{"id":5697,"date":"2020-10-17T16:53:01","date_gmt":"2020-10-17T14:53:01","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5697"},"modified":"2023-07-02T23:53:48","modified_gmt":"2023-07-02T21:53:48","slug":"ivyo-tuzi-kuri-rose-sindayihebura-umupfasoni-yakejwe-evariste-ndayishimiye-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ivyo-tuzi-kuri-rose-sindayihebura-umupfasoni-yakejwe-evariste-ndayishimiye-burundi\/","title":{"rendered":"Ivyo tuzi kuri Rose Sindayihebura, umupfasoni yakejwe n\u2019Umukuru w\u2019Igihugu"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ku munsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi mwirimizi, uba uko umwaka utashe igenekerezo rya 15 Gitugutu, Umukuru w\u2019igihugu c\u2019Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yaratumyeko ku kirimba iwe umupfasoni ava i Bubanza, Rose Sindayihebura, kugira amukeze kuba yarashoboye gutunga abana biwe yifashishije uburimyi n&rsquo;ubworozi.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Rose ni nde&nbsp;? Afise imyaka 56, akaba yubatse urugo mu 1989, aca apfakara mu gihe c&rsquo;intambara afise abana batatu, abahungu 2 n&rsquo;umukobwa 1. Bari bafise imyaka 6, 4, 2. \u00ab <em>Ubuzima bwarasubiye inyuma aho mburiye umunega wanje. Ntivyari vyoroshe kuko twari mu ma \u00ab\u00a0sites\u00a0\u00bb y&rsquo;abateshejwe izabo ku Mpanda<\/em>. \u00bb Uko ni ko Rose yatanguye kutuyagira, uko ubuzima bwari bubi, akora urudandazwa rudashemeye, n&rsquo;ukurara ubusa yaraburara.<\/p>\n\n\n\n<p>Ubu naho bimeze gute&nbsp;? Ingwano iheze Rose yaciye aja kuba mw&rsquo;itongo bari bararonkeye hamwe n\u2019umunega wiwe. Ni ku mutumba wa Gahwazi, komine Mpanda, intara ya Bubanza. Kugira none abe umurimyi n\u2019umworozi w\u2019akarorero vyatanguye gute&nbsp;?<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-twitter wp-block-embed is-type-rich is-provider-twitter\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"twitter-tweet\" data-width=\"550\" data-dnt=\"true\"><p lang=\"fr\" dir=\"ltr\">Rose Sindayihebura <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/FemmesRurales?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#FemmesRurales<\/a>  a re\u00e7u en 2012 une vache de la part du <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/PRODEFI?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#PRODEFI<\/a> ,un des projets financ\u00e9s par le <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/FIDA?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#FIDA<\/a> au <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Burundi?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Burundi<\/a>. Ce don de vache a \u00e9t\u00e9 la cl\u00e9 d&#39;un avenir durable pour Rose et ses enfants.<a href=\"https:\/\/twitter.com\/IFADfrancais?ref_src=twsrc%5Etfw\">@IFADfrancais<\/a>, <a href=\"https:\/\/twitter.com\/AissaSar?ref_src=twsrc%5Etfw\">@AissaSar<\/a>, <a href=\"https:\/\/twitter.com\/UN_Burund?ref_src=twsrc%5Etfw\">@UN_Burund<\/a>, <a href=\"https:\/\/twitter.com\/UN_Women?ref_src=twsrc%5Etfw\">@UN_Women<\/a>, <a href=\"https:\/\/twitter.com\/IFAD?ref_src=twsrc%5Etfw\">@IFAD<\/a>, <a href=\"https:\/\/twitter.com\/SaraMbago?ref_src=twsrc%5Etfw\">@SaraMbago<\/a> <a href=\"https:\/\/t.co\/GrkCQyYiLW\">pic.twitter.com\/GrkCQyYiLW<\/a><\/p>&mdash; FIDA-Burundi (@progrfidabdi) <a href=\"https:\/\/twitter.com\/progrfidabdi\/status\/1316760888054087680?ref_src=twsrc%5Etfw\">October 15, 2020<\/a><\/blockquote><script async src=\"https:\/\/platform.twitter.com\/widgets.js\" charset=\"utf-8\"><\/script>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p>Mu mwaka wa 2012 yahawe inka mu mugambi \u00ab Prodefi \u00bb. Iyo nka imaze kuvyara incuro 6, akaba amaze kwokora 1, akagurisha 3. Ubwo bworozi bwaramufashije kurera abana biwe 3, ubu 2 bahejeje kaminuza, uwa nyuma na we ahejeje amashure yisumbuye. Si ivyo gusa : Rose yarubatse inzu nziza, arubakira n&rsquo;umutamakazi atunze, kandi arorora n\u2019ingurube kuko zozo zoroshe kwikorako, mu gihe agize ico akenera cihuta.<\/p>\n\n\n\n<p>Uwurongoye umugambi Prodefi i Bubanza, aramushima cane. Agira ati : \u00ab <em>Ni akarorero ku bakenyezi iyo bapfakaye baca bihebura aho kwitunga. Nibamwigane bagire umwete, nk&rsquo;uwiwe, babe umuco w&rsquo;ingo zabo, bigishe abana babo gukunda ibikorwa<\/em>. \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong>N\u2019iki uwo mupfasoni asaba?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nta vyiza vyizana. Rose Sindayihebura ntabuze ingorane. Akoresha abungere 4 ahemba, mu gihe co muci, biramugora kubera ubwatsi buca bukena. Inka zikenera amazi menshi, kandi aho aba nta mazi aharangwa. Abakozi bavoma amazi kure. Nta matara agira. Mu vyo asaba, abajejwe intwaro : amazi, amatara, n\u2019imashine yogukwega amazi.<\/p>\n\n\n\n<p>Hama icatumye Rose ashirwa muri uwo mugambi w&rsquo;ubworozi, ubwa mbere si uko yari umupfakazi afise itongo mugabo ni uko yarakunda cane ibikorwa. Uwurongoye \u00ab Prodefi \u00bb i Bubanza amenyesha kandi ko abakenyezi borora neza kuruta abagabo. Ku borozi 10 borora inka neza gusumba abandi, abakenyezi ni 7\/10. Baziha umwanya munini, bazigaburira neza, barazitaho cane, \u2026<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo Rose akunda: ibikorwa, kurima no kworora. Ivyo yanka: ubwishime, ubunebwe, inzigo. Uyo mupfasoni avuga make. Yipfuza kuguma atera aja imbere, kwagura ubworozi, naho bomwongera izindi nka yozitunga.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya rero yuko muri uwo mubonano na Perezida Evariste Ndayishimiye, Rose yamusavye akamoteri ko kuvomera imirima yiwe no kumurihira abakozi biwe (mu kiringo c&rsquo;umwaka), aca arabimwemerera.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ku munsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi mwirimizi, uba uko umwaka utashe igenekerezo rya 15 Gitugutu, Umukuru w\u2019igihugu c\u2019Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yaratumyeko ku kirimba iwe umupfasoni ava i Bubanza, Rose Sindayihebura, kugira amukeze kuba yarashoboye gutunga abana biwe yifashishije uburimyi n&rsquo;ubworozi. Rose ni nde&nbsp;? Afise imyaka 56, akaba yubatse urugo mu 1989, aca apfakara mu gihe c&rsquo;intambara [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":5698,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[209],"tags":[328],"coauthors":[34],"class_list":["post-5697","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indanga","tag-uburimyi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5697","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5697"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5697\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5700,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5697\/revisions\/5700"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5698"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5697"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5697"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5697"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5697"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}