{"id":5620,"date":"2020-09-13T13:59:05","date_gmt":"2020-09-13T11:59:05","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5620"},"modified":"2023-06-21T18:59:48","modified_gmt":"2023-06-21T16:59:48","slug":"abasabiririza-baguma-biyongera-iyihe-nyishu-irama-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/abasabiririza-baguma-biyongera-iyihe-nyishu-irama-burundi\/","title":{"rendered":"Abasabiririza baguma biyongera. Ni iyihe nyishu irama kuri bo?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Birababaje guca ku muntu aryamye ariko arataka atakamba ko ashonje asaba uwomufasha ukamucako ukarengana. Ariko kandi birababaje gusumba kubona umuntu ariko aravundagara abesha ko ashonje wamufasha, hagera ku mugoroba, mugahurira mu kabare amacupa yujuje imeza ahagatiwe n\u2019abo ariko arasororera. Je, Njebarikanuye, vyananiye gutandukanya uwushonje n\u2019uwabigize umwuga.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu bisagara, ugira gutya uzindutse uja ku kaminsi yose, wagera mu mahwane y\u2019ibarabara, ugasanga hari uwusabiririza yamaze kuhagera. Uri abagore, uri abagabo, eka ndetse n\u2019abana batagira ubumuga na bumwe, ubona ko ikibanza cabo cari gikwiye kuba kw\u2019ishure. Uko utera intambwe uza wumva ngo: \u00ab <em>Bosi, mfasha ijana ry\u2019igitumbura ndashonje.<\/em> \u00bb Uravye uko asa n\u2019uko yambaye, bikagutera ikigongwe, ufise ukamuha. Muga, ntimuhuye ku mugoroba w\u2019ijoro yoze yakuye n\u2019izo mpuzu, uribaza ko ari uwuraho mwahuye mu gatondo bikagusiga.<\/p>\n\n\n\n<p>Umuntu umwe asanzwe akorera iruhande y\u2019aho abasabiririza bakunda kw\u2019icara we avuga ko barya bantu basabiririza badakenye bose. Ngo zirya mpuzu baba bambaye ni impuzu z\u2019akazi, bazita \u00ab inkima \u00bb. Muri barya ngo harimwo n\u2019abafise amararo y\u2019inka, eka n\u2019amatongo manini cane.&nbsp; N\u2019abo vyari vyumvikana ko bosabiririza n\u2019ink\u2019abamugaye cane, ariko na bo babihinduye umwuga. Ubu ngo hari n\u2019abantu basigaye bikika muri iyo ngeso bakaja gukotesha abamugaye kugira babacishe amafaranga, hama bakagira amahera baza baraha ab\u2019iwabo w\u2019uwukoreshwa mu gusabisha ubumuga.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Umuryambwa aba umwe agatukisha umuryango<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>N\u2019ubwo biri uko, benshi bakaba babigize umwuga, ntibisigura ko bose badakeneye ubufasha. Muri bo harimwo abashonje. Hari abantu baja gusega kw\u2019ibarabara kubera ukubura ukwo bagira. Bagahiga aho bakura ico guhendesha umunwa, ariko bakarwa mu mporero kubera abo babigize umwuga.<\/p>\n\n\n\n<p>Intahe y\u2019umuhungu y\u2019inubwe kubera umwikeko irabisigura neza. Agira ati: \u00ab<em> Jewe naravuye ruguru nje i Bujumbura, ndahashika ata n\u2019umwe ndahazi. Namaze iminsi mw\u2019ibarabara. Harageze igihe mbaho ntaronka na kimwe co gutamira. Numvise ngeze habi, naciye nja imbere y\u2019urusengero ndicara. Naguma ntengurwa umubiri wose kubera inzara. Benshi bancako bigira. Hari n\u2019ababwirana ngo ni amayeri nigirisha barabimenyereye. Nararindiriye n\u2019uwogira ikigongwe ngo antahane ndabura kandi bavuye gusenga.&nbsp; Narababaye kubona bancako aho ndiko ndapfira imbere y\u2019urusengero bakarengana. <\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Bigirimana umugabo amenyereye igisagara avuga ko bigoye gutandukanya uwushonje n\u2019uwigirisha. Narirya ubuho hadutse n\u2019abandi biziziwe n\u2019ibiyayura mutwe na cane cane imwe bita \u00ab boost \u00bb. Abo bo usanga bizwi ko imiryango yabo yifise ariko mu gahura asabiriza ngo ntarya ibi canke biriya ari kubera ingaruka mbi z\u2019ivyo biyayuramutwe. Erega ivyo vyose bituma n\u2019uwuba afise agatima ko gufasha adebukirwa. Ubu uwusabiriza kenshi ngo arabwa nk\u2019icimbwa ihaze.<\/p>\n\n\n\n<p>Uwubonye uriko urafasha, abona ko ari amahera utaye kuko ubu abantu biyumvira ko ari ingeso. N\u2019abakozi b\u2019imana, kiri no mu mihamagaro yabo babacako birenganira. Ubegereye bakubwira ko bamaze guhinyura ko ari abatekamitwe.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Reta ngo yohagurukira iyo ngeso\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Haraheze igihe uburongozi bw\u2019igisagara ca Bujumbura buvuze ko bugiye gutuza iyo ngeso idaha agateka na gato igisagara. N\u2019ibikorwa vyo kuburiza imiduga babasubiza iyo bavuye vyarakozwe ariko biragaragara ko ata nyishu irashe biratanga. Abari bamaze gutahura ko ari idiri idahomba idasaba n\u2019umutahe, batanga imodoka z\u2019abaduganye kugaruka mu gisagara. Ubu na ho umukuru w\u2019igisagara aheruka kuvuga ko hazokoreshwa inguvu zishoboka kugira batuze abasegereza n\u2019abantu bo mw\u2019ibarabara gushika naho abakuze bazokoreshwa ibikorwa bisaba inguvu, ariko na ho nyene ntibumva. Bagumyeho.<\/p>\n\n\n\n<p>Nahayo (izina ryahinduwe) yize ivyigwa vy\u2019imibano abona ko izo ngingo za Reta zo gukura abasegereza mw\u2019ibarabara kugira zishoboke zoherekezwa n\u2019imigambi yo kwitaho abatoronka uko bigira, nk\u2019ababa bamugaye cane. Reta yoshiraho ibigo vyinshi vyo kwakiriramwo abagendana ubumuga bakurwa kw\u2019ibarabara bakabigisha imyuga n\u2019ibindi vyoba bihuye n\u2019ubushobozi bwabo. Abakomeye batega amaboko abahita na bo bakirukanwa mu bisagara, bakigishwa kwihangira imigambi ku mitumba iyo baje bava.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Birababaje guca ku muntu aryamye ariko arataka atakamba ko ashonje asaba uwomufasha ukamucako ukarengana. Ariko kandi birababaje gusumba kubona umuntu ariko aravundagara abesha ko ashonje wamufasha, hagera ku mugoroba, mugahurira mu kabare amacupa yujuje imeza ahagatiwe n\u2019abo ariko arasororera. Je, Njebarikanuye, vyananiye gutandukanya uwushonje n\u2019uwabigize umwuga. Mu bisagara, ugira gutya uzindutse uja ku kaminsi yose, [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5621,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[2],"tags":[384],"coauthors":[189],"class_list":["post-5620","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-opinions","tag-njebarikanuye"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5620","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5620"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5620\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5623,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5620\/revisions\/5623"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5621"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5620"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5620"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5620"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5620"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}