{"id":5726,"date":"2020-10-29T15:37:33","date_gmt":"2020-10-29T14:37:33","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5726"},"modified":"2023-07-02T23:54:25","modified_gmt":"2023-07-02T21:54:25","slug":"prodefi-iterambere-imiryango-uburimyi-ubworozi-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/prodefi-iterambere-imiryango-uburimyi-ubworozi-burundi\/","title":{"rendered":"Prodefi:  \u00ab manu \u00bb y&rsquo;abanyagihugu mw\u2019iterambere"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abantu baronse inyigisho z\u2019umugambi wa Reta Prodefi ya mbere ufashwe mu mugongo n&rsquo;ikigega mpuzamakungu FIDA ngo barashobora kubandanya bashira mu ngiro ivyo bigishijwe kandi bakambandanya kubaho neza kuko ivyo wabakoreye ari igitangaza. Wabakuye mu bukene ubashira ku rugero rwo gushobora kwitunga no gutunga ababo ata ngorane nyishi bahuye. Ni mu gihe uwo mugambi uzosozera ikiringo cawo kw&rsquo;igenekerezo rya 31 Kigarama 2020<\/strong>.<\/p>\n\n\n\n<p>Hari ku wa 22 Gitugutu 2020, mu nyubakwa z&rsquo;ihoteri Royal Palace, iri mu gisagara ca Bujumbura, aho hakoranira bamwe mu bahurikiye mu mugambi Prodefi ya mbere bo mu karere k\u2019uburengero mu ruganda rwo kurabira hamwe ibimaze kurangurwa n&rsquo;uwo mu gambi. Uwo mugambi nk\u2019uko abawuronkeyemwo inyigisho bavyivugira, ngo warabashikanye aho bobo batokwishikanye. Batarawumenya ngo bari basanzwe babayeho mu bukene buzura inzara.<\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;Kariniya Manirakiza wo mu ntara ya Bubanza arashima intambwe agezeko kubera umugambi Prodefi. Uyu mukamakare w\u2019imyaka 67 akaba afise abana 3 harimwo umukobwa 1, yemeza ko imbere yuko amenya umugambi prodefi yari abayeho nabi narirya ko yari n\u2019umupfakazi. Ariko amaze guhimirizwa we n\u2019abandi bo mu kibano ko boja mu mashirahamwe y\u2019ubwishingiranizi yaciye avyumva aja hamwe n\u2019abandi 3 baba 4. Baca baja gusaba ingurane muri CCEM. Ni kwo gutangura kwidandariza amamesa. Ubu Kariniya amenyesha ko yabanje yigurira ipikipiki imwunguruza agiye kurangura amamesa, yiyubakira inzu nziza, afise impene zitandatu n\u2019ingurube eka mbere ateranije n\u2019uwundi muntu, baheruka kugura n\u2019imodoka yo mu bwoko bwa \u201cDyna\u201d ikora mu gushikana amamesa bashora mu Kayanza, Cibitoke n\u2019ahandi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Prodefi yarahaye n\u2019inka abatishoboye<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Icirondeye Ir\u00e8ne ava mu Rugombo iri mu ntara ya Cibitoke arirata umugambi prodefi kuko wamukuye habi umushira heza. Agira ati: <em>\u00abImana yanzaniye \u201cManu\u201d prodefi indosa inka inshoboza kwigisha abana 4 banje hamwe n\u2019abandi 6 narindeze\u00bb.<\/em> Uyu mupfakazi w\u2019imyaka 48 avuga ko inka yarose yamubereye nyamweru, yatumye yisununura mu butunzi, kuko ngo biciye ku mase y\u2019iyo nka n\u2019ubuhinga bwo kurima bigishijwe na prodefi yaragwije umwimbu w\u2019ibigori, ibiharage, imyumbati n\u2019ibindi eka n\u2019abana baratagata kubera amata yayo.<\/p>\n\n\n\n<p>Na Rose Sindayihebura ntatangwa kwivuga umugambi prodefi wamuhaye inka ayita Bigoro maze iramugororokera imushikana mu kirimba kwa Ntare kubera ukuyitwararika. Rose, umupfakazi w\u2019imyaka 56 ubu afise inka 7 zikomoka ku nka 1 yahawe na prodefi. Biciye mu nyigisho yakuye muri uwo mugambi, yariyungunanije arashika kw\u2019iterambere riboneka. Abana biwe 3 barize badasabiririza. Yarubatse inzu kandi n\u2019imirima yahora ateramwo imbuto zikuma zikiri ingamba biturutse kw\u2019isi mbi, ubu irateye igomwe kubera amase y\u2019izo nka. &nbsp;Eka na Eric Ndayisaba&nbsp; umugabo w\u2019imyaka 38 aba i Bubanza, aremeza ko uburyo yari abayeho n\u2019umwimbu yahora aronka vyahindutse kubera inka yahawe muri uwo mugambi.<\/p>\n\n\n\n<p>Abungukiye bose ku mugambi prodefi ngo ntibarota bahagarika kubandanya barangura ivyo bigiye muriwo. Ivyo bafashijwe vyose n\u2019uwo mugambi ngo bagiye kubigira ivyabo, babibungabunge eka mbere banavyigishe n\u2019abandi kugira iterambere barose rishikire n\u2019abandi gutyo abanyagihugu bose bashikire iterambere rirama kandi ridakumira.