{"id":5624,"date":"2020-09-15T12:09:21","date_gmt":"2020-09-15T10:09:21","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5624"},"modified":"2023-06-21T18:59:43","modified_gmt":"2023-06-21T16:59:43","slug":"burundi-kuki-bakeza-umuvyeyi-imiziro","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-kuki-bakeza-umuvyeyi-imiziro\/","title":{"rendered":"\u00ab Simba imanga Imana icane \u00bb : kuki bakeza umuvyeyi ?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kuva akimenya ko yasamye, umukenyezi w\u2019aho hambere hahise yariyubara cane, ntangere y\u2019igihe yumvise inda itanguye gukina. Hari imiziro itari mike yabwirizwa kwubahiriza gushika yibarutse agaheza agakezwa, bati&nbsp;: <strong>\u00ab<\/strong><\/strong> <strong>kira Rusizi \u00bb, impundu zigasamirana. Nguku uko vyagenda.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Carazira &nbsp;kikaziririzwa ko bene uwo munarugo aca ahari iyogi ririmwo umwungu waboze, ngo umwana yohavuye amuboreramwo.<\/p>\n\n\n\n<p>Nta gakoko na kamwe yari yemerewe kwica kuko yobaye ariko akwegera umwana wiwe urupfu.<\/p>\n\n\n\n<p>Ntiyari yemerewe kuraba igikoko gifise isura iteye ubwoba &nbsp;nk\u2019imafu, inkende &nbsp;kuko atobuze guca avyara umwana asa na co. N\u2019umuntu amugaye, amubonye vyasabwa ko ahindukira akaraba hirya kandi ntakamutwenge kuko avyubahutse ngo atobuze kumuvyara ( nk\u2019uko vyari mu myizerere yabo), n\u2019ibindi<strong>.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kuva umukenyezi acibungenga, carazira kikaziririzwa ko ajabuka umwonga. Imvo, kwari ukumurinda ko yohava ahurirayo n\u2019ibihume canke ngo agire ingorane canke isanganya ariko arajabuka.<\/p>\n\n\n\n<p>Carazira ko uwo mukenyezi aca aho inyoni yaritse kuko amagi amenetse, yomuhumiye na we inda atwaye igakoroka<\/p>\n\n\n\n<p>Carazira ko afasha kwimba ikinogo c\u2019uwahwereye kuko yobaye ariko arisema, asema n\u2019uwuri muri we gutyo akaba yiyimbiye.<\/p>\n\n\n\n<p>Carazira&nbsp; ko arya umuhanyu w\u2019igitoke w\u2019ikimane canke ngo akore ku kimane c\u2019igishishi c\u2019ishaka, ic\u2019ikigori kuko yohavuye avyara amahasa (mu gihe ico gihe amahasa bayafata nk\u2019imburizi y\u2019amagorwa mu muryango)<\/p>\n\n\n\n<p>Ntiyociye ku nzira ngo abone inzoka iharyamye ihumirije, ngo arengane itarakanura kuko yohavuye avyara umwana ahumye amaso\u2026<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Icumu ry\u2019umugabo rafyukira mu cumba umugore ari kuvyariramwo kugira amenye ko bari kumwe<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko vyerekanwa na Dogiteri Sylvestre Barancira, mu gitabu ciwe yise \u00ab Possession par les esprits, 1990&nbsp;\u00bb, igihe co kwibaruka kigeze, abakenyezi bonyene ni bo bari bemerewe kwegera mu cumba kirimwo uwuriko aribaruka. Umugabo w\u2019uwo mukenyezi na we nyene ntiyemererwa kucinjiramwo ariko yaguma hafi y\u2019ico cumba maze mu kwerekana ko ari ho ari kandi atamutereranye urugamba, agaheza agacisha umutwe w\u2019icumu mu mwenge ufyukira muri&nbsp; ico cumba.<\/p>\n\n\n\n<p>Umwana ashitse, impundu yarasamirana, umwakirizi agaheza akagabira uruzogi nayo ingovyi bakayihamba ahantu kugira ngo ntizotwarwe n\u2019abarozi. Aho hantu hashinguwe iyo mpetso baca bahatera igiti&nbsp; ari co bita ikigabiro.<\/p>\n\n\n\n<p>Incuti n\u2019abagenzi baraza ku muhana w\u2019uwibarutse, umuvyeyi agakezwa bishemeye na we akaza arikiriza &nbsp;ati :<em>\u00ab&nbsp;Twese&nbsp;\u00bb<\/em>. Ngaya amwe mu majambo yakoreshwa mw\u2019ico gihe&nbsp;: \u201cKira mama-seha uzana-kamwe kamwe-katagusema-ntigaseme so-kira Rusizi-warujabutse-simba imanga-Tera impundu-Urarusimvye-Kira amenyo y\u2019abasetsi&nbsp;\u2026\u2019\u2019<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ayo majambo yari afise ico asigura<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Bavuze ngo seha uzana, baba bipfuriza uwo muvyeyi kugira uruvyaro rwinshi ubona ko babifata nk\u2019umugisha, itunga n\u2019icirato ku muryango.<\/p>\n\n\n\n<p>Bavuga ngo kamwe kamwe, kuko ngo avyaye amahasa yobaye akweze umuvumo mu muryango.<\/p>\n\n\n\n<p>Erneste Nahimana yakurikiranye ivy\u2019imico n\u2019akaranga asigura ko bavuze ngo <em>\u2018\u2019Simba imanga Imana icane\u2019\u2019<\/em>, iyo manga baba bavuga ni urupfu, kuko iyo hageze kwibaruka umuvyeyi aba ari hagati y\u2019urupfu n\u2019ubuzima. <em>\u2018\u2019kira Rusizi ntirugusize, kira Mpanda ntiruguhande wazijabutse\u2019\u2019&nbsp;<\/em>: &nbsp;izo nzuzi ngo zari ziteye ubwoba ku buryo atari uwo ari we wese yashobora kuzijabuka. N\u2019umuntu yibungenze rero yamana ubwoba ko ashobora guhitanwa n\u2019inda.<\/p>\n\n\n\n<p>Dogiteri Sylvestre na we ati iyo mvugo mberanya bayikoresha kandi bagomba &nbsp;kwerekana ko umuvyeyi asimvye ikinogo kirekire gitandukanya umukenyezi ataribaruka n\u2019umuvyeyi yashikanye ikibondo akacereka Uburundi, ubona ko umukenyezi yahabwa agaciro yaba ari uwumaze kwibaruka mu gihe uwo wundi yakumirwa ngo yaje guhonya umuryango.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kuva akimenya ko yasamye, umukenyezi w\u2019aho hambere hahise yariyubara cane, ntangere y\u2019igihe yumvise inda itanguye gukina. Hari imiziro itari mike yabwirizwa kwubahiriza gushika yibarutse agaheza agakezwa, bati&nbsp;: \u00ab kira Rusizi \u00bb, impundu zigasamirana. Nguku uko vyagenda. Carazira &nbsp;kikaziririzwa ko bene uwo munarugo aca ahari iyogi ririmwo umwungu waboze, ngo umwana yohavuye amuboreramwo. Nta gakoko na [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":5625,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[211],"tags":[459],"coauthors":[231],"class_list":["post-5624","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-imicokama","tag-imiziro"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5624","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5624"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5624\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5631,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5624\/revisions\/5631"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5625"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5624"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5624"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5624"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5624"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}