{"id":5636,"date":"2020-09-24T13:25:29","date_gmt":"2020-09-24T11:25:29","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5636"},"modified":"2023-06-21T18:59:14","modified_gmt":"2023-06-21T16:59:14","slug":"sutiye-twoyambara-twiyubara-amagara-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/sutiye-twoyambara-twiyubara-amagara-burundi\/","title":{"rendered":"Bwa bundi aga \u00ab sutiye \u00bb twokambara twiyubara!"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Igikorwa cayo gikuru ni ugufata neza igikiriza hama uwukambaye akumva yisanzuye gukora ibikorwa vyiwe. Ako gahuzu ko musi k\u2019abigeme ariko \u00ab sutiye \u00bb (soutien gorge) naho umengo ni akantu gato, kukambara canke kutakambara vyose bifise ingene bibonwa mu kibano.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nta minsi ihaciye Birikunzira, umuhungu wo mu Nyakabiga yasavye Anita ngo amuherekeza kw\u2019i boutique hafi yaho baba. Burya bagiye sinzi ingene Anita yibutse ko ata soutien yambaye aca aramurahira ko atorenga irembo ata yo yambaye kuko ivyo bigira abakobwa batagira indero.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mu Burundi, ngo umukobwa atambaye \u00ab<\/strong> <strong>sutiye <strong>\u00bb<\/strong> ntandero aba afise?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Naho vyatangaje uwo muhungu, ico ciyumviro Anita agisangiye n\u2019abandi nka Clarisse, umuvyeyi arereye mu Ngagara we agira ati&nbsp;:&nbsp; <em>\u00ab&nbsp;Nk\u2019umunsi nohura n\u2019umukobwa wanje adiridimba atako yambaye nomutuka nkamugotsa kuko naho hahera ubushirasoni. Umukobwa no muhira hari abashitsi ategerezwa kukambara&nbsp;\u00bb. <\/em>Jeanne atembereza ivyamwa we avuga ko ivyo ari ivyabasirimu bakorera mu biro kuko ntiyokwirirwa yikoreye ivyamwa ku mutwe, ahetse umwana aza aronsa ngo yongere yibohe n\u2019ama \u00ab\u00a0sutiye\u00a0\u00bb kiretse ku munsi mukuru akeneye gushaza ngo aberwe nk\u2019abandi.<\/p>\n\n\n\n<p>Abandi bagira bati: <em>\u00ab Biravana n\u2019impuzu wambaye kuko hari izitabereye gushiramwo ako musi. Izindi mpuzu zozo harigihe usanga zifitiye \u00ab\u00a0sutiye\u00a0\u00bb. Ikindi biravana n\u2019igikiriza c\u2019umukenyezi kuko atari bose biyumva bisanzuye atako bambaye na cane cane abo igituza cabo ari kinini kuko n\u2019ijisho ry\u2019abantu gusa rirakubwiriza \u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>None <em>\u00ab<\/em><\/strong> <strong>sutiye <em>\u00bb<\/em> yokwambarwa ryari ?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nkuko bishikirizwa na Sindayihebura Godefroid, umuhinga mu vyo kugorora amagufa n\u2019imitsi (kinesith\u00e9rapeute), kurya igizwe n\u2019imigozi ngo ifate igikiriza neza biri mu bishobora gutuma amaraso adatembera neza mu gihe iboshe cane canke yambawe umwanya munini. Ivyo na vyo bikaba atari vyiza ku magara y\u2019umuntu. Eka mbere ngo \u00ab\u00a0sutiye\u00a0\u00bb iratera ubunebwe imitsi yagenewe guhagarika igikiriza ntisubire gukora igikorwa yagenewe kuko iba yaronse ikindi yishimikizako ibere rigaca rigwa nkuko bakunda kubivuga.<\/p>\n\n\n\n<p>Uwo muhinga abandanya ahanura ko ari vyiza kwiyubara k\u2019ubwoko iyo mpuzu ikozwemwo. Hari izikozwe mu bikoresho bitera ingwara zishobora kuvamwo za kanseri. Aga \u00ab\u00a0sutiye\u00a0\u00bb gakozwe mw\u2019ipampa akaba ariko kabereye.<\/p>\n\n\n\n<p>Nyabuna rero umwigeme yo kwiha n\u2019akanya ko kuruhurira igikiriza ciwe mugukura \u00ab\u00a0sutiye\u00a0\u00bb mu gihe co kuryama, iyo ari muhira canke ikindi gihe cose abona ko ataco bimutwara. Ivyo ngo biraruhurira umubiri kugira uheme neza.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Igikorwa cayo gikuru ni ugufata neza igikiriza hama uwukambaye akumva yisanzuye gukora ibikorwa vyiwe. Ako gahuzu ko musi k\u2019abigeme ariko \u00ab sutiye \u00bb (soutien gorge) naho umengo ni akantu gato, kukambara canke kutakambara vyose bifise ingene bibonwa mu kibano. Nta minsi ihaciye Birikunzira, umuhungu wo mu Nyakabiga yasavye Anita ngo amuherekeza kw\u2019i boutique hafi yaho [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":36,"featured_media":5637,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[603],"coauthors":[442],"class_list":["post-5636","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-amagara-ndoragitsina"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5636","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/36"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5636"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5636\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5639,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5636\/revisions\/5639"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5637"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5636"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5636"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5636"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5636"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}