{"id":5612,"date":"2020-09-11T16:42:50","date_gmt":"2020-09-11T14:42:50","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5612"},"modified":"2023-06-21T19:00:01","modified_gmt":"2023-06-21T17:00:01","slug":"pilule-du-lendemain-akanini-uburyo-gutandukanya-imvyaro-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/pilule-du-lendemain-akanini-uburyo-gutandukanya-imvyaro-burundi\/","title":{"rendered":"\u00ab\u00a0Pilule du lendemain\u00a0\u00bb, akanini gafise ubukazi buruta incuro 10 ibinini bisanzwe"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abantu batari bake barahurumbira vya binini vyo kwikingira imbanyi vyihuse mu masaha 72 ari vyo bita \u00ab pilule du lendemain \u00bb. Ariko n\u2019ubwo biri ukwo ngo si vyiza ko umuntu yovyihereza atabonanye n\u2019abaganga ngo babanze bamenye ingene amagara yabo yifashe kuko bishobora kubazanira ingaruka mbi ku magara yabo.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ku bijanye n\u2019ico kinini co gukinga imbanyi, Claudine (uw\u2019izina ryahinduwe) agira ati&nbsp;<em>:<\/em> \u00ab<em> Jewe uko nakora imibonano mpuzabitsina ni ko naca nywa pilule du lendemain, kugira sinsame imbanyi ntipfuza. Inyuma yo kukanywa, naca mbona ubutinyanka hataragera, nkagwara umutwe udahera, nkayorwa, nkaguma ndibwa mu nda gushika aho numva ncitse intege. Naciye mfata ingingo yo kugaheba kuko nabona ko kohava kanyononera ubuzima. <\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Augustin Harushimana yanonosoye ivyerekeye irondoka rijanye n\u2019amagara meza akaba anarongoye ishirahamwe <a href=\"https:\/\/web.facebook.com\/MAABURUNDI?_rdc=1&amp;_rdr\">M.A.A Vyara Uheke<\/a> avuga ko ako kanini gakoreshwa mu gukinga imbanyi mu buryo bwihuse mu masaha 72 batagaha uwo ari we wese. Gahabwa abakobwa canke abagore bafashwe ku nguvu. Ako kanini gafise ubukazi buruta incuro icumi ibinini bisanzwe bikoreshwa buri munsi mu gutandukanya imvyaro mu muryango.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"rSvasRyf3D\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ibice-3-vyabakenyezi-ntibibonsa-abana-babo\/\">Mu Burundi, ibice 3% vy\u2019abakenyezi ntibonsa abana babo<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Mu Burundi, ibice 3% vy\u2019abakenyezi ntibonsa abana babo\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ibice-3-vyabakenyezi-ntibibonsa-abana-babo\/embed\/#?secret=iOLY4wY6QG#?secret=rSvasRyf3D\" data-secret=\"rSvasRyf3D\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>\u00ab Pilule du lendemain \u00bb, si iyo kunywa bose<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Augustin Harushimana avuga ko ako kanini naho gakinga ku rugero rw\u2019ibice 95% iyo kanyowe mu masaha 24, kagakinga ku bice 85% gafashwe mu masaha 48 hamwe no ku bice 58% kuva ku masaha 48 gushika ku 72, ngo uwukanyoye kenshi na kenshi karamumerera nabi.<\/p>\n\n\n\n<p>Agira ati: \u00ab<em> Ako kanini karashobora kwegezayo canke kakanyarutsa ikirangaminsi c\u2019ubutinyanka umuntu w\u2019igitsina gore yahora afise, ivyo bikaba vyotuma aba atagishobora kumenya igihe yoshobara gusamirako imbanyi. Karatuma kandi uwakamize aguma ameneka umutwe, akabura inguvu, akayorwa, akagira iseseme, agatonekara mu mabere, akava uturaso dukeduke umwanya munini mu gihimba c\u2019irondoka, akaribwa mu nda, n\u2019ibindi bigenda vyibonekeza bivanye n\u2019umubiri w\u2019umuntu. <\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Uyo yanonosoye ivyerekeye irondoka rijanye n\u2019amagara meza avuga ko ivyo binini vyo kwikingira imbanyi n\u2019ubwo ababikoresha baja ku bigura mu mazu adandarizwamwo imiti, ntivyari bikwiye ko babitanga ata rupapuro muganga yanditse. Kanatsinda mu Burundi uwo bigaragaye ko akeneye ako kanini, agahabwa ku buntu ku mavuriro atanga uburyo bwo kuvyara ku rugero, abapfa kubinywa batazi ingene amagara yabo yifashe bikwegera muri kazoza ingwara batazokwitura.<\/p>\n\n\n\n<p>Harushimana amenyesha rero ko ivyo binini abantu bafise indwara y\u2019umutima, igisukari, abafise ibinure vyinshi, abagwaye indwara y\u2019amaraso atavura, igitigu, umuntu agwaye igituntu, uwugendana umugera wa Sida, intandara, abanywi b\u2019itabi, abafise kanseri yo mu mabere no mu rwinjiriro rw\u2019igitereko, abo bose ntibemerewe guhabwa utwo tunini kuko dutuma habaho ivumbuka ry\u2019umurindi w\u2019amaraso, utwo tunini tukaba impfagusa canke naho amaraso akavurira mu mitsi bikaba vyotuma umuntu agira ikibazo gikomeye ku magara yiwe.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abantu batari bake barahurumbira vya binini vyo kwikingira imbanyi vyihuse mu masaha 72 ari vyo bita \u00ab pilule du lendemain \u00bb. Ariko n\u2019ubwo biri ukwo ngo si vyiza ko umuntu yovyihereza atabonanye n\u2019abaganga ngo babanze bamenye ingene amagara yabo yifashe kuko bishobora kubazanira ingaruka mbi ku magara yabo. Ku bijanye n\u2019ico kinini co gukinga imbanyi, [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5615,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[603],"coauthors":[189],"class_list":["post-5612","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-amagara-ndoragitsina"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5612","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5612"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5612\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5619,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5612\/revisions\/5619"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5615"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5612"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5612"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5612"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5612"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}