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Bimwe mu vyo prodefi yaranguye mu gihugu<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nk&rsquo;uko bishikirizwa na Jean Paul Bitoga umuhuzabikorwa muri Prodefi ku rwengo rw\u2019igihugu, kuva mu mwaka wa 2011 ingo 126.636 ziramaze gushikirwa n&rsquo;ibikorwa vy&rsquo;uwo mugambi. Ibice 96,1% vy&rsquo;abari muri uwo mugambi barashikiriwe n&rsquo;ibikorwa vyawo, ivyo bikaba vyatumye ubutunzi bwahora buboneka kuri buri rugo ku mwaka bwiyongera buva 792.953 Fbu buja ku 2.036.498 Fbu. Ubukene bwaragabanutse mu ngo buva ku rugero rw&rsquo;ibice 81,4% rukorokera ku bice 43,8% mu ngo ziri muri uwo mugambi mu ntara zose urangurirwamwo.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu kugwanya ubukene n&rsquo;inzara mu barimyi batobato kugira bisununure mu buryo bwabo bwo kubaho, uwo mugambi warashize imbere igisata c&rsquo;amata n&rsquo;umuceri hamwe n&rsquo;ibindi bisata 6 vyisomeka kuri vyo, nk&rsquo;ivy&rsquo;ibiterwa vy&rsquo;ibigori, imyumbati, ibiharage, isoya, ibiyoba n&rsquo;ibiraya.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mu gisata co kugwiza amata n\u2019igiterwa c\u2019umuceri<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu kugwiza amata, umugambi wa Reta Prodefi, waratanze inka 6.198 biciye mu mugambi wogushigikirana mu kibano, inyana 7.886 zikaba zarokowe ku bari bazihawe. Harashizweho amakoperative 28, ibigo 23 vyo kwegeranirizamwo amata, vyarubatswe vyongera birashirwamwo ivya nkenerwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu gisata c&rsquo;igiterwa c&rsquo;umuceri, prodefi yaranaguye amahegitari 1.171 yongera itunganya amahegitari 1529 y&rsquo;imirima yo mu myonga. Kurima igiterwa c&rsquo;umuceri muri uwo mugambi vyatumye umwimbu w&rsquo;iyongera, uva kw&rsquo;itoni 1.5 uja kw&rsquo;itoni 6 kw&rsquo;ihegitari, kandi bikaba vyaranagabanuye imbuto itegwa kuko yavuye ku biro 60 ikorokera ku biro 12 kw&rsquo;ihegitari. Harubatswe amahangari yokwegeranirizamwo umwimbu, harashirwaho amahinguriro matomato 2 arimwo ibikoresho bitonora umuceri.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>No mu gukingira ibidukikije, prodefi yarahaserutse<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umugambi Prodefi warateye ibiti ku misozi igaragara. Warakoranye kandi n&rsquo;abanyagihugu mu guca imikobeko ku misozi ihanamiye imyonga. Biciye muri uwo mugambi, amahegitari 40.820 ku mahegitari 36.061 yari yitezwe yarakingiwe inkukura. Na yo ku mahegitari 3.300 yari yitezwe, amahegitari 4.546 yarateweko ibiti. Biciye muri ivyo bikorwa nyene, haratanzwe akazi ku rwaruka 14.363 aho rwakora rugataha rutahanye agahembo. Harubatswe amahangari yokwegeranirizamwo umwimbu, harashirwaho n&rsquo;amahinguriro matomato 2 arimwo ibikoresho bitonora umuceri.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya rero ko umugambi Prodefi uriko urakwiza imyaka 10 ukora. Umaze gukwira mu ntara 7 arizo: Bubanza, Cibitoke, Gitega, Karusi, Kayanza, Muramvya naNgozi, ukaba ufashwe mu mugongo na Fida, Ofid, Pam, Reta y&rsquo;Uburundi hamwe n&rsquo;abandi bungukira kuri uwo mugambi. Hakaba hakoreshejwe yose hamwe amafaranga angana na 72.996.395 USD, nk\u2019uko bishikirizwa na Jean Paul Bitoga.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abantu baronse inyigisho z\u2019umugambi wa Reta Prodefi ya mbere ufashwe mu mugongo n&rsquo;ikigega mpuzamakungu FIDA ngo barashobora kubandanya bashira mu ngiro ivyo bigishijwe kandi bakambandanya kubaho neza kuko ivyo wabakoreye ari igitangaza. Wabakuye mu bukene ubashira ku rugero rwo gushobora kwitunga no gutunga ababo ata ngorane nyishi bahuye. Ni mu gihe uwo mugambi uzosozera ikiringo [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5727,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[216],"tags":[466,440],"coauthors":[189],"class_list":["post-5726","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubworozi","tag-prodefi","tag-ubworozi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5726","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5726"}],"version-history":[{"count":6,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5726\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5735,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5726\/revisions\/5735"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5727"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5726"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5726"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5726"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5726"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}