{"id":5703,"date":"2020-10-20T14:07:33","date_gmt":"2020-10-20T12:07:33","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5703"},"modified":"2023-07-02T23:53:54","modified_gmt":"2023-07-02T21:53:54","slug":"maison-fermier-kubundikira-amagi-isazi-ubworozi-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/maison-fermier-kubundikira-amagi-isazi-ubworozi-burundi\/","title":{"rendered":"\u00ab Maison du Fermier \u00bb : Bahora babundikira amagi y\u2019inkoko none ubu bageze ku y\u2019isazi"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ubuheruka twari twabamenyesheje ko ikigo \u00ab&nbsp;Maison du Fermier&nbsp;\u00bb kiriko gitanga inyigisho z\u2019ukwororera amafi ku mitumba, kwibundikirira amagi y\u2019inkoko ubwawe, kworora kijambere ingurube hamwe n\u2019ibindi bitungwa bitobito. Uno munsi bageze ku kubundikira amagi y\u2019isazi &nbsp;avamwo inyo z\u2019isazi inyuma y\u2019iminsi 9.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uruhigi rw\u2019ayo magi rumaze iminsi rubera mu mashamba atandukanye. Nk\u2019uko&nbsp;Ir. Wilbert Dusabe&nbsp;yatanguje ico kigo abimenyesha, kugira ngo izo sazi zishwabaduke ziza guta ayo magi baba barondera&nbsp;ivyo bazi zikunda, bakabishira ahantu, na zo zigasidukana n\u2019iyonka ziza zivyisunga. Zigiheza kuyata, baraheza bakungururiza ahantu bimwe za sazi zari zarundaniyeko bakabivanga n\u2019imicafu bakayabundikirira aho.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Izo nyo bazihigako iki&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ni ubuhiye kuri bo. Bazikorako&nbsp;mu kugaburira amafi bororeye ku mitumba hamwe rero n\u2019inkoko. Umuhinga Dusabe amenyesha ko ari akarusho kadasanzwe kuba yaragunduye iyo ngaburo kuko, kiretse ko zitunze indemamubiri nyinshi ibitungwa bikenera cane, ngo ntakivunika ngo aja kugura ibifungurwa vy\u2019ubworozi bw\u2019amafi bw\u2019ikigo ciwe.<\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;Dusabe arongera ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Mu bisanzwe isomvyi kugira ngo ikwize amagarama 1.200 mbone kuyigurisha vyahora bintwara amezi 6 yose kandi bikansahura uburyo bwinshi bw\u2019ibifungurwa ngurira kw\u2019isoko. Ubu ndayigaburiye izo nyo z\u2019isazi, mu mezi 4 gusa iba ikwije ivyo biro nkaheza nkayigurisha<\/em>&nbsp;\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Burya mu vyokurya vy\u2019ibitungwa umugwi w\u2019ingaburo usanga ukenewe cane ngo ni ndemamubiri. Mu gihe isoya zisanzwe zizwi nk\u2019igiterwa gitunze ndemamubiri nyinshi, Dusabe amenyesha ko nyabuna yasanze&nbsp; inyo z\u2019isazi zifise indemamubiri isumba iy\u2019isoya incuro zitanu.<\/p>\n\n\n\n<p>Vuba ngo bagiye gutangura kwiruka kw\u2019isazi bazifate bazugaranire ahantu zize zibaha amagi batarinze kuja&nbsp;kuzitegera mw\u2019ishamba maze amagi baze barayakumakuma bayabundikira batavunitse.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Amasoko aratanguye gucanacanako arondera izo nyo<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ir. Wilbert Dusabe amenyesha ko mu gihugu giharanira Demokarasi ya kongo hari abatanguye&nbsp;kuzimutuma&nbsp;eka n\u2019aha mu Burundi abasanzwe bafise ubwororero bw\u2019amafi ngo bariko baramusaba ko yozigwiza bagaheza bakaja baramushorera<\/p>\n\n\n\n<p>Dusabe na we ubwiwe akaba anezererewe ubwo buhinga yavumbuye&nbsp; kuko ngo ata biciro vy\u2019ibifungurwa vy\u2019amafi bizosubira kumuvuna&nbsp;isazi zigihari, eka mbere ariyemerera ko ari we abaye uwa mbere mu Burundi atanguje umugambi wo kubundikira ayo magi y\u2019isazi.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ubuheruka twari twabamenyesheje ko ikigo \u00ab&nbsp;Maison du Fermier&nbsp;\u00bb kiriko gitanga inyigisho z\u2019ukwororera amafi ku mitumba, kwibundikirira amagi y\u2019inkoko ubwawe, kworora kijambere ingurube hamwe n\u2019ibindi bitungwa bitobito. Uno munsi bageze ku kubundikira amagi y\u2019isazi &nbsp;avamwo inyo z\u2019isazi inyuma y\u2019iminsi 9. Uruhigi rw\u2019ayo magi rumaze iminsi rubera mu mashamba atandukanye. Nk\u2019uko&nbsp;Ir. Wilbert Dusabe&nbsp;yatanguje ico kigo abimenyesha, kugira [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":5712,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[216],"tags":[465,440],"coauthors":[231],"class_list":["post-5703","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubworozi","tag-isazi","tag-ubworozi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5703","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5703"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5703\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5711,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5703\/revisions\/5711"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5712"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5703"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5703"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5703"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5703"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}