{"id":5643,"date":"2020-09-27T20:34:52","date_gmt":"2020-09-27T18:34:52","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5643"},"modified":"2023-06-21T19:02:41","modified_gmt":"2023-06-21T17:02:41","slug":"kwemeza-inkumi-mu-kuyifuta-bujumbura-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kwemeza-inkumi-mu-kuyifuta-bujumbura-burundi\/","title":{"rendered":"Kwemeza inkumi mu \u00ab kuyifuta \u00bb, naho shwi!"},"content":{"rendered":"\n
Hari ukuntu abahungu twama dushaka kugara ku bakobwa. Kubasororera ivyo bashaka kugira ngo tubereke ko twifashe neza. Ivyo kenshi tubigira ku bakobwa tuba dukunda turiko turarondera canke k\u2019ubo dufise ico tubashakako. Njebarikanuye yabiyemeyeko kenshi ariko yaraye ahinyutse.<\/strong><\/em><\/p>\n\n\n\n
Burya abahungu turiyemeza. Hari igihe uba ufise umukobwa akugora. Ukamwinginga ngo musohoke akama yanka. Wasubira uriko urafyina kubera wamenyereye ko yanka umubajije ukaza wumva aremeye. Nawe ku mutima uti ndafashwe, ko yahora yanka ubu ho koko bigenze gute? Ariko kubera ukwihagararako ukamuha nk\u2019isango yo muri \u00ab week-end \u00bb. Aho rero uca umara iyo minsi yose isigaye utubitse uwavubi. Uba usigaye unwa amazi gusa icibagiwe co, ni ka mushikaki. Utangura kuganya wibaza aho uzokura ay\u2019iyo nkumi izorya ngo ntigucishemwo ijisho. Hari igihe usanga rero twiremye nko kuri 20.000Fbu, canke atanashika. Ata yo dufise na ho twita mu madeni tutazi igihe tuzoyishurira.<\/p>\n\n\n\n

Ese rero ho ngo murahuye utari wa mwiteguriye. Ukivugisha ufyina ngo musangire rimwe uzi ko atemera ukabona aremeye. Uba uhuye n\u2019akaga. Ariko kenshi na kenshi abahungu twishima ku bakobwa, ikintu tudashobora kwihendako, ni ukwambara neza kugira tubemeze. Kwambara agakofero karaba inyuma, udupira tugezweho, isheneti mw\u2019izosi, gurumeti ku kuboko kw\u2019iburyo, isaha ku kubamfu, impeta ku gatoki k\u2019agahererezi, ikabutura canke ipantaro kuri munekeri n\u2019ikirato ca \u00ab Nike \u00bb canke aga simpo, agaparufe kamota neza kadasigaye inyuma. Igisagara cose umenga nigwawe, ngo ugiye kwemeza umudemu kandi ku mufuko utarenza 20.000 Fbu.

Ukwihagararako bivamwo ugusuzugurika<\/strong><\/p>\n\n\n\n
Ukutavugisha ukuri bizotuma ivyubahiro turondera binaburizwamwo. Ehe raba, \u00ab Njebas \u00bb muri minsi iheze yakorokeye kuri \u00ab fone \u00bb. Nguyo ahamagaye \u00ab umudada \u00bb ashaka kwifatira. Ngaho amusavye ko basangira rimwe. Umwana w\u2019abakobwa atanka ati ni vyiza ariko ndikumwe n\u2019abandi bagenzi banje batatu. Ku kwiyemera, Njebarikanuye ngo nta kibazo nimuzanane dusangire rimwe. Ni ko gupanga akabare asanzwe amenyereye bohuriraramwo mu gisagara ca Bujumbura. Ngabo bose no kwa ka kabare ngo ba!<\/p>\n\n\n\n

Uwuzana inzoga na we ntiyatevye kubabaza ivyo bafata. Amakuba Njebarikanuye yahaboneye n\u2019ubu aracayikugura. Umukobwa wa mbere ata n\u2019ubwo ariwe yatumiwe avuga asavye \u00ab Smirnoff \u00bb. N\u2019abandi 2 basaba iyo nyene. Uwatumiwe na we ngo \u00ab chuchu \u00bb ubona gute banzaniye aka \u00ab godet \u00bb? Njebarikanuye umutima ngo Ba! Ba! Ba! Ariko yumvise ko bamwise \u00ab chuchu \u00bb, na we n\u2019umutima w\u2019amadidane ati: \u00ab A l\u2019aise Bechou \u00bb. N\u2019ivyiyumviro vyinshi \u00ab Njebas \u00bb aca asaba ifanta. Uwuzana ibinyobwa ati: \u00ab Ngaha bariha imbere <\/em>\u00bb. <\/p>\n\n\n\n
Avuga amuteye ahonyene \u00ab facture \u00bb ya 36.000Fbu. Bishoboka ko baza kwongenza ukwo nyene, n\u2019ico gufungura hejuru. Aho rero, imbere n\u2019inyuma Njebarikanuye afise 20.000 Fbu.<\/p>\n\n\n\n

Urazi kubura ayo urihira imbere y\u2019inkumi uriko urasororera ukuntu bimaramaje ? Ni ibara kwihereranya uwutanga inzoga umuhobobera ko yogucishirizamwo, wabona ivyo batumyeko biriko birakwiza isaha bitaraza ababitumyeko na bo bariko bakuraba iry’ingwe ukanduruka urwatiriza iterefone, isheneti, canke ikindi kintu ufise ngo bakunde baronke ivyo basavye, biramaramaje. Inkezi ikera ubwo bireha.<\/p>\n\n\n\n

None burya bimaze iki kugara ku mukobwa ngo umurihiye \u00ab Taxi \u00bbuvuye ku musororera, wewe ugataha mu Kinyange ugashika iyashu itemba, wabuze n\u2019aya bus. Ukutavugisha ukuri kwa Njebarikanuye ngo ashaka bamwemere ko asorora vyavuyemwo agasuzuguro. Erega ku gutinya ko bohava biyongeza ibinyobwa yahavuye anyika. Na ba bigeme ngo bahavuye bamushira muri \u00ab blacklist \u00bb. Kwemera ico uri imbere ya vyose ni vyiza kuruta gushaka ko abantu bamenya ko uri ico utari. Ndavuga simvura.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"
Hari ukuntu abahungu twama dushaka kugara ku bakobwa. Kubasororera ivyo bashaka kugira ngo tubereke ko twifashe neza. Ivyo kenshi tubigira ku bakobwa tuba dukunda turiko turarondera canke k\u2019ubo dufise ico tubashakako. Njebarikanuye yabiyemeyeko kenshi ariko yaraye ahinyutse. Burya abahungu turiyemeza. Hari igihe uba ufise umukobwa akugora. Ukamwinginga ngo musohoke akama yanka. Wasubira uriko urafyina kubera […]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5644,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[603],"coauthors":[189],"class_list":["post-5643","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana","tag-amagara-ndoragitsina"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5643","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5643"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5643\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5645,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5643\/revisions\/5645"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5644"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5643"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5643"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5643"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5643"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}