{"id":5693,"date":"2020-10-15T14:55:34","date_gmt":"2020-10-15T12:55:34","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5693"},"modified":"2023-07-02T23:53:43","modified_gmt":"2023-07-02T21:53:43","slug":"igitoke-igiterwa-gisonerwa-cubahwa-ceranda-imicokama-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/igitoke-igiterwa-gisonerwa-cubahwa-ceranda-imicokama-burundi\/","title":{"rendered":"Menya ibituma igitoke kiba igiterwa gisonerwa, cubahwa kandi ceranda"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu myemerere y\u2019abarundi baho hambere, igitoke cari igiterwa kidasanzwe. Cari cubashwe kandi kigafatwa nk\u2019igiterwa ceranda. Uretse ko cavamwo urwarwa rwahuza imiryango, igitoke carakoreshwa no mu migirwa myinshi, nk\u2019iyo mu muryango havutse umwana, iyo abakuru bagendeye ahantu canke mu migirwa yo kubandwa no gutisirika (guhamura) ibintu kandi bikagira insiguro ikomeye.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Iyo umugore ahejeje kwibaruka, asohoye ingovyi ya nyuma baca bafata ivyo vyose umwana yari arimwo mu nda bakavyegeraniriza hamwe. Umwakirizi yamwakiriye akabijana inyuma y\u2019inzu kubishingura (kubikira ingovyi). Ingovyi bayishiramwo ubwoko butandukanye bw\u2019imbuto. Uri inzuzi, intore, uburo, amahonda, ibiharage, n\u2019izindi nyishi hama bakimba ikinogo bakabishiramwo bagaca bahatera igitoke. Muri ico kibanza, bahita kw\u2019isohorero ry\u2019umwana. Ni ho yaba yataye uruzogi. Uyo mwana agafatira umuryango aho, hakaba ku gisokuru, ari umujiji akitwa umujiji, ari umunyakarama canke umuzirankende bikandurukiraho. Naho atokurira aho, uyo mwana aronka uburenganzira bwo kuhitirirwa, kuhaburana no kuhagirako ubwene muryango. Kandi ubwoko bwose bw\u2019imbuto bahateye zaramera, umwakirizi akaba ariwe yaza araja kuzisoroma havuyemwo igitoke. Ivyo bivugwa na Pascal Niyongabo umwigisha w\u2019ikirundi akaba n\u2019umuyobozi w\u2019ishure rya Ecofo Rumonge II asanzwe yarananonosoye ivyigwa vy\u2019imico n\u2019imigenzo nyafirika.<\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;<strong>Igitoke gifatwa nk\u2019umuntu<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Pascal Niyongabo avuga ko mu kwipfuriza umuntu ivyiza hari abagira bati: <em>\u00ab<\/em><em>Uragahabwa n\u2019iyahaye igitoke co kivyara kitagira umugabo<\/em><em>\u00bb<\/em><em>.<\/em> Rero nk\u2019uko ku muntu canke ku nka bavuga ko bivyara, ni igitoke ni ukwo. Igitoke kiravyara kandi kikagira imiryango gikomokamwo nk\u2019uko biri no ku bantu. Iyo igitoke kivyaye kizana amashashi y\u2019ibitoke. Mu gihe amashashi yagwiriye bayita ingundu. Hari ingundu y\u2019umutsiri, ingundu y\u2019igisahira, ingundu y\u2019igihonyi, y\u2019inkashi, y\u2019igipaca, ya nandibu, y\u2019igisukari, y\u2019ikayinja, y\u2019imarasenge, &#8230; ubwo bwoko bw\u2019ingundu bwose n\u2019imiryango y\u2019ibitoke.Igitoke iyo bagiteye urwego bavuga ko kiba gifise intege nke. Igitoke kandi kiragira umwanana, uwo na wo abana b\u2019abakobwa akaba ariwo bakunda guheka bawugereranya n\u2019abana.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Igitoke ngo ni ceranda kandi gifise ububasha<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uyo mwigisha w\u2019ikirundi avuga kandi ko mu kwerekana ko umuntu w\u2019umutegetsi afise ubukuru n\u2019ububasha bikomeye, ku munsi mukuru bamusasira ingwiza (utwatsi tumera mw\u2019ishamba turandaranda tumeze nk\u2019udufise ubwoya) iruhande yaho bagashiraho ibitoke. Aho umwami canke umuganwa yaca agendeye akarere kanaka, kugira bamwereke ko bamwiteganye igishika n\u2019ugweze barahatera ibitoke kuko babona ko bifise ububasha. N\u2019ubu nyene umutegetsi akomeye agiye ahantu baracabigira.<\/p>\n\n\n\n<p>Ibituma igitoke cubahwa n\u2019ivyinshi. Mu kubaga ibitungwa, babibagira ku mitoto y\u2019ibitoke kuko idahumanye eka mbere no mu gutota bahejeje kubandwa kiranga avuye ahantu, yarafata umugonzo (umunyu) akawuhambirira mu mitoto akaza arakoza mu mazi amijira ku bintu canke ku bantu abasabira imihezagiro.Ku mwanana w\u2019igitoke havako ibigovyigovyi, ibi na vyo akaba ari vyo abantu kera banweramwo imiti itandukanye ihamuye. Mu guhamura ibitoke bitaritse mu ruhinda (urugarama) barafata agaheto bakakaboherako umuno (umuhanyu w\u2019igitoke) bakagashinga ku rugarama bakakarabisha iyo ukwezi kuzoserukira mu gihe kwacuye, kugira bizoshe neza. Batsirika ukwezi ngo ntikubicemwo kugira ntbiborere mu ruhinda.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya kandi ko n\u2019aho hambere umuntu agemuye inzoga canke ibindi yashirako ishishiro ry\u2019imitoto y\u2019ibitoke haba ku biseke, inkangara, imibindi, inkoko n\u2019ibindi. Inzoga ntibashobora kuyinwa hakiriko ishishiro, carazira. N\u2019ishishiro bazikuye ku bigemurwa ntibapfa aho bazitaye. Barazegeranya zose bakaziterera hejuru ku nzu. Inzu yaba irundagiyeko ishishiro nyishi, yerekana ko urwo rugo rugwa ingata, rugendwa, nk\u2019uko bisigurwa na Ntakarutimana Pantal\u00e9on yize ivyigwa vy\u2019imico n\u2019imigenzo nyafirika.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu myemerere y\u2019abarundi baho hambere, igitoke cari igiterwa kidasanzwe. Cari cubashwe kandi kigafatwa nk\u2019igiterwa ceranda. Uretse ko cavamwo urwarwa rwahuza imiryango, igitoke carakoreshwa no mu migirwa myinshi, nk\u2019iyo mu muryango havutse umwana, iyo abakuru bagendeye ahantu canke mu migirwa yo kubandwa no gutisirika (guhamura) ibintu kandi bikagira insiguro ikomeye. Iyo umugore ahejeje kwibaruka, asohoye ingovyi [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5696,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[211],"tags":[464],"coauthors":[189],"class_list":["post-5693","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-imicokama","tag-igitoke"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5693","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5693"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5693\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5695,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5693\/revisions\/5695"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5696"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5693"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5693"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5693"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5693"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}