{"id":5736,"date":"2020-11-04T11:15:30","date_gmt":"2020-11-04T10:15:30","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5736"},"modified":"2023-07-02T23:54:37","modified_gmt":"2023-07-02T21:54:37","slug":"gusiga-inzara-akazi-kiharijwe-abahungu-verni-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/gusiga-inzara-akazi-kiharijwe-abahungu-verni-burundi\/","title":{"rendered":"Gusiga inzara: akazi kiharijwe n\u2019abahungu kandi gasaba ukwihangana"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu bibanza bitari bike bikorerwamwo akazi ko gusigira irangi (verni) no kwomekera abakobwa inzara usanga hakorera abahungu. Kandi, ivyo bibanza usanga ari na vyo bihurumbirwa n\u2019abakiriya gusumba ibikoreramwo abakobwa. None biva kuki?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>M\u00e9diatrice ni umunyeshure yiga muri kaminuza imwe iri mu gisagara ca Bujumbura. Uwu mwigeme, ngo akavereni ntikamugwa nabi ku nzara. Kukabankako, gushaza ku mubiri ngo biri mu vyo yitwararika cane kugira agume aboneka neza. Na yo ku bijanye n\u2019abo akunda gushorera, uwu mwana w\u2019abakobwa avuga atarya umunwa ko atoja ahakorera abakobwa abona ahari abahungu. Agira ati: <em>\u00abAbakobwa turasuzugurana. Kandi iyo umuhungu ariko arakwoza agukorakora mu kirenge, mu mano, mu ntoke, aguhindukiza ikiganza yongera aguhanagura, hari ukuntu nyene aheza wumva utanashaka, ukamengo yobandanya. Si co kimwe n\u2019uko ari umukobwa yobikugirira. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Eka na Evelyne umugore aba mu Bwiza avuga ko, kubera abahungu banka ko umukobwa abacishamwo ijisho, abagaye, iyo bariko babasigira inzara canke babomekako izindi babikora bitonze gutyo bakabikora neza. Rero ngo babasigira irangi neza kandi rikamarako iminsi itari mike ritaravako. Ni yo mpamvu kenshi ngo bitura abahungu kuko umukobwa iyo bamutumbereye abakorera abikura.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Akazi kagoye kandi gasaba kwihangana<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>*Kabura (izina ryahinduwe) ni umusore akora akazi ko gusiga no \u201ckubandikira\u201d abagore inzara. Uwu avuga ko, ako kazi karuhisha kandi gasaba ukwihangana. Agira ati: <em>\u00ab Twama twahuye n\u2019ibigeragezo vyinshi. Udahuye n\u2019ico gutukwa, uhura n\u2019ico amajipo magufi. Hari nk\u2019igihe haza umukiriya ngo tumukore. Akaza acafuye nko ku maguru, afise inzara zikomeye, ibirenge binuka, agwaye ibimeme, tukarinda kumwoza. Iyo haje uwukaze rero tukamusukako amazi nabi, aca atangura kudutuka. Hari n\u2019igihe urwara turushirako nabi canke tugasiga irangi ryishi canke rike ntirifate neza rigaca rivako, induru ngizo\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Uwo musore avuga ko ibibazo bitari mu gutukwa gusa. Nk\u2019iyo uwusiga aba adafise umutima wihangana, hakaza abakiriya bambaye utujipo canke udukanzu dusamaza, ngo ashobora guheza kumusigira ku maguru yagwaye igikebu canke yangaje umutima kubera ugusamaza amaso. Hari igihe rero ngo vyandurukiramwo ubugenzi, n\u2019inomero z\u2019aterefone bagahana akanduruka aza aramusanga muhira ku musigira.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>N\u2019ingaruka mbi ziterwa no gusiga irangi canke kumadika inzara ntizibuze<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Naho abantu b\u2019igitsina gore bahurumbira kwomeka inzara ku zobasanganywe no kuzisiga amarangi, muganga Mupera yanonosoye ibijanye n\u2019ingwara zifatira ku nzara (Dermatologue), avuga ko bifise ingaruka mbi. Bishobora gutuma inzara z\u2019uwabishizeko zizuka ku ntoke akamera nk\u2019uwagwaye amavunja. Anamenyesha kandi ko, uko umuntu agenda aramenyera inzara zomekerewe, ari na ko izo asanganganywe zigenda ziroroha kuburyo ziguma zivungagurika ntizibe zikimeze neza. Uwo muganga akavuga ko uwagize ikibazo giturutse kuri ivyo vy\u2019amarangi no kumadika inzara, bamuha imiti, hama bakamuhanura kubiheba.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya rero ko irangi (Vernis) ridasigwa kumwe kandi ritagurwa kumwe. Iry\u2019amazi rirazimvye gusumba irisanzwe, kandi n\u2019ibiciro barisigirako biratandukanye bivanye n\u2019ahantu. Ariko irangi rihurumbirwa, n\u2019iry\u2019ibara ritukura canke iry\u2019agahama \u00abrouge bordeaux\u00bb.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu bibanza bitari bike bikorerwamwo akazi ko gusigira irangi (verni) no kwomekera abakobwa inzara usanga hakorera abahungu. Kandi, ivyo bibanza usanga ari na vyo bihurumbirwa n\u2019abakiriya gusumba ibikoreramwo abakobwa. None biva kuki? M\u00e9diatrice ni umunyeshure yiga muri kaminuza imwe iri mu gisagara ca Bujumbura. Uwu mwigeme, ngo akavereni ntikamugwa nabi ku nzara. Kukabankako, gushaza ku [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5737,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[545],"coauthors":[189],"class_list":["post-5736","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-akazi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5736","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5736"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5736\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7495,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5736\/revisions\/7495"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5737"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5736"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5736"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5736"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5736"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}