{"id":5685,"date":"2020-10-12T18:23:15","date_gmt":"2020-10-12T16:23:15","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5685"},"modified":"2023-07-02T23:53:34","modified_gmt":"2023-07-02T21:53:34","slug":"inda-zindaro-amabi-yazo-urwaruka-intahe-ya-tuyisenge-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/inda-zindaro-amabi-yazo-urwaruka-intahe-ya-tuyisenge-burundi\/","title":{"rendered":"Inda z\u2019indaro n\u2019amabi yazo mu rwaruka : intahe ya Tuyisenge"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Tuyisenge ni umwigeme yibarukiye iwabo, haraheze imyaka itanu. Akwije imyaka 20 y\u2019amavuka muri uku kwa Nyakanga 2020. Uwu mwigeme avuga ko yibarutse ageze mu gice ca gatatu giheza umwaka w\u2019indwi, biranka ko asubira kubandanya ishure kubw\u2019ukubura uburyo. Umwe muri benshi bimaze gushikira.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu gihe inda z\u2019indaro zatse indaro mu rwaruka haba mu kibano, eka no ku mashure, ishirahamwe \u00ab Cordaid \u00bb rirafasha kuzituza biciye mu mugambi Menyumenyeshe. Kw\u2019igenekerezo rya 10 Nyakanga 2020, ihiganwa ry\u2019ibikino bigwiriyemwo ubutumwa bwo kuzigwanya ryahuje urwaruka rwo mu ntara ya Bururi, muri komine Mugamba, ari na ho twakuye intahe ibabaje y\u2019umwigeme Tuyisenge (iri zina ni iryo twamutaziriye kuko atashimye ko iryiwe ryandikwa).<\/p>\n\n\n\n<p>Nta nyina afise, muka se na se ntibamuha nirwere. Jeanine avuga ko mu gihe yari yibungenze yaturatuye bikomeye kuko abavyeyi biwe bamwagiriza ko yahemutse, yabamaramaje, ari agatukisha mu muryango. Abagenzi yari afise baramuvuyeko asigara enyene aho yarira atagira uwo ayaha, yicuza ata co akigarura.<\/p>\n\n\n\n<p>Amenyesha ko yiyumviriye kuyikorora bimwanka mu nda. Mu gihe kuva aho aba gushika kw\u2019ivuriro ribegereye hagendwa iminota 15, we yahitamwo kugenda gupimisha inda ahantu hagendwa isaha n\u2019iminota mirongo itatu kuko yatinya ko ahava ahurirayo n\u2019abavyeyi bagiye gupimisha imbanyi bakaba baramushimanga.<\/p>\n\n\n\n<p>Igihe c\u2019ukwibaruka ntikigeze, uwayimuteye tiyarushe anaturukira aho ari ngo amukeze nk\u2019abandi bavyeyi, mbere n\u2019umwana yamwemeye barinze guca mu mburano.&nbsp; Agira ati&nbsp;: \u00ab <em>Ese gusonzera mu kiriri ! Uwogomba yokwiyubara ntaze abone ayo nabonye. Ubu n\u2019agasabuni ndonka ndagakesha umugambi Menyumenyeshe kuko watwigishije kuziganya no kuguranana. <\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Vyari vyifashe gute ku rubuga&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>\u00ab Turwanye inda z\u2019indaro n\u2019ingaruka mbi zazo mu rwaruka rutari ku ntebe y\u2019ishure \u00bb, nico civugo c\u2019ihiganwa mu rwaruka rutari ku ntebe y\u2019ishure rwatunganijwe na Cordaid mu ntara 8 usanzwe uranguriramwo uwo mugambi, kuva ku wa 7 gushika ku wa 13 Nyakanga 2020. Twabonye rero ivy\u2019inda z\u2019indaro kugira uvyumvishe urwaruka, vyiza ari gushimikira ko ngaruka mbi zazo.<\/p>\n\n\n\n<p>Imigwi yariko irakina yaribukije zimwe mu ngaruka mbi z\u2019inda z\u2019indaro. Bamwe bati : \u00ab <em>Urwaruka rwinshi rurahendaheshwa ibihinda, bwaca bikabahinda bibataramura mu miryango, kuko vyabananiye kwizigama ngo bifatire ingingo bahebe ubushurashuzi. Nk\u2019uko urwo rwaruka ruri mu mugambi Menyumenyeshe rwavyigana mu dukino, umwigeme atwariye inda iwabo araturatura mbere hari n\u2019aho yangazwa umuryango avukamwo ntube ukimuha nirwere kuko aba yamaramaje abavyeyi bamureze. <\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Si mu muryango gusa no mu kibano hari abamwinuba bamubona ayaga n\u2019abandi bigeme, bakamwamirira kure ngo agomba abigishe ubushirasoni. Abandi nabo : \u00ab <em>Kenshi mur\u2019izo ngeso atari nziza, usanga urwaruka rwanduye ingwara zidakira zifatira mu bihimba vy\u2019irondoka, ivyo bikonona kazoza karwo.<\/em> \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Umwigeme rero atwaye inda atipfuje, bivanye n\u2019uko yiyumvira ingaruka zizokurikira imbere agasanga ziremereye nk\u2019urusyo, yihutira kwiyumvira kuyikorora akagwa mu caha co kwica ngo bikunde agume aboneka nk\u2019agakumi. Afashwe, asazira mu mpimba &nbsp;nayo agahinda ku mutima kakamurenga.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Abavyeyi n\u2019intwaro babivugako iki&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Cristophe Nkezabahizi, umwe mu bavyeyi bari ngaho, yagize ati&nbsp;:&nbsp;\u00ab&nbsp;<em>Mu vy\u2019ukuri uwabonye asasira indaro y\u2019inka, ntiyobona asasira indava inda z\u2019indaro mu muryango. Urwaruka rurakwiye kwihesha agaciro rukamenya ko rutera intuntu abavyeyi kuko bo baba barwipfuriza kuroranirwa ariko impanuro bakaziha umugongo.&nbsp;<\/em>\u00bb Ntiyibagiye &nbsp;kuvunira akagohe abavyeyi bataganira n\u2019abana babo kuvy\u2019inda z\u2019indaro n\u2019amabi yazo ati&nbsp;: \u00ab<em> Barakwiye kwikebuka ntibibuke kuyora basheshe.<\/em> \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Urwaruka rero ngo rukwiye kumenyera kurya utwo rwabiriye akuya, two tutarukwegera akaga, rukirinda ibihendamaso rukaja mu mashirahamwe yo kwiteza imbere gutyo rukikenura mu vyo rukenye nk\u2019uko bishikirizwa n\u2019umwe mu bajejwe intwaro bari ngaho. Ibirori bikaba vyarangiye ishirahamwe Cordaid ritanga udushimwe tugizwe n\u2019ibitenge n\u2019amasabuni ku barushije abandi.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Tuyisenge ni umwigeme yibarukiye iwabo, haraheze imyaka itanu. Akwije imyaka 20 y\u2019amavuka muri uku kwa Nyakanga 2020. Uwu mwigeme avuga ko yibarutse ageze mu gice ca gatatu giheza umwaka w\u2019indwi, biranka ko asubira kubandanya ishure kubw\u2019ukubura uburyo. Umwe muri benshi bimaze gushikira. Mu gihe inda z\u2019indaro zatse indaro mu rwaruka haba mu kibano, eka no [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":5686,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[293],"coauthors":[34],"class_list":["post-5685","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana","tag-menyumenyeshe"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5685","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5685"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5685\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5687,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5685\/revisions\/5687"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5686"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5685"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5685"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5685"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5685"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}