5743"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5741"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5741"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5741"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5741"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}